ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/12 rup. 7
  • Nta coza kiruta ico mu buzima!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nta coza kiruta ico mu buzima!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • Woba wumva ko Imana ari umugenzi wawe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Kubera iki ukwiye kubandanya wiga Bibiliya?
    Inkuru nziza iva ku Mana
  • Urashobora kwiyegereza Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Woba ufitaniye na Yehova ubugenzi somambike?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/12 rup. 7
Umugabo ariko arasoma Bibiliya

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | URASHOBORA KUBA UMUGENZI W’IMANA

Nta coza kiruta ico mu buzima!

Wokora iki kugira ngo ube umugenzi w’Imana? Twabonye ibintu wokora kugira ube umugenzi w’Imana. Na vyo ni ibi:

  1. Kumenya izina ry’Imana, ari ryo Yehova, no kurikoresha.

  2. Kuza urayaga na yo biciye kw’isengesho no mu kwiga Ijambo ryayo Bibiliya.

  3. Kwama ukora ibihimbara Yehova.

Umugabo ariko arasenga

Nube umugenzi w’Imana mu gukoresha izina ryayo, mu kuyisenga, mu kwiga Ijambo ryayo, no mu gukora ivyo igomba

Ufatiye kuri ivyo, woba wovuga ko uriko urakora ibikenewe kugira ngo ube umugenzi w’Imana? Hoba hari ico ukeneye kuryohora? Naho bisaba akigoro, raba ivyiza bivamwo.

Uwitwa Jennifer wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ati: “Akigoro kose umuntu agira kugira ngo abe umugenzi w’Imana karavamwo ivyiza. Kuba umugenzi w’Imana bituma nironkera ivyiza vyinshi. Biratuma ndushiriza kuyizigira, gutahura ingene imeze, na canecane bigatuma ndushiriza kuyikunda. Nta coza kiruta ico mu buzima!”

Nimba wipfuza kuba umugenzi w’Imana, Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kugufasha. Barashobora kugufasha kwiga Bibiliya ku buntu. Vyongeye, baragutumiye ku makoraniro bagira yo kwiga Bibiliya abera ku Ngoro y’Ubwami yo mu karere ubamwo. Uzohasanga abandi bantu baha agaciro ubugenzi bafitaniye n’Imana.a Niwabigira, uzokwiyumva nk’umwanditsi w’amazaburi yavuze ati: “Nayo jewe, kwegera Imana bimbera vyiza.”​—Zaburi 73:28.

a Wipfuza uwukwigisha Bibiliya canke ugomba kumenya ahari Ingoro y’Ubwami hafi y’aho uba, urashobora kubaza uwaguhaye iki kinyamakuru. Urashobora no kuja ku muhora wacu wo kuri internet, ari wo www.pr418.com, ukaraba amaja hepfo ahavuga ngo KUTURONDERA.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika