ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 15/4 rup. 32
  • Igiti ciciwe coba cosubira kunaga?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igiti ciciwe coba cosubira kunaga?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Yobu yarizigira izuka
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • ‘Ewe bwimbike bw’ubukerebutsi bw’Imana!’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 15/4 rup. 32
Igiti ciciwe kiriko kirasubira kunaga

Igiti ciciwe coba cosubira kunaga?

IGITI c’umwelayo cihese kikagira n’amapfundo coshobora gusa n’ikidatangaje cane ukigereranije n’isederi y’ingazamarumpu y’i Libani. Mugabo ibiti vy’imyelayo birafise ubushobozi budasanzwe bwo kurindirako naho ikirere coba cifashe gute. Vyiyumvirwa yuko hariho ibimaze imyaka 1.000. Imizi miremire y’igiti c’umwelayo iratuma cisubiza itoto mbere n’igihe umutumba waco uba wariciwe. Igihe cose imizi yaco iba itarabora, kirasubira kunaga.

Umwe sekuruza w’imiryango Yobu yari yarajijutse ko naho yopfa, yosubiye kubaho. (Yobu 14:13-15) Mu kwerekana neza ko yari yizigiye yuko Imana ifise ubushobozi bwo kumuzura, yatanze akarorero k’igiti, kumbure kibaba cari igiti c’umwelayo. Yobu yavuze ati: “Hari icizigiro no ku giti. Ciciwe, kizosubira kunaga.” Naho hoba haciye igihe haka uruzuba, igishitsi c’umwelayo cumye kirashobora guhembuka igihe imvura iguye maze kikagira iminago ku mizi yaco, kikazana “ishami [canke amashami] nk’igiterwa gishasha.”​—Yobu 14:7-9.

Nka kurya nyene umurimyi aba ashashaye kubona imizi y’umwelayo wiciwe isubiye kunaga, ni ko na Yehova Imana ashashaye kuzura abasavyi biwe hamwe n’abandi benshi bapfuye. (Mat. 22:31, 32; Yoh. 5:28, 29; Ivyak. 24:15) Ese ukuntu bizoba biteye umunezero guha ikaze abapfuye no kubabona basubiye kuba bazima!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika