ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/12 rup. 8-10
  • Timgad—Igisagara cari carazimanganye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Timgad—Igisagara cari carazimanganye
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UMUGAMBI W’IVYA POLITIKE WIHISHIJE
  • ICATUMYE UMUGAMBI W’ABAROMA UKUNDA
  • IGISAGARA CIZA CIBAGIRANWA
  • “UBWO NI BWO BUZIMA!”
  • Woba uvyibuka?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Amahanga yarateguwe ku bw’“inyigisho ya Yehova”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Igitabu wokwizigira—Igice ca 6
    Be maso!—2011
  • Ubukirisu bwo mu ntango be n’ibimana vy’i Roma
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/12 rup. 8-10
Ibisigarira vy’igisagara ca kera ca Thamugadi, igisigaye citwa Timgad

Timgad​—Igisagara cari carazimanganye

UMUGENDUZI umwe w’uturere w’intatinyurukamvye yaratangaye cane! Yari yubutse ku cibutso c’intsinzi c’Abaroma mu bugararwa bwo muri Aljeriya. Igice kimwe caco cari gipfutswe n’umusenyi. Uwo mugenduzi yari James Bruce wo muri Ekose. Igihe yubura ico cibutso mu 1765, ntiyari azi ko ahagaze ku bisigarira vy’igisagara kinini kuruta ibindi vyose Abaroma bubatse muri Afrika yo mu Buraruko. Ico gisagara kera citwa Thamugadi, ubu kikaba citwa Timgad.

Icibutso c’intsinzi c’Abaroma i Timgad

Haciye ikinjana kirenga, mu 1881, abacukuzi b’Abafaransa baratanguye gushira ahabona ibisigarira vy’igisagara ca Timgad vyari bikimeze neza. Naho hari ahantu h’ubugaragwa, barabonye ko abahaba bari bafise ubuzima bwiza cane. Ariko none, ni igiki catumye Abaroma bubaka igisagara giteye imbere aho hantu? Kandi ico gisagara ca kera be n’abantu bahaba bitwigisha iki?

UMUGAMBI W’IVYA POLITIKE WIHISHIJE

Igihe Abaroma bigarurira Afrika yo mu Buraruko mu kinjana ca mbere Imbere ya Kristu, bararwanijwe cane n’imigwi y’abantu yabaho yimukanga. Abaroma bari kubana amahoro gute n’abantu bo muri ako karere? Ubwa mbere, abasoda bo mu mugwi ugira gatatu w’inteko za Ogusito barubatse ibirindiro n’amakambi menshi yari azitijwe impome mu karere k’imisozi. Ubu ako karere kari mu buraruko bwa Aljeriya. Bahavuye bahubaka igisagara ca Timgad, ariko bacubaka bafise iyindi ntumbero.

Abaroma bavuze ko ico gisagara Timgad bacubakiye abasoda bakukurutse barwaniye Uburoma. Ariko mu vy’ukuri kwari ukugira ngo bagabanye inguvu z’abantu baho babarwanya. Barashitse ku co bipfuza. Abantu bazana ibidandazwa mu gisagara ca Timgad baratanguye gushimishwa n’ubuzima bwiza bwaho. Abaroma bonyene ni bo bari bemerewe kuba muri ico gisagara. Kubera ko abantu b’imvukira baho bipfuza kwemererwa kuhaba, barinjira mu gisoda c’Abaroma bakakimaramwo imyaka 25 kugira baronke ubwenegihugu bw’Abaroma bo hamwe n’abahungu babo.

Abanyafrika bamwebamwe ntibamazwe ipfa n’ukuronka ubwenegihugu bw’Abaroma. Bahavuye baronka n’ibibanza bikomeye i Timgad canke mu bindi bisagara vyaganzwa n’Abaroma. Umugambi wihishije Abaroma bari bafise wo gutuma imvukira zibana neza na bo warakunze. Haciye ikinjana kimwe gusa ico gisagara ca Timgad cubatswe, benshi mu bakibamwo bari abantu bo muri Afrika yo mu Buraruko.

ICATUMYE UMUGAMBI W’ABAROMA UKUNDA

Ibisigarira vy’isoko ry’i Timgad rifise inkingi ziryoheye ijisho n’udukingi tw’aho bashira ibidandazwa

Isoko rifise inkingi ziryoheye ijisho n’udukingi tw’aho bashira ibidandazwa

None vyagenze gute ngo abantu b’imvukira bemere ningoga kubana n’Abaroma? Ubwa mbere ni uko Abaroma bashaka ko abanyagihugu bangana imbere y’amategeko, ico kikaba ari iciyumviro catangujwe n’umutegetsi w’Umuroma yitwa Cicéron. Yaba abasoda barwaniye Uburoma canke Abanyafrika b’imvukira, bose baronka amatongo angana. Igisagara cari kigabuwe neza, kigizwe n’inyubakwa z’imetero 20 kuri 20. Izo nyubakwa zatandukanywa n’utuyira. Ukwo kuntu igisagara cari gitunganijwe kandi kigabuwe neza, bitegerezwa kuba vyaranezereje abanyagihugu.

Nk’uko vyari bisanzwe bigirwa mu bisagara vy’Abaroma, abanyagihugu barashobora guhurira mu kibanza c’ihuriro mu misi y’isoko kugira bumve amakuru agezweho canke bakine. Abantu b’imvukira bo mu misozi yo mu bugararwa yari mu micungararo, bashobora kuba bariyumvira bariko bagendagenda mu gitutu munsi y’inyubakwa zigizwe n’inkingi nyinshi ku musi izuba rimena imbwa agahanga, canke bibereye mu bwogero rusangi, bumva amazi ashororoka. Bashobora kuba bariha ishusho bari hafi y’amasôko y’amazi, bicaranye na bagenzi babo bariko baratera abiri. Ivyo vyose babibona nk’indoto.

Imva isharijwe n’amashusho y’imana z’ubutatu z’Abaroma n’iz’imvukira z’i Timgad

Imva isharijwe n’amashusho y’imana z’ubutatu

Ikibanza cakorerwamwo ibirori na co nyene kiri mu bintu vyatumye abantu bemera ningoga kubana n’Abaroma. Ico kibanza cakira abantu benshi barenga 3.500 bava i Timgad no mu bisagara vyo mu micungararo. Abakinyi bakina ibikino vyatuma abarorerezi babona ibintu vyo kwisamaza Abaroma bakunda. Kenshi wasanga birimwo ubusambanyi n’ubukazi.

Idini ry’Abaroma na ryo nyene ryaragize ico riterereye. Amazu y’ubwogero yari atatse amashusho agizwe n’uduceduce tw’amabara atandukanye tubengerana yerekana ivyo abapagani bemera. Kubera ko abantu bama bakenera kwoga, bahavuye batangura kumenyera imana z’Abaroma zari zishushanijwe aho hantu be n’idini ryabo. Gukundisha Abanyafrika imico y’Abaroma vyarakunze ku buryo imva zabo wasanga kenshi bazishariza n’amashusho y’imana z’ubutatu zabo n’iz’Abaroma.

IGISAGARA CIZA CIBAGIRANWA

Inyuma y’aho Umwami w’abami Trajan yubakiye ico gisagara mu mwaka wa 100 Inyuma ya Kristu, Abaroma baremesheje abantu kurima ibiterwa vy’intete no guhingura amavuta y’imyelayo n’umuvinyu hose muri Afrika yo mu Buraruko. Ako karere kararonsa Uburoma intete, amavuta n’umuvinyu be n’ibindi bintu vya nkenerwa. Igisagara ca Timgad carateye imbere cokimwe n’ibindi bisagara vyatwarwa n’Uburoma. Abanyagihugu baho bahavuye bongerekana ku buryo igisagara caguka kikarenga aho ibihome vyari bigikikuje vyashika.

Abantu baba muri ico gisagara be n’abari bifitiye amatongo maninimanini, barabaye abatunzi kubera urudandaza bagirana n’Uburoma. Mugabo abarimyi batobato nta kintu kinini bahungukira. Mu kinjana ca gatatu Inyuma ya Kristu, akarenganyo be n’amakori y’umurengera vyaratumye abarimyi batobato bagumuka. Bamwebamwe muri bo baravuye muri Gatolika, bifatanya n’abitwa aba donatistes, ukaba wari umugwi w’abakirisu wiyamiriza amabi yakorerwa muri Gatolika.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Aba donatistes ntibari ‘idini rityoroye.’”

Amatati mu vy’idini, intambara z’abanyagihugu n’ibitero vy’abitwa aba barbares vyaramaze imyaka amajana mu karere k’Inganji y’Abaroma, bituma Uburoma butakaza ubushobozi bwari bufise muri Afrika yo mu Buraruko. Mu kinjana ca gatandatu Inyuma ya Kristu, igisagara ca Timgad caraturiwe n’Abarabu baba muri ako karere, amaherezo kimara imyaka irenga 1.000 caribagiranywe.

“UBWO NI BWO BUZIMA!”

Ivyandiko biri mu kilatini basanze mu kibanza c’ihuriro c’i Timgad

Ivyandiko biri mu kilatini basanze mu kibanza c’ihuriro bivuga ngo: “Guhiga, kwoga, gukina, gutwenga: ubwo ni bwo buzima!”

Abacukuzi bubuye ibisigarira vy’igisagara ca Timgad barubutse ku vyandiko bitwengeje biri mu kilatini basanze mu kibanza c’ihuriro co muri ico gisagara. Ivyo vyandiko vyavuga ngo: “Guhiga, kwoga, gukina, gutwenga: ubwo ni bwo buzima!” Umuhinga mu vya kahise w’Umufaransa yavuze ati: “Ayo majambo yerekana ko abo bantu batabona kure, ariko ntihabuze abobona ko arimwo ubwenge.”

Ukwo ni ko Abaroma bari babayeho kuva kera. Intumwa Paulo wo mu kinjana ca mbere yaravuze ibijanye n’abantu babaho bavuga ngo “Twirire twinywere, kuko ejo tuzopfa.” Naho Abaroma bari abantu bakunda gusenga, bashira imbere ivyo kwiryohererwa, ntibiteho kumenya intumbero y’ubuzima. Paulo yagabishije abakirisu bagenziwe kwirinda abantu nk’abo ati: “Ntimuzimire. Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.”​—1 Abakorinto 15:32, 33.

Naho abantu bo mu gisagara ca Timgad haciye imyaka 1.500 babayeho, ukuntu abantu babona ubuzima ntikwahindutse. Abantu benshi babaho batiyumvira kazoza. Babona ko kubaho nk’Abaroma bibereye naho vyogira ingaruka mbi. Ariko rero, Bibiliya iravuga ukuri nk’ukurima igihe ivuga iti: “Ibintu vyo kuri iyi si biriko birahinduka.” Ni co gituma iduhanura ‘kudakoresha rwose isi.’​—1 Abakorinto 7:31.

Ibisigarira vy’igisagara ca Timgad bitwigisha iki? Vya vyandiko vyamara igihe kirekire bihambwe mu musenyi wo muri Afrika yo mu Buraruko vyaremesha abantu kubaho biryohererwa. Ariko Bibiliya itwibutsa iti: “Isi iriko irahita, n’icipfuzo cayo ni ukwo, mugabo uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.” (1 Yohani 2:17) Gukurikiza iyo mpanuro ni vyo bituma duhimbarwa tukagira n’ubuzima bufise intumbero.

Aba donatistes ntibari ‘idini rityoroye’

Ibisigarira vy’ikibanza co kubatirizamwo c’i Timgad

Ikibanza co kubatirizamwo c’i Timgad kirerekana ko higeze kuba abitwa abakirisu

Amaja mu burengero bw’igisagara ca Timgad uhasanga ibisigarira vy’urusengero runini rwari rufise ahantu babatiriza. Ico ni ikimenyamenya cerekana ko mu kinjana ca kane Inyuma ya Kristu aho muri ico gisagara ari ho aba donatistes bari bakomeye cane. Aba donatistes bari abiyonkoye kw’idini rya Gatolika.

Aba donatistes ntibanezerejwe no kubona abami b’Abaroma bisuka mu vy’idini. Babona ko bo ari ‘idini rityoroye’ ritivanga mu vy’isi. Ikibabaje ni uko vyagaragaye ko atari ko vyari, kuko bisutse mu vya politike no mu vyo guharanira inyungu z’abanyagihugu. Baranashigikiye umugwi w’abarimyi batobato wagumutse kugira wiyamirize abafise amatongo maninimanini n’abatozakori b’Abaroma. Ivyo vyatumye ubutegetsi bubiyamiriza. Aba donatistes ntibari ‘idini rityoroye’ nk’uko bavuga.​—Yohani 15:19.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika