ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/3 rup. 24-28
  • Nutere iteka izina rya Yehova rihambaye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nutere iteka izina rya Yehova rihambaye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ICO BISOBANURA KUMENYA IZINA RY’IMANA
  • YEHOVA YARAKOZE AHUZA N’IZINA RYIWE
  • IZINA RYIWE RIRAHAMBAYE
  • IGISATA GISHASHA CITIRIRWA IZINA RY’IMANA
  • NUGENDERE MW’IZINA RYA YEHOVA
  • Yehova arashira hejuru izina ryiwe
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Izina ry’Imana
    Be maso!—2017
  • Imana yitwa nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Ukuntu ushobora kumenya izina ry’Imana
    Be maso!—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/3 rup. 24-28

Nutere iteka izina rya Yehova rihambaye

“Nzoninahaza izina ryawe gushika igihe kitagira urugero.”—ZAB. 86:12.

WOSHOBORA KUBISIGURA?

  • Kumenya izina ry’Imana bisobanura iki?

  • Yehova yahishuye gute izina ryiwe intambwe ku yindi?

  • Kugendera mw’izina rya Yehova bisobanura iki?

1, 2. Mu buryo butandukanye n’amadini y’abiyita abakirisu, Ivyabona vya Yehova babona gute izina ry’Imana?

MURI rusangi, amadini y’abiyita abakirisu yaritandukanije n’izina ry’Imana. Nk’akarorero, Bibiliya imwe (Revised Standard Version) ivuga mu kajambo kayo k’intango iti: “Ivyo gukoresha izina iryo ari ryo ryose ry’uruharo mu kuvuga Imana imwe rudende . . . ntibijanye na gato n’ukwemera kw’idini rya gikirisu kw’isi yose.”

2 Ivyabona vya Yehova bobo barahimbarwa no kwitirirwa izina ry’Imana hamwe no kurininahaza. (Soma Zaburi 86:12; Yesaya 43:10.) Vyongeye, tubona ko ari agateka gutahura insobanuro y’iryo zina be na ca kibazo kiraba ibiremwa vyose kijanye n’ukwezwa kwaryo. (Mat. 6:9) Ariko rero, ako ni agateka tudakwiye kwigera dufata minenerwe. Ku bw’ivyo, nimuze twihweze ibi bibazo bitatu bihambaye: Bisobanura iki kumenya izina ry’Imana? Ni gute Yehova yakoze ahuza n’izina ryiwe rihambaye, gutyo agatuma rirushiriza kuba irininahaye? Kandi dushobora gute kugendera mw’izina rya Yehova?

ICO BISOBANURA KUMENYA IZINA RY’IMANA

3. Kumenya izina ry’Imana bisobanura iki?

3 Kumenya izina ry’Imana bisobanura n’ibindi uretse gusa kumenya ijambo “Yehova.” Bisobanura kumenya ukuntu Yehova azwi, kamere ziwe, umugambi wiwe be n’ibikorwa yakoze nk’uko bihishurwa muri Bibiliya, nk’akarorero ivyo yagiriye abasavyi biwe. Birumvikana ko Yehova adufasha gutahura ivyo bintu intambwe ku yindi, yisunze iranguka ry’umugambi wiwe. (Imig. 4:18) Yehova yarahishuriye izina ryiwe wa mugabo n’umugore ba mbere, ari na co gituma Eva yarikoresheje aho amariye kuvyara Kayini. (Ita. 4:1) Ba sekuruza b’imiryango b’abizigirwa ari bo Nowa, Aburahamu, Izahaki na Yakobo, bari bazi Izina ry’Imana. Vyongeye, uko Yehova yabahezagira, akabitwararika akongera akabahishurira imice itandukanye y’umugambi wiwe, ni ko barushiriza kuritahura. Musa yarafashijwe gutahura mu buryo budasanzwe izina ry’Imana.

Musa yari azi insobanuro y’izina ry’Imana, kandi ivyo vyarakomeje ukwizera kwiwe

4. Ni kubera iki Musa yabajije Imana izina ryayo, kandi ni kubera iki ico kintu cari kiraje ishinga Musa cumvikana?

4 Soma Kuvayo 3:10-15. Igihe Musa yari afise imyaka 80, Imana yaramuhaye itegeko rikomeye iti: “Ukure mu Misiri abantu banje, bene Isirayeli.” Musa abigiranye icubahiro, yaciye abaza ikibazo cari gifise insobanuro ikomeye. Ni nk’aho Musa yabajije ati: ‘Izina ryawe ni irihe?’ None ko izina ry’Imana ryari rizwi kuva kera, ico kibazo Musa yabajije cari gifise intumbero iyihe? Biboneka ko yipfuza kumenya vyinshi ku vyerekeye nyene iryo zina, ivyo bikaba vyojijuye abantu b’Imana yuko yobarokoye vy’ukuri. Ico kintu cari kiraje ishinga Musa cari gifise ishingiro, kuko Abisirayeli bari bamaze igihe ari abashumba. Bari gushobora kwibaza nimba Imana ya ba sekuruza babo yoshoboye kubarokora. Nkako, Abisirayeli bamwebamwe mbere bari baratanguye gusenga imana zo mu Misiri!—Ezk. 20:7, 8.

5. Ni gute Yehova yatumye izina ryiwe rirushiriza gutahurwa mu vyo yishuye Musa?

5 Yehova yishuye gute ikibazo ca Musa? Mu vyo yavuze harimwo ibi: “Ibi ni vyo uzobwira bene Isirayeli: ‘NZOCIKA yabantumyeko.’”a Yaciye yongerako ati: “Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu . . . yabantumyeko.” Imana yahishuye yuko izoba ico igomba kuba cose kugira ngo ishitse umugambi wayo, yuko izokwama ishitsa iryo yavumereye. Ni co gituma ku murongo wa 15 dusoma ko Yehova ubwiwe yavuze ati: “Iryo ni ryo zina ryanje gushika igihe kitagira urugero, kandi ico ni co cibutso canje iyaruka ku rindi.” Ese ukuntu ivyo bintu Musa yahishuriwe bitegerezwa kuba vyarakomeje ukwizera kwiwe vyongera bituma atekerwa n’akoba!

YEHOVA YARAKOZE AHUZA N’IZINA RYIWE

6, 7. Ni gute Yehova yakoze ahuza n’izina ryiwe rihambaye?

6 Inyuma gato y’aho Yehova ashingiye igikorwa Musa, yarakoze ahuza n’insobanuro y’izina ryiwe mu ‘gucika’ Umurokozi wa Isirayeli. Yaracishije bugufi Misiri akoresheje vya vyago cumi vyatema bigatongora, muri ico gihe nyene arerekana ko imana z’Abanyamisiri ata co zishoboye, harimwo na Farawo. (Kuv. 12:12) Mu nyuma Yehova yaragabuyemwo kubiri Ikiyaga Gitukura, arayobora Isirayeli ayicishije muri co yongera aratuma Farawo n’ingabo ziwe basoma nturi. (Zab. 136:13-15) Muri ka “gahinga . . . kanini kandi gateye ubwoba,” Yehova yaracitse Umuzigamyi w’ubuzima igihe yaronsa abantu biwe imfungurwa n’amazi, abashobora kuba bava ku miliyoni zibiri bagashika ku miliyoni zitatu canke zirenga! Yaratumye mbere impuzu n’inkweto vyabo bidashira. (Gus. 1:19; 29:5) Egome, nta kintu na kimwe gishobora kubuza Yehova gukora ahuza n’izina ryiwe rihambaye. Mu nyuma yabwiye Yesaya ati: “Jewe—ndi Yehova, kandi uretse jewe nta mukiza ariho.”—Yes. 43:11.

7 Uwasubiriye Musa ari we Yosuwa, na we nyene yariboneye ibikorwa biteye akoba Yehova yakoreye mu Misiri no muri ka gahinga. Ni co gituma Yosuwa ari mu gupfa yabwiye Abisirayeli bagenziwe ajijutse rwose ati: “Murazi neza n’imitima yanyu yose n’ubuzima bwanyu bwose yuko ata jambo na rimwe mu majambo meza yose Yehova Imana yanyu yababwiye ritashitse. Yose yararangutse ku bwanyu. Nta jambo na rimwe muri yo ritashitse.” (Yos. 23:14) Egome, Yehova yarashikije neza iryo yavumereye, ni ukuvuga ko ‘yacitse.’

8. Ni gute Yehova akora ahuza n’izina ryiwe muri iki gihe?

8 No muri iki gihe, Yehova ‘aracika’ ukuntu. Abicishije ku Mwana wiwe, yaramenyesheje imbere y’igihe yuko mu misi ya nyuma, ubutumwa bw’Ubwami bwokwamamajwe “mw’isi yose.” (Mat. 24:14) Ni nde wundi atari Imana Mushoboravyose yari gushobora kumenyesha imbere y’igihe igikorwa nk’ico, akitwararika yuko gikorwa akongera agakoresha abantu benshi “batize kandi basanzwe” ngo bakirangure? (Ivyak. 4:13) Ku bw’ivyo, igihe tugira uruhara muri ico gikorwa, tuba vy’ukuri turiko turagira uruhara mw’iranguka ry’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Turatera iteka Data wa twese tukongera tukerekana ko tutavugana uburyarya igihe dusenga duti: “Izina ryawe niryezwe. Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.”—Mat. 6:9, 10.

IZINA RYIWE RIRAHAMBAYE

Farawo yaranse kwemera ko Yehova ari Imana

9, 10. Yehova yabandanije gute gutuma izina ryiwe rirushiriza kugira insobanuro biciye ku vyo yagiriye Isirayeli, kandi vyavuyemwo iki?

9 Gatoyi inyuma y’aho Isirayeli iviriye mu Misiri, Yehova yaracitse ikindi kintu ku basavyi biwe. Biciye kuri rya sezerano ry’Itegeko, yaracitse “umugabo abagaba,” aremera abikunze amabanga yose bijanye. (Yer. 3:14) Abisirayeli na bo baciye bacika umugore wiwe w’ikigereranyo, abantu bitirirwa izina ryiwe. (Yes. 54:5, 6) Igihe baba bamuyobokeye babikunze bakongera bakagamburuka amategeko yiwe, yarababera ‘Umugabo’ atagira agahaze. Yarabahezagira, akabazigama akongera akabaha amahoro. (Guh. 6:22-27) Gutyo izina rihambaye rya Yehova ryaraninahazwa mu mahanga. (Soma Gusubira mu vyagezwe 4:5-8; Zaburi 86:7-10.) Nkako, kuva Isirayeli ibayeho, abanyamahanga benshi barakwegerwa ku gusenga kw’ukuri. Ni nk’aho bavuze bimwe wa Munyamowabukazi Rusi yabwira Nawomi ati: “Abantu bawe bazoba abantu banje, n’Imana yawe ibe Imana yanje.”—Rusi 1:16.

10 Ivyo Yehova yagiriye Isirayeli mu myaka nka 1.500, vyarahishuye izindi kamere ziwe nyinshi. Naho iryo hanga ryigira ibiro biteze, Yehova yaguma acika “Imana y’inyembabazi” kandi “iteba gushavura.” Yari Imana yihangana kandi yiyumanganya bimwe bidasanzwe. (Kuv. 34:5-7) Ariko rero, ukwihangana kwa Yehova kwaragize aho kugarukira, ivyo bikaba vyashitse igihe ihanga ry’Abayuda ryatera akagere Umwana wiwe rikongera rikamwica. (Mat. 23:37, 38) Abakomoka kuri Isirayeli mu buryo bw’umubiri bararetse kuba abantu bitirirwa izina ry’Imana. Muri rusangi, barapfuye mu buryo bw’impwemu, nka kurya kw’igiti gikabiranye. (Luka 23:31) None ivyo vyagize ico bikoze gute ku kuntu babona izina ry’Imana?

11. Izina ry’Imana ryakuwe gute mw’ihanga rya Yuda?

11 Kahise kerekana ko Abayuda bahavuye batsimbataza agatima ko kwemera ibintazi ku bijanye n’izina ry’Imana, bakabona yuko ari ikintu badakwiye gucisha mu kanwa. (Kuv. 20:7) Buhorobuhoro izina ry’Imana ryarakuwe mu Bayuda. Nta gukeka ko vyababaje Yehova kubona izina ryiwe rikengerwa gutyo. (Zab. 78:40, 41) Ariko rero Imana, ‘iyo izina ryayo ari Munyeshari,’ biragaragara ko itobandanije iryitirira abantu bari barayihakanye na yo nyene ikabihakana. (Kuv. 34:14) Ico kintu kirakwiye gutuma tubona ko bihambaye kwubaha cane izina ry’Umuremyi wacu.

IGISATA GISHASHA CITIRIRWA IZINA RY’IMANA

12. Yehova yashizeho gute ca gisata citirirwa izina ryiwe cari caravuzwe?

12 Yehova abicishije kuri Yeremiya yarahishuye umugambi yari afise wo gushiraho “isezerano rishasha” yogiraniye n’ihanga rishasha, ari ryo Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. Yeremiya yavuze ko aborigize bose, ‘guhera ku muto muri bo gushika no ku wuhambaye kuruta abandi bose muri bo, bomenye Yehova.’ (Yer. 31:31, 33, 34) Ubwo buhanuzi bwatanguye kuranguka kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. igihe Imana yashiraho isezerano rishasha. Iryo hanga rishasha, ari ryo “Isirayeli y’Imana,” iryari rigizwe n’Abayuda be n’abatari Abayuda, ryaracitse “igisata ku bw’izina [ry’Imana],” ni ukuvuga “igisata citirirwa izina [ryiwe],” nk’uko Yehova yabivuze—Gal. 6:16; Soma Ivyakozwe 15:14-17; Mat. 21:43.

13. (a) Abakirisu bo mu ntango boba barakoresha izina ry’Imana? Sigura. (b) Ubona gute agateka ko gukoresha izina ry’Imana mu busuku urangura?

13 Kubera ko bari “igisata citirirwa izina [ry’Imana],” abagize iryo hanga ryo mu buryo bw’impwemu barakoresha izina ry’Imana, ivyo ata gukeka bakaba babigira igihe baba bariko barasubiramwo Ivyanditswe vy’igiheburayo.b Ni co gituma intumwa Petero yakoresheje izina ry’Imana incuro zitari nke igihe yashikiriza insiguro Abayuda n’abari barahindukiriye idini ryabo baturuka mu mihingo itandukanye y’isi kuri Pentekoti yo 33 G.C. (Ivyak. 2:14, 20, 21, 25, 34) Abakirisu bo mu ntango baratera iteka Yehova, na we agahezagira utwigoro bagira mu gikorwa co kwamamaza. No muri iki gihe nyene, Yehova arahezagira ubusuku turangura igihe dutangaza izina ryiwe duhimbawe tukongera tukaryereka abashimishwa muri Bibiliya zabo nimba bishoboka. Gutyo tuba tubamenyesheje Imana y’ukuri iyo ari yo. Ese ukuntu ari agateka kuri bo no kuri twebwe! Mu bihe bimwebimwe, kubamenyesha ico kintu vyoshobora gutuma bagiranira na Yehova ubucuti bwiza igitangaza buzorushiriza gukomera kandi bukazogumaho ibihe bidahera.

14, 15. Naho ubuhuni bwakwiragiye, ni igiki Yehova yakoze ku bijanye n’izina ryiwe ry’icibutso?

14 Mu nyuma ubuhuni bwaratanguye gukwiragira mw’ishengero rya gikirisu ryo mu ntango, na canecane inyuma y’urupfu rw’intumwa. (2 Tes. 2:3-7) Abigisha b’ikinyoma mbere baratanguye gukurikiza wa mugenzo w’Abayuda wo kudakoresha izina ry’Imana. Ariko none Yehova yari kureka izina ryiwe ry’icibutso rikazimangana? Ihibambewe! Ni ivy’ukuri ko muri iki gihe ata woshobora kwerekana ukuntu iryo zina ryaturwa, mugabo ryaragumyeho. Uko hagiye haraca igihe, ryarabonetse muri Bibiliya zitandukanye no mu bintu vyanditswe n’incabwenge mu vya Bibiliya. Nk’akarorero mu 1757, uwitwa Charles Peters yanditse ko izina “Yehova risa n’uko ari ryo riserura ukuntu Imana imeze” kuruta ayandi mazina yayo menshi y’icubahiro. Mu gitabu kimwe kivuga ibijanye n’ugusenga Imana co mu 1797, uwitwa Hopton Haynes yatanguye ikigabane ca 7 n’aya majambo agira ati: “YEHOVA izina ry’uruharo ry’IMANA mu Bayuda; akaba ari we wenyene basenga; nk’uko Kristu n’Intumwa ziwe na bo nyene babigira.” Uwitwa Henry Grew (1781-1862) uretse ko yakoresha izina ry’Imana, yaranemeye ko ryari ryarasizwe iceyi be n’uko ryabwirizwa kwezwa. Muri ubwo buryo nyene, uwitwa George Storrs (1796-1879), akaba yarakorana cane na Charles T. Russell, yarakoresha izina ry’Imana, nk’uko na Russell ubwiwe yarikoresha.

15 Umwaka wa 1931 wari uwudasanzwe, kubera ko ari ho Abatohoji ba Bibiliya bo kw’isi yose, ukwo akaba ari ko abasavyi b’Imana bitwa ico gihe, batangura kwitwa izina rishingiye ku Vyanditswe, ari ryo Ivyabona vya Yehova. (Yes. 43:10-12) Baramenyesheje rero mw’isi yuko bahimbarwa no kuba abasavyi b’iyo Mana yonyene y’ukuri, kuba “igisata ku bw’izina ryayo,” mu gushemeza iryo zina. (Ivyak. 15:14) Ivyo bintu biratwibutsa amajambo ya Yehova dusanga muri Malaki 1:11 agira ati: “Kuva iyo izuba rirasira gushika iyo rirengera, izina ryanje rizoba irihambaye mu mahanga.”

NUGENDERE MW’IZINA RYA YEHOVA

16. Ni kubera iki dukwiye kubona ko ari agateka kugendera mw’izina rya Yehova?

16 Umuhanuzi Mika yanditse ati: “Ibisata vy’abantu vyose bizogendera kimwekimwe cose mw’izina ry’imana yaco; ariko tweho tuzogendera mw’izina rya Yehova Imana yacu gushika igihe kitagira urugero, egome, ibihe bidahera.” (Mika. 4:5) Kuba Yehova yaremereye Abatohoji ba Bibiliya kwitirirwa izina ryiwe ntikari agateka gahambaye gusa. Vyaranabakuye amazinda yuko abemera. (Soma Malaki 3:16-18.) Ariko none tuvuge iki ku bikwerekeye wewe ubwawe? Woba uriko urita ku rutare kugira ngo “[ugendere] mw’izina rya Yehova”? Woba utahura ico ivyo bisaba?

17. Kugendera mw’izina ry’Imana bisaba iki?

17 Kugendera mw’izina ry’Imana bisaba n’imiburiburi ibintu bitatu. Ica mbere, dutegerezwa kubwira abandi iryo zina, bagatahura ko ‘abambaza izina rya Yehova ari bo bonyene bazokizwa.’ (Rom. 10:13) Ica kabiri, turakeneye kugaragaza kamere za Yehova, na canecane urukundo rwiwe. Ica gatatu, turagendera mw’izina ry’Imana igihe duhimbarwa no kuyobokera ingingo mfatirwako zayo zigororotse kugira ngo ntidusige iceyi izina ryeranda rya Data wa twese. (1 Yoh. 4:8; 5:3) Woba wiyemeje “[ku]gendera mw’izina rya Yehova Imana yacu gushika igihe kitagira urugero”?

18. Ni kubera iki abatera iteka izina rihambaye rya Yehova bose bahanga amaso kazoza bafise ukwizigira?

18 Vuba abo bose birengagiza canke bakengera Yehova bazobwirizwa kumumenya. (Ezk. 38:23) Aho harimwo abantu bameze nka Farawo, uwavuze ati: “Yehova ni nde, ngo ngamburukire ijwi ryiwe?” Emwe, ntiyatevye kumumenya! (Kuv. 5:1, 2; 9:16; 12:29) Ariko rero, twebwe twaramenye Yehova tubigiranye umutima ukunze. Turahimbarwa no kwitirirwa izina ryiwe no kuba igisata kigamburuka citirirwa izina ryiwe. Ku bw’ivyo, turahanga amaso kazoza twizigiye ivyo yasezeranye vyanditse muri Zaburi 9:10, ahagira hati: “Abazi izina ryawe bazokwizigira, kuko utazogenda uhevye abakurondera, Yehova we!”

a Izina ry’Imana ni imero y’irivuga ry’igiheburayo risobanura ngo “gucika ukuntu.” Ku bw’ivyo, “Yehova” bisobanura ngo “Atuma bicika ukuntu.”—Ita. 2:4 (Raba Bibiliya y’isi nshasha, Inyongera ya 1, ing. 1.)

b Ivyanditswe vy’igiheburayo vyakoreshwa n’abakirisu bo mu ntango vyarimwo za ndome zine zigize izina ry’Imana zitwa Tetaragarama, ari zo YHWH. Ibimenyamenya vyerekana ko ukwo nyene ari ko vyari ku bijanye n’amakopi ya mbere ya Bibiliya yitwa Septante, ikaba ari Bibiliya y’ikigiriki y’Ivyanditswe vy’igiheburayo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika