ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/8 rup. 7
  • Imana irarondera kukwiyegereza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imana irarondera kukwiyegereza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • Yehova yoba vy’ukuri akwitwararika?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Filipo Abátiza Umutware Munyetiyopiya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1996
  • Numenyeshe «inkuru nziza yerekeye Yezu»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
  • Umwungere yitwararikana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/8 rup. 7

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IMANA YOBA IKWITWARARIKA?

Imana irarondera kukwiyegereza

“Nta muntu ashobora kuza kuri jewe kiretse Data yandungitse amukwegereye.”​—YOHANI 6:44.

IGITUMA BAMWEBAMWE BAKEKERANYA: Abantu benshi bemera Imana usanga biyumvamwo yuko bari kure yayo. Umupfasoni umwe yitwa Christina wo muri Irlande yahora aja gusenga buri ndwi, avuga ati: “Nabona gusa ko Imana ari yo yaremye vyose. Ariko sinari ndayizi. Sinigeze numva ko ndi hafi yayo.”

ICO IJAMBO RY’IMANA RYIGISHA: Igihe bishitse tukumva turabuze iyo tuva n’iyo tuja, Yehova ntaca areka kudufasha. Yezu yaratanze ikigereranyo cerekana ukuntu Imana itwitwararika, ati: “Hamwe umuntu yoba afise intama ijana hanyuma imwe muri zo ikazimira, ntazosiga none zimwe mirongo icenda n’icenda ku misozi, akaja kurondera imwe yazimira?” None ivyo bitwigisha iki? “Na Dawe ari mw’ijuru ntibimuhimbara ko hagira n’umwe muri abo batoyi apfa.”​—Matayo 18:12-14.

“Umwe muri abo batoyi” wese arafise agaciro imbere y’Imana. None ni gute Imana ‘irondera uwazimiye’? Icanditswe cavuzwe mu ntango kivuga yuko Yehova akwegēra canke yiyegereza abantu.

Ivyabona vya Yehova bariko babwira umugabo ivyerekeye Bibiliya mu gisagara kinini

Ni bande bagendera abantu ku mihana yabo no mu bindi bibanza, kugira ngo bababwire ivyerekeye Imana?

Raba ukuntu Imana yibwirije kwiyegereza abantu bafise umutima utagira uburyarya. Mu kinjana ca mbere Inyuma ya Kristu, Imana yararungitse umwigishwa wa Yezu yitwa Filipo guhura n’umutegetsi umwe w’Umunyetiyopiya yari mu mukogote wiwe, kugira asigurire uwo mutegetsi ivyo yariko arasoma muri Bibiliya. (Ivyakozwe 8:26-39) Mu nyuma, Imana yarayoboye intumwa Petero kugira agendere intwazangabo y’Umuroma yitwa Koruneliyo yama asenga akongera akihatira guhimbara Imana. (Ivyakozwe 10:1-48) Imana yarayoboye n’intumwa Paulo n’abo bari kumwe ku ruzi rwari inyuma y’igisagara ca Filipi. Bahashitse, barahuye n’umugore yitwa Lidiya “[ya]senga Imana,” maze “Yehova yugurura cane umutima wiwe ngo yiteho” ibivugwa na Paulo.​—Ivyakozwe 16:9-15.

Muri utwo turorero twose, urabona ko Yehova yitwararitse kuronsa abo bose bamurondera akaryo ko kumumenya. None ni bande muri iki gihe bagendera abantu ku mihana yabo no mu bibanza bihuriramwo abantu benshi, kugira ngo babashikirize ubutumwa bwo muri Bibiliya bwerekeye Imana? Benshi bokwishura ko ari Ivyabona vya Yehova. Niwibaze uti: ‘Ubwo Imana ntiyoba iriko irabakoresha kugira ngo inyiyegereze?’ Tukuremesheje rero gusenga Imana ngo igufashe kwungukira ku twigoro igira kugira ngo ikwiyegereze.a

a Wipfuza ayandi makuru, ja kuri www.pr418.com urabe akavidewo kavuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika