ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/11 rup. 4
  • Ikinyoma catumye Imana ibonwa ko itagira izina

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikinyoma catumye Imana ibonwa ko itagira izina
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Izina ry’Imana
    Be maso!—2017
  • Imana yitwa nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Ukuntu ushobora kumenya izina ry’Imana
    Be maso!—2004
  • Kubera iki dukwiye gukoresha izina ry’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/11 rup. 4

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IBINYOMA VYATUMYE ABANTU BADAKUNDA IMANA

Ikinyoma catumye Imana ibonwa ko itagira izina

IVYO BENSHI BEMERA

“Ntiturumvikana nimba twonavuga ko Imana ifise izina, canke ngo tumenye iryo ari ryo nimba irifise.”—Vyavuzwe n’umuhinga mu vy’idini yitwa David Cunningham, mu gitabu Theological Studies.

ICO BIBILIYA IBIVUGAKO

Imana yavuze iti: “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.” (Yesaya 42:8) Yehova ni izina ry’igiheburayo risobanura ngo “Atuma biba.”—Raba Inyongera ya 1 ku ngingo ya 1 muri Bibiliya y’isi nshasha.

Yehova yipfuza ko dukoresha izina ryiwe. Bibiliya ivuga iti: “Nimwambaze izina ryiwe. Nimumenyeshe mu bisata vy’abantu ivyo akora. Nimuvuge yuko izina ryiwe rishizwe hejuru.”​—Yesaya 12:4.

Yezu yarakoresha izina ry’Imana. Ku bijanye n’abigishwa biwe, yasenze Yehova ati: “Narabamenyesheje izina ryawe, kandi nzorimenyekanisha.” Ni kubera iki none Yezu yamenyesheje abigishwa biwe izina ry’Imana? Yabandanije ati: “Kugira ngo urukundo wankunze rube muri bo nanje nunge ubumwe na bo.”​—Yohani 17:26.

IGITUMA BIHAMBAYE

Umwigisha w’ivy’idini yitwa Walter Lowrie yanditse ati: “Umuntu atazi izina ry’Imana nta yo aba azi vy’ukuri, kandi ntashobora kuyikunda mu gihe yoba yiyumvira gusa ko Imana ari inguvu nsigabwenge.”

Umugabo umwe yitwa Victor, buri ndwi yahora aja gusenga, ariko yabona ko atazi Imana vy’ukuri. Avuga ati: “Igihe namenya ko izina ry’Imana ari Yehova, wamenga ni ho ngitangura kuyimenya. Numvise umengo ngiye nabona uwo nari maze igihe numva amakuru menshi amwerekeye. Nahavuye mbona ko Imana ibaho koko nongera ndagiranira ubucuti na yo.”

Yehova na we ariyegereza abantu bakoresha izina ryiwe. Ku bijanye n’ “abiyumvira izina ryiwe,” asezerana ati: “Nzobagirira impuhwe nk’uko umuntu agirira impuhwe umwana wiwe amukorera.” (Malaki 3:16, 17) Imana iraha impera abambaza izina ryayo. Bibiliya ivuga iti: “Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokizwa.”​—Abaroma 10:13.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika