ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/5 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • Ni kubera iki Imana ireka hakaba ibibi be n’imibabaro?
    Inkuru nziza iva ku Mana
  • Ni kubera iki Imana ireka hakaba ikibi be n’imibabaro?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ni nde vy’ukuri aganza isi?
    Ni nde vy’ukuri aganza isi?
  • Kubera iki hari imibabaro myinshi?
    Bibiliya itwigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/5 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Ni nde vy’ukuri atwara iyi si?

Amashusho yerekana intambara, ubwicanyi, ubugizi bwa nabi n’ivyago vy’ivyaduka

Iyo Imana iba ari yo itwara iyi si, ubwo haba hari imibabaro myinshi gutya?

Abantu benshi bemera ko Imana y’ukuri ari yo itwara iyi si. Ariko none iyo Imana iba ari yo itwara iyi si, ubwo isi iba yuzuye imibabaro gutya? (Gusubira mu vyagezwe 32:4, 5) Bibiliya ivuga ko isi iri mu bubasha bw’umubisha.​—Soma 1 Yohani 5:19.

None vyagenze gute ngo umubisha yigarurire abantu? Igihe abantu batangura kubaho, hari umumarayika yagararije Imana maze yosha umugabo n’umugore ba mbere ngo na bo nyene bagararize. (Itanguriro 3:1-6) Uwo mugabo n’umugore bahisemwo kwumvira uwo mumarayika w’umugarariji Shetani, bamugira umutware wabo. Imana Mushoboravyose ni yo yonyene ifise uburenganzira bwo kuba Umutware, ariko ishaka ko abantu bahitamwo ubutegetsi bwayo babitumwe n’urukundo bayifitiye. (Gusubira mu vyagezwe 6:6; 30:16, 19) Ikibabaje ni uko abantu benshi bahenzwe bakagira ihitamwo ribi nk’iry’uwo mugabo n’umugore ba mbere.​—Soma Ivyahishuwe 12:9.

Ni nde azotorera umuti ingorane z’abantu?

Imana yoba izoreka Shetani akabandanya ubutegetsi bwiwe bubi? Haba namba! Imana izokoresha Yezu kugira akureho ibibi Shetani yakoze.​—Soma 1 Yohani 3:8.

Yezu abishobojwe n’Imana, azorandura Shetani. (Abaroma 16:20) Imana rero izoca itegeka abantu yongere itume babaho mu mahoro no mu gahimbare nk’uko yabigomba mu ntango.​—Soma Ivyahishuwe 21:3-5.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 3 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika