ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w14 1/12 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima?
    Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima?
  • Ibindi vyofasha umuryango
    Be maso!—2018
  • Imibabaro yoba izoteba igahera?
    Imibabaro yoba izoteba igahera?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
w14 1/12 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Ni ibiki vyofasha abana bawe gukunda Imana?

Umuvyeyi ariko arigisha umwana wiwe afatiye ku vyaremwe

Nufatire ku vyaremwe kugira ngo ufashe abana bawe kumenya Imana no kuyikunda

Abana bawe bashobora kwiga gukunda Imana igihe gusa babona ibimenyamenya vyerekana yuko ibaho be n’uko ibakunda. Kugira ngo bashobore gukunda Imana, barakeneye kuyimenya. (1 Yohani 4:8) Nk’akarorero, barakeneye kumenya umugambi Imana yari ifise igihe yarema umuntu, igituma ireka imibabaro ikadushikira n’ico izokorera abantu muri kazoza.​—Soma Abafilipi 1:9.

Kugira ngo ufashe abana bawe gukunda Imana, utegerezwa kubereka yuko nawe uyikunda. Babonye ko uyikunda, boshobora kukwigana.​—Soma Gusubira mu vyagezwe 6:5-7; Imigani 22:6.

Wokora iki ngo ushikire umutima w’abana bawe?

Ijambo ry’Imana rirafise ububasha. (Abaheburayo 4:12) Nufashe rero abana bawe kumenya inyigisho zaryo z’ishimikiro. Kugira ngo Yezu ashikire umutima w’abamwumviriza, yarababaza ibibazo, akabumviriza akongera akabasigurira Ivyanditswe. Ukwiye kwigana uburyo Yezu yigisha kugira ngo ushikire umutima w’abana bawe.​—Soma Luka 24:15-19, 27, 32.

Vyongeye, inkuru zo muri Bibiliya zivuga imigenderanire Imana yagiranye n’abantu zirashobora gufasha abana kuyimenya no kuyikunda. Ibitabu be n’ibindi bintu vyasohowe ku bw’iyo ntumbero biraboneka kuri www.pr418.com.​—Soma 2 Timoteyo 3:16.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikigabane ca 14 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Urashobora kukironka kuri www.pr418.com, canke ukagisaba uciye kuri aderese iri ku rupapuro rwa 2

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika