Ikoraniro ry’intibagirwa
“IRI koraniro niryahera, uraza kuvuga uti: ‘Mu vy’ukuri iri ryari ikoraniro rya gitewokarasi riba buri mwaka ry’intibagirwa!’” Stephen Lett wo mu Nama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova akoresheje ayo majambo, yaratumye abantu benshi bari ng’aho barushiriza kwitegana igishika iryo koraniro. Bari bitavye ikoraniro riba buri mwaka rigira 126 rya Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania, ryabaye ku wa 2 Gitugutu 2010 mu Ngoro y’amateraniro y’Ivyabona vya Yehova iri mu gisagara ca Jersey, i New Jersey, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Ni ibintu bikurubikuru bimwebimwe ibihe vyashikirijwe muri ico kiringo c’intibagirwa?
Mu nsiguro itangura umuvukanyi Lett yashikirije, yaraciye irya n’ino mu buryo bukabura ibijanye n’umukogote wa Yehova wo mw’ijuru nk’uko udondorwa mu gitabu co muri Bibiliya ca Ezekiyeli. Uwo mukogote amahero kandi uninahaye ugereranya ishirahamwe ry’Imana, iryo Yehova agaba ijana kw’ijana. Umuvukanyi Lett yavuze ko igice co mw’ijuru c’ishirahamwe rya Yehova, ikigizwe n’ibiremwa vy’impwemu, kigenda kinyaruka nk’umuravyo, ukwo kukaba ari ukunyaruka kw’ivyiyumviro vya Yehova. Igice co kw’isi c’ishirahamwe rya Yehova Imana na co nyene kiguma kigenda. Umuvukanyi Lett yaravuze ibintu bitari bike biteye umunezero vyabaye muri iyi myaka ya vuba muri ico gice kiboneka c’ishirahamwe ry’Imana.
Nk’akarorero, amashami atari make ariko arashirwa hamwe, ivyo bikaba bizotuma abantu benshi bahora bakorera muri Beteli zo muri ivyo bihugu bitunira ku gikorwa co kwamamaza. Umuvukanyi Lett yahimirije abari ng’aho kuguma basenga basaba ko Inama Nyobozi, yo iserukira wa mugwi w’umushumba, itobandanya gusa kuba inyizigirwa ariko kandi ikaba inkerebutsi, ari kwo kugira ubwenge.—Mat. 24:45-47.
Amaraporo aremesha be n’ibiganiro vyo kubaza ibibazo bikora ku mutima
Uwitwa Tab Honsberger, akaba ari mu bagize Komite y’ishami muri Hayiti, yarashikirije raporo ikora ku mutima y’ivyabaye inyuma y’aho ca kinyamugigima gitereye ku wa 12 Nzero 2010, kino kikaba carahitanye abantu bashika 300.000 muri ico gihugu. Yavuze yuko abakuru b’amadini bagumye babwira abantu yuko Imana yari yahanye abo bantu bahitanywe n’ico kinyamugigima kubera ko batagira ukwizera, muri ico gihe nyene igakingira abeza. Yamara, abantu ibihumbi n’ibihumbi b’inkozi z’ikibi katwa barasohotse badora igihe impome z’agasho zabomoka kubera ico kinyamugigima. Ni co gituma abanyahayiti benshi b’umutima nziraburyarya bahumurizwa iyo bamenye igituma ibihe turimwo bidurumbanye gutyo. Umuvukanyi Honsberger yarasubiyemwo ivyo umuvukanyi umwe w’umwizigirwa wo muri Hayiti yari yabuze umugore wiwe ahitanywe n’ico cago yavuze, ati: “Gushika n’ubu ndacakorora amosozi. Sinzi aho nzohereza gutuntura, mugabo ndahimbawe no kwibonera urukundo ishirahamwe rya Yehova rigaragaza. Ndafise icizigiro, kandi niyemeje kukibwira abandi.”
Mark Sanderson, ubu akaba ari umwe mu bagize umuryango wa Beteli w’i Brooklyn, yarashikirije raporo ku bijanye na Filipine. Kubera ko yigeze kuba umwe mu bagize Komite y’ishami muri ico gihugu, yarahimbawe no kuvuga ukuntu igitigiri c’abamamaji b’Ubwami cagiye kiraduga incuro 32 zikurikirana be n’ukuntu inyigisho za Bibiliya ziruta kure n’iyo igitigiri c’abamamaji. Yaravuze ivyerekeye umuvukanyi yitwa Miguel yiciwe umwuzukuru. Miguel yarakoze uko ashoboye kwose kugira ngo uwo mwicanyi acirwe urubanza maze atabwe mw’ibohero. Mu nyuma, igihe Miguel yariko aramamaza muri iryo bohero, yarabonanye n’uwo mwicanyi. Naho Miguel yahagaritse umutima, yaramuvugishije abigiranye ubwitonzi n’umutima mwiza. Amaherezo yariganye n’uwo mugabo, uno akaba yavyakiriye neza akaba kandi yahavuye akunda Yehova. Ubu yarabatijwe. Miguel ni umugenzi wiwe pfampfe kandi ariko arakora uko ashoboye kwose kugira ngo uwo muntu aheruka kuba umuvukanyi wiwe apfungurwe ningoga.a
Haciye hakurikira ikiganiro co kubaza ibibazo cari gihagarikiwe na Mark Noumair, umwigisha mu Rwego rujejwe amashure y’ivya gitewokarasi. Yarabajije ibibazo imiryango itatu, ni ukuvuga Alex Reinmueller n’umukenyezi wiwe Sarah, David Schafer n’umukenyezi wiwe Krista hamwe na Robert Ciranko n’umukenyezi wiwe Ketra. Alex Reinmueller, akaba afasha muri Komite ijejwe gusohora ibitabu, yaravuze ukuntu ukuri yakugize ukwiwe igihe yari umutsimvyi muri Kanada afise imyaka 15 gusa, akenshi akaba yakora ari wenyene. Igihe umuvukanyi Reinmueller yasabwa kuvuga abantu bagize ikintu kinini bakoze kuri we muri Beteli, yavuze abagabo batatu b’abizigirwa aca yerekana ukuntu umwe wese muri bo yari yaramufashije gutera imbere mu vy’impwemu. Umukenyezi wiwe Sarah yaravuze ibijanye n’ubugenzi yari afitaniye na mushiki wacu umwe yamaze imyaka mirongo ari mu mabohero y’Abashinwa ahorwa ukwizera kwiwe. Sarah yavuze yuko yize kwiheka kuri Yehova biciye kw’isengesho.
David Schafer, akaba afasha muri Komite nshingwanyigisho, yarashemagije nyina kubera ukwizera gukomeye yari afise yongera aravuga ibijanye n’abavukanyi bǎkora igikorwa co kwicira ibiti, bano bakaba baramufashije gukora ubutsimvyi bwo gufasha akiri muto. Umukenyezi wiwe Krista yaravuganye igishika ukuntu abageze mu zabukuru bo mu muryango wa Beteli bamugizeko akosho keza, bano bakaba barabaye ‘abizigirwa muri bitoyi,’ nk’uko Yezu yavyerekanye.—Luka 16:10.
Robert Ciranko, akaba afasha muri Komite ijejwe ivyo kwandika, yaravuganye akamwemwe ivyerekeye ba sekuru na ba inakuru biwe bane, bano bakaba bari Abanyahongiriya b’abimukira bakaba n’abakirisu barobanuwe. Akiri agahungu, yarakozwe ku mutima igihe yitaba amahwaniro maninimanini mu myaka ya 1950 akamenya yuko ishirahamwe rya Yehova ari rinini kuruta kure n’iyo ishengero yarimwo. Umukenyezi wiwe Ketra yaravuze ukuntu yize ibijanye no kudahemuka igihe yari umutsimvyi mw’ishengero ryari ryarasinzikajwe n’ubuhuni be n’izindi ngorane. Yarihanganye maze mu nyuma arungikwa gukorera ubutsimvyi budasanzwe mw’ishengero rimwe aho yakozwe ku mutima cane n’ubumwe bwari muri ryo.
Ubukurikira, Manfred Tonak yarashikirije raporo yerekeye Etiyopiya. Ico gihugu ni ico kuva mu bihe vya Bibiliya, ubu kikaba kirimwo abamamaji b’inkuru nziza barenga 9.000. Benshi muri bo baba ku murwa mukuru Addis-Abeba canke hafi yaho. Ni co gituma uturere turi kure cane dukeneye kurushiriza kwitwararikwa. Kugira ngo ico kibazo gitorerwe inyishu, Ivyabona b’Abanyetiyopiya baba mu bindi bihugu barasabwe kuza kwamamaza mu turere tumwetumwe two muri ico gihugu turi kure cane. Benshi baraje, bararemesha Ivyabona bo muri ako karere, bongera bararonka ababumviriza.
Igice nyamukuru c’iyo porogarama cari kigizwe n’insiguro y’ibice vyinshi yerekeye Ivyabona vya Yehova bo mu Burusiya be n’imburano zabo. Aulis Bergdahl wo muri Komite y’ishami mu Burusiya yariganye ukuntu Ivyabona bo mu Burusiya bahamwe, na canecane i Moscou. Philip Brumley wo mu Rwego rujejwe ivy’amategeko kw’ishami rya Leta Zunze Ubumwe yaravuze ibintu biteye akamwemwe vyabaye mu mezi aheze igihe ya Sentare y’Abanyaburaya ijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu yumviriza vya birego icenda vyaregwa Ivyabona. Iyo Sentare, ata n’umwe avuyemwo yasanze ata kirego na kimwe muri ivyo icenda gifise ishingiro, akatari gake ikaba mbere yaragira akigoro ko gusigura igituma ivyo birego ari ibinyoma. Naho tukirindiriye kuraba ikizovamwo, umuvukanyi Brumley yavuze afise icizigiro yuko urubanza iyo Sentare yaciye rushobora kuzogira ico rukoze ku manza zo mu bindi bihugu.
Ayo makuru ateye akamwemwe arangiye, umuvukanyi Lett yaramenyesheje yuko iyo Sentare yabonye ko rwa rubanza rujanye n’amakori y’umurengera leta y’Ubufaransa iburana n’Ivyabona vya Yehova rwoshobora kwungururizwa muri iyo Sentare. Iyo Sentare yubahwa cane yemera imanza nkeyi cane mu zo bayishikirije. Gushika ubu, iyo Sentare iramaze kwihweza imanza 39 zerekeye Ivyabona vya Yehova, kandi 37 muri izo twarazitsinze. Umuvukanyi Lett yararemesheje abasavyi b’Imana bose kugumiza ico kibazo imbere ya Yehova biciye kw’isengesho.
Raporo ya nyuma yashikirijwe na Richard Morlan, akaba ari umwigisha muri rya Shure rigenewe abakurambere b’ishengero. Yaravuganye igishika ivyerekeye iryo shure be n’ukuntu abakurambere baryitavye bakengurutse.
Izindi nsiguro zashikirijwe n’abo mu Nama Nyobozi
Guy Pierce wo mu Nama Nyobozi yarashikirije insiguro ikora ku mutima yari ishingiye ku canditswe c’umwaka wa 2011 kivuga ngo ‘Nuhungire mw’izina rya Yehova.’ (Zef. 3:12) Yavuze yuko naho iki ari igihe giteye umunezero mu buryo butari bumwe ku basavyi ba Yehova, ko ari n’igihe gihambaye, gituma umuntu azirikana. Umusi uhambaye wa Yehova uri hafi; yamara abantu barabandanya kuronderera ubuhungiro mw’idini ry’ikinyoma, mu nzego z’ivya politike, mu butunzi, mu vyo kwigira sindabibazwa no mu bindi nk’ivyo. Kugira ngo turonke ubuhungiro nyakuri, turakeneye kwambaza izina rya Yehova, ivyo bikaba birimwo kumenya nyene iryo zina, kumwubaha bimwe bigera kure no kumwizigira, tukamukunda dukoresheje ibintu vyose dutunze.
Ubukurikira, David Splane wo mu Nama Nyobozi yarashikirije insiguro ituma umuntu azirikana ifise umutwe uvuga ngo: “Woba warinjiye mu karuhuko k’Imana?” Yavuze yuko akaruhuko k’Imana kadasobanura ko ata co ikora, kuko Yehova n’Umwana wiwe ‘bagumye bakora’ muri uwo musi w’akaruhuko w’ikigereranyo kugira ngo batume umugambi Imana ifitiye ivyaremwe vyo kw’isi uranguka neza. (Yoh. 5:17) Dushobora gute none kwinjira mu karuhuko k’Imana? Kwirinda igicumuro no kwirinda kurondera kuba abagororotsi biciye ku bikorwa vyacu bwite, ni bimwe mu bintu vyodufasha kwinjira muri ako karuhuko. Turakeneye kugira ukwizera no kubaho dufise umugambi w’Imana mu bwenge, tugakora uko dushoboye kwose kugira ngo uwo mugambi utere imbere. Rimwe na rimwe, ivyo vyoshobora kuba urugamba rudasanzwe, mugabo turakeneye kwemera impanuro duhabwa n’ishirahamwe rya Yehova no kubaho duhuza n’ubuyobozi ritanga. Umuvukanyi Splane yahimirije abari ng’aho bose gukora uko bashoboye kwose kugira ngo binjire mu karuhuko k’Imana.
Insiguro ya nyuma yashikirijwe na Anthony Morris wo mu Nama Nyobozi, ikaba yari ifise umutwe uvuga ngo “Turindiriye iki?” Mu kwerekana ko ibintu vyihutirwa kandi abigiranye igishika ca kivyeyi, umuvukanyi Morris yaribukije abari ng’aho ibintu vyavuzwe mu buhanuzi bitarashika, akaba ari vyo abantu bose b’abizigirwa barindiranye umushasharo. Muri ivyo bintu harimwo akamo kerekeye “Amahoro n’umutekano!” hakabamwo n’ugutikizwa kw’idini ry’ikinyoma. (1 Tes. 5:2, 3; Ivyah. 17:15-17) Umuvukanyi Morris yaragabishije abantu kwirinda kuvuga ngo “Iyi itegerezwa kuba ari Harumagedoni,” igihe mu makuru havuzwe ibintu vyabaye bidashitsa ubwo buhanuzi. Yabasavye kugaragaza agatima k’umunezero, ukwihangana n’ukurindira kavugwa muri Mika 7:7. Muri ico gihe nyene, yarahimirije bose gusenyera ku mugozi umwe n’Inama Nyobozi, nka kurya nyene abasoda babigira igihe rukamvye. Yavuze ati: “Umutima wanyu ukomere, yemwe abarindiriye Yehova mwese!”—Zab. 31:24.
Mu gusozera, harashikirijwe amatangazo amwamwe ateye akamwemwe kandi y’intibagirwa. Geoffrey Jackson wo mu Nama Nyobozi yaramenyesheje ko hategekanywa gusohorwa integuro y’ukwiga y’Umunara w’Inderetsi iri mu congereza coroheje, igenewe abazi icongereza gike, ikazoba ari iyo kugerezako. Inyuma y’aho, Stephen Lett yaramenyesheje yuko Inama Nyobozi izotunganya ivy’uko abacungezi b’intara n’abakenyezi babo bo muri Leta Zunze Ubumwe bagenderwa cungere. Ubukurikira yaramenyesheje ko kuva ico gihe rya Shure rimenyereza abasuku ryokwiswe Ishure ry’ivya Bibiliya rigenewe abavukanyi batubatse. Yaramenyesheje kandi ibijanye n’ishure rishasha ryitwa Ishure ry’ivya Bibiliya rigenewe abakirisu bubakanye. Iryo shure rizotuma abubakanye baronka ukumenyerezwa kwiyongereye kugira ngo barushirize kugirira akamaro ishirahamwe rya Yehova. Umuvukanyi Lett yaramenyesheje kandi yuko Ishure ry’abacungezi b’ingenzi n’abakenyezi babo be n’Ishure ry’abagize komite y’ishami n’abakenyezi babo azoza aragirwa kabiri mu mwaka i Patterson. Yaravuze kandi yuko hatunganijwe ivy’uko abigeze kwitaba ayo mashure basubira kuyitaba ubugira kabiri.
Iyo porogarama yasozerewe mu buryo bukora ku mutima igihe John E. Barr w’imyaka 97, uno akaba yari amaze igihe kirekire ari mu bagize Inama Nyobozi, yatura isengesho ririmwo ukwicisha bugufi kandi rivuye ku mutima.b Iryo koraniro rirangiye, abari ng’aho bose bariyumvisemwo yuko uwo wari umusi w’intibagirwa vy’ukuri.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba Igitabu c’umwaka (Annuaire) c’Ivyabona vya Yehova co mu 2011, urupapuro rwa 62-63.
b Umuvukanyi Barr yarangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi ku wa 4 Kigarama 2010.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 19]
Ibiganiro vyo kubaza ibibazo vyararyoheye abari ng’aho bose
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 20]
Yehova yarahezagiye igikorwa co kwamamaza muri Etiyopiya