ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp19 no. 1 rup. 4-5
  • Imana yitwa nde?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana yitwa nde?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IGITUMA IZINA RY’IMANA RIHAMBAYE
  • ICO IRYO ZINA RIHISHURA
  • Izina ry’Imana
    Be maso!—2017
  • Kubera iki dukwiye gukoresha izina ry’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Nutere iteka izina rya Yehova rihambaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ukuntu izina ry’Imana rikoreshwa be n’insobanuro yaryo
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
wp19 no. 1 rup. 4-5

Imana yitwa nde?

Igihe ushaka kumenya umuntu, ikintu ca mbere wokora ni ukumubaza uti: “Witwa nde?” None hamwe wobaza Imana ico kibazo, yokwishura gute?

“Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.”​—Yesaya 42:8.

Woba ari ho ucumva iryo zina? Vyoshoboka, kuko abahinduzi benshi ba Bibiliya bakoresha gake cane canke ntibakoreshe namba izina ry’Imana. Akenshi barisubiriza izina ry’icubahiro MUKAMA canke UHORAHO. Ariko rero mu ntango, izina ry’Imana ryaraboneka muri Bibiliya incuro zishika 7.000. Iryo zina rigizwe n’indome zine z’indagi z’igiheburayo ari zo YHWH canke JHVH, mu kirundi rikaba rikunze guhindurwa ngo “Yehova.”

Izina ry’Imana mu mizingo yatowe ku Kiyaga c’umunyu, mu giheburayo

Umuzingo watowe ku Kiyaga c’umunyu mu kinjana ca mbere, mu GIHEBURAYO

Izina ry’Imana muri Bibiliya ya Tyndale, mu congereza

Bibiliya ya Tyndale yo mu 1530, mu CONGEREZA

Izina ry’Imana muri Bibiliya yitwa Reina-Valera, mu gisupanyoli

Bibiliya yitwa Reina-Valera yo mu 1602, mu GISUPANYOLI

Izina ry’Imana muri Bibiliya yitwa Union Version, mu gishinwa

Bibiliya yitwa Union Version yo mu 1919, mu GISHINWA

Izina ry’Imana riraboneka kenshi mu Vyanditswe vy’igiheburayo no muri Bibiliya nyinshi

IGITUMA IZINA RY’IMANA RIHAMBAYE

Imana ubwayo ibona ko rihambaye. Nta muntu n’umwe yahaye Imana iryo zina; ni yo yaryihaye. Yehova yavuze ati: “Iryo ni ryo zina ryanje gushika igihe kitagira urugero, kandi ico ni co cibutso canje iyaruka ku rindi.” (Kuvayo 3:15) Muri Bibiliya, izina ry’Imana ni ryo riboneka incuro nyinshi kuruta amazina yayo y’icubahiro yose, nka Mushoboravyose, Data, Umukama canke Imana. Vyongeye, riraboneka kenshi kuruta ayandi mazina yose, nka Aburahamu, Musa, Dawidi canke Yezu. Ikindi kandi, Yehova yipfuza ko izina ryiwe rimenyekana. Bibiliya ivuga iti: “Kugira bamenye yuko wewe, uwitwa Yehova, ari wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.”​—Zaburi 83:18.

Yezu abona ko iryo zina rihambaye. Muri rya sengesho rya Dawe wa twese, Yezu yigishije abayoboke biwe gusaba Imana bati: “Izina ryawe niryezwe.” (Matayo 6:9) Yezu ubwiwe yasenze Imana ati: “Data, ninahaza izina ryawe.” (Yohani 12:28) Yezu yaritwararika cane kuninahaza izina ry’Imana mu buzima bwiwe, akaba ari co gituma yavuze mw’isengesho ati: “Narabamenyesheje izina ryawe, kandi nzorimenyekanisha.”​—Yohani 17:26.

Abazi Imana babona ko iryo zina rihambaye. Abasavyi b’Imana ba kera baratahura ko gukingirwa no gutabarwa kwabo vyari bifitaniye isano n’izina ry’uruharo ry’Imana. Bibiliya igira iti: “Izina rya Yehova ni umunara ukomeye. Umugororotsi awirukiramwo agakingirwa.” (Imigani 18:10) Yongerako iti: “Umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokira.” (Yoweli 2:32) Bibiliya irerekana ko abasavyi b’Imana bokwitiriwe izina ryayo. Igira iti: “Ibisata vy’abantu vyose bizogendera kimwekimwe cose mw’izina ry’imana yaco; ariko tweho tuzogendera mw’izina rya Yehova Imana yacu gushika igihe kitagira urugero, egome, ibihe bidahera.”​—Mika 4:5; Ivyakozwe 15:14.

ICO IRYO ZINA RIHISHURA

Iryo zina ni ryo ridondora neza Imana. Abahinga benshi mu vya Bibiliya bavuga ko izina Yehova risobanura ngo “Atuma bicika ukuntu.” Yehova Imana yaraduhaye iciyumviro ku bijanye n’insobanuro y’izina ryiwe igihe yabwira Musa ati: “Nzocika ico nzocika.” (Kuvayo 3:14) Insobanuro y’izina ry’Imana rero ntigarukira ku kuba ari Umuremyi w’ibiriho vyose. Izina ryayo rirashira ahabona ko ashoboye gutuma we ubwiwe be n’ivyo yaremye bicika ico ashaka cose kugira arangure umugambi wiwe. Amazina y’icubahiro y’Imana aradondora ikibanza ifise, ubukuru bwayo n’ubushobozi bwayo. Ariko izina ryayo Yehova ni ryo ryonyene ridondora ico iri be n’ico ishobora kuba.

Iryo zina riratwereka ko Imana itwitaho. Insobanuro y’izina ry’Imana irerekana ko yama yitwararika ivyo yaremye, na twebwe turimwo. Vyongeye, kuba Imana yaramenyekanishije izina ryayo birerekana ko ishaka ko tuyimenya. Nakare, ni yo yibwirije kutumenyesha izina ryayo tutiriwe turayibaza. Biratomoye rero ko Imana ishaka ko tumenya yuko ibaho koko be n’uko dushobora kuyiyegereza, aho kuyibona nk’ikimana kitazwi kandi kiri kure.​—Zaburi 73:28.

Gukoresha izina ry’Imana birerekana ko tuyitaho. Tubitangire akarorero: Woshobora gusaba umuntu wipfuza ko akubera umugenzi ngo azoze araguhamagara mw’izina. Wokwumva umerewe gute hamwe uwo muntu yoguma yanka gukoresha izina ryawe. Woteba ukibaza nimba yipfuza vy’ukuri kuba umugenzi wawe. Ni ko bimeze no ku Mana. Yehova yarabwiye abantu izina ryiwe kandi adusaba kurikoresha. Iyo tubigize, tuba tumweretse ko twipfuza kumwiyegereza. Mbere arabona “abiyumvira izina ryiwe,” ni ukuvuga abariha agaciro.​—Malaki 3:16.

Kumenya izina ry’Imana ni yo ntambwe ya mbere ihambaye kugira tuyimenye. Ariko ntidukwiye kugarukira aho. Turakeneye kumenya neza nyene iryo zina, tukamenya ingene ameze.

IMANA YITWA NDE? Imana yitwa Yehova. Iryo zina riradondora neza Imana, rikerekana ko ishoboye kurangura umugambi wayo

IMANA YAREMWE NA NDE?

Ico ni ikibazo abantu benshi bahora bibaza. Kumbure na wewe uramaze kucibaza. Woshobora kwibaza uti: Nimba ibiriho vyose bifise uwabiremye, Imana yo yaremwe na nde?

Abahinga muri rusangi baremera ko isi n’ibindi bisyo vyo mu kirere vyose vyagize intango. Umurongo wugurura Bibiliya na wo nyene uremeza ico kintu uti: “Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi.”​—Itanguriro 1:1.

Ivyo bintu ntivyari gushobora kwishiraho. Nta na kimwe gishobora kubaho ata wagishizeho. Iyaba ata Muremyi yariho imbere y’uko isi n’ibindi bisyo biremwa, ntivyobaye biriho uno musi. Naho tutoshobora kubitahura ijana kw’ijana, hategerezwa kuba hariho Umuremyi yamaho yatumye vyose bibaho. Yehova Imana, akaba ari impwemu y’ububasha n’ubukerebutsi ntangere, ni we yatumye ivyo bintu bibaho.​—Yohani 4:24.

Bibiliya ivuga ku vyerekeye Imana iti: “Imbere y’uko imisozi ivuka, imbere y’uko utangura kuvyara isi be n’ubutaka bwimbuka, nko mu bubabare bw’ibise, mbere kuva igihe kitagira urugero gushika igihe kitagira urugero, uri Imana.” (Zaburi 90:2) Imana rero yamyeho, maze “mu ntango” irarema ivyo tubona vyose.​—Ivyahishuwe 4:11.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika