Uwuheruka kuja mu bagize Inama Nyobozi
Ku wa gatatu mu gitondo, igenekerezo rya 5 Nyakanga 2012, imiryango ya Beteli yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no muri Kanada yaramenyeshejwe ko hariho umuvukanyi yongewe ku bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova. Mark Sanderson yatanguye kurangura iryo banga ku wa 1 Nyakanga 2012.
Umuvukanyi Sanderson yarerewe i San Diego, i Kaliforniya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, arerwa n’abavyeyi biwe bakirisu akaba yabatijwe ku wa 9 Ruhuhuma 1975. Yatanguye gukora ubutsimvyi ku wa 1 Nyakanga 1983 i Saskatchewan muri Kanada. Muri Kigarama 1990, yararonse urupapuro rw’umutsindo mu mugwi ugira indwi muri rya Shure rimenyereza abasuku (ubu rikaba ryitwa Ishure ry’ivya Bibiliya ry’abavukanyi batubatse) muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Umuvukanyi Sanderson yagenywe kuba umutsimvyi adasanzwe mw’izinga rya Terre-Neuve muri Kanada, muri Ndamukiza 1991. Amaze gusukura ari umusubirizi w’umucungezi w’umuzunguruko, yarasabwe kuba mu bagize umuryango wa Beteli wo muri Kanada muri Ruhuhuma 1997. Muri Munyonyo 2000, yarimuriwe kw’ishami ryo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, aho yakorera mu Rwego rutanga amakuru y’ivy’ubuvuzi.
Muri Nyakanga 2008, umuvukanyi Sanderson yaritavye Ishure ry’abagize komite y’ishami maze mu nyuma agenwa kuba mu bagize Komite y’ishami yo muri Filipine. Muri Nyakanga 2010, yarasabwe gusubira muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, aho yakorera ari umufasha muri Komite y’umurimo y’Inama Nyobozi.