ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/5 rup. 21-25
  • ‘Ewe bwimbike bw’ubukerebutsi bw’Imana!’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Ewe bwimbike bw’ubukerebutsi bw’Imana!’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ni Imana ifise intumbero
  • Intumbero ya Yehova mu bijanye na rwa Ruvyaro rwari rwarasezeranywe
  • “Ubwami bw’abaherezi”
  • Ca giti c’umwelayo c’ikigereranyo
  • “Isirayeli yose izokizwa”
  • Ikigereranyo c’igiti c’umwelayo
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2019
  • Igiti ciciwe coba cosubira kunaga?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/5 rup. 21-25

‘Ewe bwimbike bw’ubukerebutsi bw’Imana!’

“Ewe bwimbike bw’ubutunzi n’ubukerebutsi n’ubumenyi vy’Imana! Ese ukuntu imanza zayo zidaserangurika be n’ukuntu inzira zayo ata wushobora kuzitora!”​​—⁠ROM. 11:​33.

1. Ni agateka akahe gahambaye kuruta utundi twose abakirisu babatijwe batewe?

NI AGATEKA akahe gahambaye kuruta utundi twose wigeze guterwa? Hari aho woca wiyumvira ibijanye n’igikorwa kinaka washinzwe canke agateka kanaka watewe. Ariko rero ku bakirisu babatijwe, agateka gahambaye kuruta utundi twose ni ukuba twemererwa kugiranira ubucuti somambike n’Imana yonyene y’ukuri Yehova. Ivyo vyatumye ‘tumenywa na yo.’​​—⁠1 Kor. 8:3; Gal. 4:9.

2. Ni kubera iki kumenya Yehova no kumenywa na we ari agateka gahambaye cane?

2 Ni kubera iki kumenya Yehova no kumenywa na we ari agateka gahambaye cane? Si ukubera gusa yuko ari we ahambaye kuruta abandi bose mu biriho vyose mugabo kandi ni ukubera yuko ari we akingira abo akunda. Umuhanuzi Nahumu yarahumekewe kwandika ati: “Yehova ni mwiza, ni igihome gikomeye ku musi w’amarushwa. Arazi abaronderera ubuhungiro muri we.” (Nah. 1:⁠7; Zab. 1:6) Nkako, ivyizigiro vyacu bijanye no kubaho ibihe bidahera bihagaze ku kuba tuzi Imana y’ukuri n’Umwana wayo Yezu Kristu.​​—⁠Yoh. 17:3.

3. Kumenya Imana birimwo n’ibiki?

3 Kumenya Imana birimwo n’ibindi uretse gusa kumenya izina ryayo ry’uruharo. Dutegerezwa kuyimenya nk’Umugenzi, tugatahura ivyo ikunda be n’ivyo yanka. Kuba tubaho duhuza n’ivyo bintu tuzi na vyo nyene birarangura uruhara ruhambaye mu bijanye n’ukuntu twerekana yuko twamenye Imana neza. (1 Yoh. 2:4) Mugabo hariho n’ikindi kintu dutegerezwa kugira nimba twipfuza vy’ukuri kumenya Yehova. Uretse ko dukeneye kumenya ivyo yakoze, turakeneye no kumenya ingene yabikoze be n’igituma yabikoze. Uko turushiriza gutahura intumbero za Yehova, ni ko turushiriza kwumva tubwirizwa kwikugura ‘ubwimbike bw’ubukerebutsi bw’Imana.’​​—⁠Rom. 11:​33.

Ni Imana ifise intumbero

4, 5. (a) Ijambo “intumbero” ryerekeza ku ki nk’uko rikoreshwa muri Bibiliya? (b) Tanga akarorero kerekana ukuntu intumbero ishobora gushikwako mu buryo butari bumwe.

4 Yehova ni Imana ifise intumbero, kandi Bibiliya iravuga ibijanye n’“intumbero [yayo] y’ibihe bidahera.” (Ef. 3:10, 11) None vy’ukuri iyo mvugo isobanura iki? Ijambo “intumbero” nk’uko rikoreshwa muri Bibiliya, ryerekeza ku mugambi utomoye, ni ukuvuga ihangiro ritomoye, umuntu ashobora gushikako mu buryo butari bumwe.

5 Tubitangire akarorero: Umuntu munaka yoshobora kwipfuza gufata urugendo aja ahantu hanaka. Gushika aho hantu bica rero biba umugambi wiwe, ni ukuvuga intumbero yiwe. Yoshobora kuba afise uburyo butandukanye yokoresha mu kwiyunguruza be n’inzira zitandukanye yocamwo. Uko aca mu nzira yahisemwo, yoshobora guhura n’ingorane atari yiteze zijanye n’ikirere kitifashe neza, uruja n’uruza rw’imiduga, canke ibarabara ryugawe, bigasaba yuko aca mu yindi nzira. Yamara, naho aba akeneye guhindura ibiki, igihe ashitse iyo ariko araja aba ashitse ku mugambi wiwe.

6. Yehova yerekanye gute ko ahuza n’ukuntu ibintu vyifashe mu gushitsa intumbero yiwe?

6 Na Yehova nyene yarerekanye ko ahuza cane n’uko ibintu biba vyifashe mu bijanye no gushitsa intumbero yiwe y’ibihe bidahera. Mu kwitwararika ubushobozi bwo kwihitiramwo ibiremwa vyiwe vy’ubwenge bifise, aragira ivyo ahinduye ku kuntu ashitsa intumbero yiwe. Nk’akarorero, nimuze turimbure ingene Yehova ashitsa iyo ntumbero yiwe mu bijanye na rwa Ruvyaro rwasezeranywe. Mu ntango, Yehova yabwiye umugabo n’umugore ba mbere ati: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe.” (Ita. 1:​28) None iyo ntumbero yavuzwe yoba yarahagaritswe na bwa bugarariji bwaba mu murima wa Edeni? Uwokubesha! Yehova yaciye agira ico akoze kuri ico kintu cari kibaye mu gukoresha ico twokwita iyindi nzira kugira ngo ashitse intumbero yiwe. Yaravuze yuko hobonetse “uruvyaro” rwosubije mu buryo ibintu vyose vyononywe n’abo bagarariji.​​—⁠Ita. 3:​15; Heb. 2:​14-​17; 1 Yoh. 3:8.

7. Twigira iki ku kuntu Yehova yidondora nk’uko bivugwa muri Kuvayo 3:​14?

7 Ubushobozi Yehova afise bwo guhuza n’ukuntu ibintu biba vyifashe igihe ariko ararondera gushitsa intumbero yiwe burahuye n’ukuntu yidondoye. Igihe Musa yabwira Yehova ibintu vyari gushobora kumubera intambamyi mu gikorwa yari yashinzwe, Yehova yaramusubirije umutima mu nda ati: “‘Nzocika ico nzocika.’ Yonge[yeko a]ti: ‘Ibi ni vyo uzobwira bene Isirayeli: ‘Nzocika yabantumyeko.”’” (Kuv. 3:​14) Egome, Yehova arashobora gucika ikintu cose akeneye gucika kugira ngo ashitse neza intumbero yiwe! Ivyo birerekanwa mu buryo bwiza igitangaza mu kigereranyo intumwa Paulo yatanze mu kigabane ca 11 c’igitabu c’Abaroma. Ng’aho aravuga ibijanye n’igiti c’umwelayo c’ikigereranyo. Gusuzuma ico kigereranyo biraza gutuma turushiriza gutahura ubwimbike bw’ubukerebutsi bwa Yehova, twaba dufise icizigiro co kuja mw’ijuru canke kubaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi.

Intumbero ya Yehova mu bijanye na rwa Ruvyaro rwari rwarasezeranywe

8, 9. (a) Ni ibintu vy’ishimikiro bine ibihe biza kudufasha gutahura ca kigereranyo c’igiti c’umwelayo? (b) Ni inyishu y’ikibazo ikihe ihishura yuko Yehova ahuza n’ukuntu ibintu biba vyifashe mu gushitsa intumbero yiwe?

8 Kugira ngo dutahure ico kigereranyo c’igiti c’umwelayo, turakeneye kubanza kumenya ibintu bine bijanye n’ukuntu Yehova agenda arashitsa intumbero yiwe yerekeye rwa ruvyaro rwari rwarasezeranywe. Ubwa mbere, Yehova yasezeraniye Aburahamu yuko “amahanga yose yo kw’isi [yokwihesheje] koko umuhezagiro” biciye ku ruvyaro rwiwe, runo rukaba ari abomukomotseko. (Ita. 22:17, 18) Ubwa kabiri, ihanga rya Isirayeli ryakomotse kuri Aburahamu ryarahawe icizigiro c’uko ryovuyemwo “ubwami bw’abaherezi.” (Kuv. 19:​5, 6) Ubwa gatatu, igihe benshi mu Bisirayeli bo ku mubiri banka kwemera Mesiya, Yehova yarateye izindi ntambwe kugira ngo haboneke “ubwami bw’abaherezi.” (Mat. 21:​43; Rom. 9:​27-​29) Ubwa nyuma, naho Yezu ari we gihimba nyamukuru c’uruvyaro rwa Aburahamu, hariho n’abandi baterwa agateka ko kuba mu bagize urwo ruvyaro.​​—⁠Gal. 3:16, 29.

9 Dufatiye kuri ivyo bintu vy’ishimikiro bine, turamenya biciye ku gitabu c’Ivyahishuwe yuko abantu 144.000 ari bo bazofadikanya na Yezu kuganza ari abami n’abaherezi mw’ijuru. (Ivyah. 14:​1-4) Abo bantu bavugwa kandi ko ari “bene Isirayeli.” (Ivyah. 7:​4-8) Ariko none abo bantu 144.000 boba ari Abisirayeli bo ku mubiri, ni ukuvuga Abayuda? Inyishu y’ico kibazo irahishura ukuntu Yehova ahuza n’uko ibintu biba vyifashe mu gushitsa intumbero yiwe. Ubu na ho, nimuze turabe ukuntu ikete intumwa Paulo yandikiye Abaroma ridufasha kuronka inyishu y’ico kibazo.

“Ubwami bw’abaherezi”

10. Ni icizigiro ikihe ihanga rya Isirayeli ryonyene ryari rifise?

10 Nk’uko vyamaze kuvugwa, ihanga rya Isirayeli ni ryo ryonyene ryari rifise icizigiro co gutanga abogize “ubwami bw’abaherezi n’ihanga ryeranda.” (Soma Abaroma 9:​4, 5.) Ariko none vyogenze gute rwa Ruvyaro rwari rwarasezeranywe rushitse? Ihanga rya Isirayeli yo ku mubiri ryoba ryari gutanga igitigiri cuzuye ca ba Bisirayeli 144.000 bo mu buryo bw’impwemu bocitse igihimba c’inyongera ca rwa ruvyaro rwa Aburahamu?

11, 12. (a) Abogize Ubwami bwo mw’ijuru batanguye kurobanurwa ryari, kandi benshi mu Bayuda bariho ico gihe bavyakiriye gute? (b) Yehova yakwije gute “igitigiri cuzuye” c’abocitse uruvyaro rwa Aburahamu?

11 Soma Abaroma 11:​7-​10. Abayuda bo mu kinjana ca mbere uko bari bagize ihanga barateye akagere Yezu. Ku bw’ivyo, akaryo ko gutanga abogize uruvyaro rwa Aburahamu ntikagumye ari akabo bonyene. Ariko rero, igihe abogize “ubwami bw’abaherezi” bwo mw’ijuru batangura kurobanurwa kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., hariho Abayuda bamwebamwe b’umutima ugororotse bemeye kurobanurwa. Kubera yuko abo Bayuda bari ibihumbi bikeyi, bari nk’“amasigarira” ubagereranije n’ihanga ry’Abayuda uko ryakabaye.​​—⁠Rom. 11:5.

12 Ariko none Yehova yokwije gute “igitigiri cuzuye” c’abari gucika uruvyaro rwa Aburahamu? (Rom. 11:12, 25) Raba inyishu intumwa Paulo yatanze igira iti: “Si nk’aho ijambo ry’Imana ryananiwe. Kuko abakomoka kuri Isirayeli [yo ku mubiri] bose atari bo ‘Isirayeli’ vy’ukuri. Eka mbere bose si abana [ni ukuvuga bamwe mu bagize uruvyaro rwa Aburahamu] ngo ni uko ari uruvyaro rwa Aburahamu [ni ukuvuga abakomoka kuri we] . . . Ni ukuvuga ko abana b’umubiri atari bo bana b’Imana vy’ukuri, ahubwo abana b’umuhango ni bo baharurwa nk’uruvyaro.” (Rom. 9:​6-8) Ku bw’ivyo, Yehova ntasaba yuko abazoba mu bagize urwo ruvyaro bategerezwa kuba abakomoka kuri Aburahamu ku mubiri.

Ca giti c’umwelayo c’ikigereranyo

13. Ni ibiki bigereranywa na (a) igiti c’umwelayo, (b) umuzi waco, (c) umutumba waco, (d) amashami yaco?

13 Intumwa Paulo arabandanya kugereranya abacika abo mu ruvyaro rwa Aburahamu n’amashami ari ku giti c’umwelayo c’ikigereranyo.a (Rom. 11:​21) Ico giti c’umwelayo c’igiterano kigereranya iranguka ry’intumbero Imana ifise mu bijanye na rya sezerano yagiranye na Aburahamu. Umuzi w’ico giti ni mweranda ukaba ugereranya yuko Yehova ari we aha ubuzima Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. (Yes. 10:​20; Rom. 11:​16) Umutumba waco ugereranya yuko Yezu ari we gihimba nyamukuru c’uruvyaro rwa Aburahamu. Amashami afatiwe hamwe agereranya “igitigiri cuzuye” c’abagize igihimba c’inyongera c’uruvyaro rwa Aburahamu.

14, 15. Ni bande ‘bahanyuwe’ ku giti c’umwelayo c’igiterano, kandi ni bande bometswe kuri co?

14 Muri ico kigereranyo c’igiti c’umwelayo, Abayuda bo ku mubiri bateye akagere Yezu bagereranywa n’amashami y’umwelayo ‘yahanyuwe.’ (Rom. 11:​17) Ivyo vyatumye batakaza akaryo ko kuba mu bagize uruvyaro rwa Aburahamu. Ariko none ni bande bobasubiriye? Dufatiye ku kuntu Abayuda bo ku mubiri babona ibintu, bano bakaba barishimira ivy’uko bakomoka kuri Aburahamu ku mubiri, inyishu y’ico kibazo yobaye iyo batokwiyumviriye. Mugabo Yohani Umubatizi yari yarabagabishije yuko Yehova abishatse yohagurukirije Aburahamu abana abakuye mu mabuye.​​—⁠Luka 3:8.

15 None Yehova yakoze iki kugira ngo ashitse intumbero yiwe? Paulo asigura yuko amashami yo ku giti c’umwelayo w’umunyeshamba yometswe ku giti c’umwelayo c’igiterano kugira ngo asubirire ayahanyuwe. (Soma Abaroma 11:17, 18.) Ku bw’ivyo, abakirisu barobanujwe impwemu bo mu mahanga, nka bamwebamwe mu bari mw’ishengero ry’i Roma, barometswe mu buryo bw’ikigereranyo kuri ico giti c’umwelayo c’ikigereranyo. Muri ubwo buryo barabaye abo mu bagize uruvyaro rwa Aburahamu. Mu ntango, bari bameze nk’amashami y’umwelayo w’umunyeshamba, bakaba ata karyo bari bafise ko kuba muri iryo sezerano ridasanzwe. Mugabo Yehova yarabaronkeje akaryo ko kuba Abayuda bo mu buryo bw’impwemu.​​—⁠Rom. 2:28, 29.

16. Intumwa Petero yasiguye gute ukuntu ihanga rishasha ryo mu buryo bw’impwemu ryabayeho?

16 Intumwa Petero arasigura ico kintu muri ubu buryo: “[Yezu Kristu] ni uw’agaciro rero kuri mwebwe [Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu, harimwo n’abakirisu b’Abanyamahanga], kuko muri abemera; mugabo ku batemera, ‘rya buye nyene abubatsi bataye ni ryo ribaye umutwe w’imfuruka,’ riba n’‘ibuye ritsitaza n’igitandara kigwisha.’ . . . Mugabo mwebwe muri ‘ubwoko bwatowe, ubuherezi bwa cami, ihanga ryeranda, igisata c’inyegu yiharijwe, kugira ngo mumenyeshe hose kamere z’agahebuza’ z’umwe yabahamagara abakuye mu mwiza akabinjiza mu muco wayo w’agatangaza. Kuko kera mutari igisata, mugabo ubu muri igisata c’Imana; mwari abatari baragiriwe imbabazi, mugabo ubu muri abagiriwe imbabazi.”​​—⁠1 Pet. 2:​7-​10.

17. Ni mu buryo ubuhe ivyo Yehova yakoze yabigize “uko bidasanzwe bigirwa”?

17 Yehova yarakoze ikintu abantu benshi batari biteze na gato. Paulo avuga ko ivyabaye vyagizwe “uko bidasanzwe bigirwa.” (Rom. 11:​24) Uti gute? Mu bisanzwe, kwomeka ishami ry’igiti c’ikinyeshamba ku giti c’igiterano vyosa n’ibitabaho, eka mbere bigasa n’ibitagirwa; yamara ivyo ni vyo abarimyi bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bagira.b Mu buryo nk’ubwo, Yehova yarakoze ikintu kidasanzwe. Dufatiye ku kuntu Abayuda babona ibintu, Abanyamahanga ntibari gushobora kwama ivyamwa vyemerwa. Ariko rero, abo nyene ni bo Yehova yatumye baba mu bagize “ihanga” ryama ivyamwa vy’Ubwami. (Mat. 21:​43) Guhera ku kurobanurwa kwa Koruneliyo, wa Munyamahanga wa mbere atari yaragenyerewe yacika umukirisu, mu 36 G.C., abantu batari Abayuda bakaba kandi batari baragenyerewe bararonse akaryo ko kwomekwa kuri ico giti c’umwelayo c’ikigereranyo.​​—⁠Ivyak. 10:​44-​48.c

18. Ni akaryo akahe Abayuda bo ku mubiri baronse inyuma y’umwaka wa 36 G.C.?

18 Ivyo vyoba bisobanura ko inyuma y’umwaka wa 36 G.C., Abayuda bo ku mubiri batasubiye kuronka akaryo ko kuba mu bagize uruvyaro rwa Aburahamu? Oya. Paulo asigura ati: “Na bo nyene [ni ukuvuga Abayuda bo ku mubiri], nibataguma mu kutizera kwabo, bazokwomekwako; kuko Imana ishoboye kwongera kubomekako. Kuko nimba wewe waciwe ku giti c’umwelayo gisanzwe ari ikinyeshamba hanyuma ukomekwa ku giti c’umwelayo co mu murima uko bidasanzwe bigirwa, none amashami y’akame ntazorushiriza riho kwomekwa ku giti c’umwelayo cayo bwite!”d​​—⁠Rom. 11:23, 24.

“Isirayeli yose izokizwa”

19, 20. Ni igiki Yehova ashitsa nk’uko vyerekanywe na ca giti c’umwelayo c’ikigereranyo?

19 Egome, intumbero Yehova afise mu bijanye na “Isirayeli y’Imana” ariko arayishitsa mu buryo bw’akaroruhore. (Gal. 6:​16) Nk’uko Paulo yabivuze, “Isirayeli yose izokizwa.” (Rom. 11:​26) Igihe Yehova yashinze kigeze, “Isirayeli yose,” ni ukuvuga igitigiri cuzuye c’Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu, bazoba abami n’abaherezi mw’ijuru. Nta kintu na kintu gishobora gutuma intumbero ya Yehova itaranguka!

20 Nk’uko vyari vyaravuzwe, rwa ruvyaro rwa Aburahamu, ari rwo Yezu Kristu ari kumwe na bamwe 144.000, ruzozanira imihezagiro “abanyamahanga.” (Rom. 11:​12; Ita. 22:​18) Muri ubwo buryo, abasavyi b’Imana bose barungukira kuri iyo ndinganizo. Vyemere, uko turimbura ukuntu Yehova ashitsa intumbero yiwe y’ibihe bidahera, ntitubura kwikugura “ubwimbike bw’ubutunzi n’ubukerebutsi n’ubumenyi vy’Imana.”​​—⁠Rom. 11:​33.

[Utujambo tw’epfo]

a Biboneka yuko ico giti c’umwelayo kitagereranya Isirayeli yo ku mubiri. Naho Isirayeli yo ku mubiri yatanze koko abami n’abaherezi, iryo hanga ntiryacitse ubwami bw’abaherezi. Abami bo muri Isirayeli, itegeko ntiryabarekurira kuba abaherezi. Ku bw’ivyo rero, Isirayeli yo ku mubiri ntiyabaye igiti c’umwelayo c’ikigereranyo. Ng’aho Paulo ariko aratanga ikigereranyo cerekana ingene intumbero Imana ifise yo gutuma haba “ubwami bw’abaherezi” iranguka mu bijanye na Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu. Ivyo biragira ico bihinduye ku makuru yasohowe mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Myandagaro 1983, urupapuro rwa 14-​19.

b Raba uruzitiro ruvuga ngo “Kwomeka amashami y’umwelayo w’umunyeshamba: vyagirwa kubera iki?”

c Ivyo vyabaye ku mpera ya ka karyo kamaze imyaka itatu n’igice kari karahawe Abayuda bo ku mubiri kugira ngo babe mu bagize ihanga rishasha ryo mu buryo bw’impwemu. Bwa buhanuzi bwerekeye amayinga 70 agizwe n’imyaka bwari bwaravuze ibijanye n’ico kintu.​​—⁠Dan. 9:​27.

d Akajambo k’ikigiriki kahinduwe ngo “umurima” mu Baroma 11:​24 kava mw’ijambo risobanura ngo “ciza, ciza cane,” ni ukuvuga ikintu “gishitsa neza ico cagenewe.” Iryo jambo rikoreshwa canecane mu kuvuga ibintu bishitsa intumbero vyakorewe.

Woba uvyibuka?

• Ni ibiki twiga ku vyerekeye Yehova turavye ukuntu ashitsa intumbero yiwe?

• Mu Baroma ikigabane ca 11, ni igiki kigereranywa n’ . . .

igiti c’umwelayo?

umuzi waco?

umutumba waco?

amashami yaco?

• Ni kubera iki ivyo kwomeka vyagizwe “uko bidasanzwe bigirwa”?

[Uruzitiro/​Ifoto ku rup. 24]

Kwomeka amashami y’umwelayo w’umunyeshamba: vyagirwa kubera iki?

▪ Lucius Junius Moderatus Columella yari umusoda w’Umuroma akaba n’umurimyi yabayeho mu kinjana ca mbere G.C. Arazwi cane kubera ibitabu 12 yanditse bivuga ibijanye n’ubuzima bwo muri ico gihugu be n’uburimyi bwaho.

Mu gitabu ciwe kigira gatanu, arasubiramwo uwu mugani wa kera ugira uti: “Uwurimye ingundu y’umwelayo, aba ayisavye ivyamwa; uwuyitabiye, aba ayinginze ngo imuhe ivyamwa; uwuyituturiye, aba ayihase ngo yame ivyamwa.”

Amaze kuvuga ibijanye n’ibiti biba bitotahaye yamara ntivyame ivyamwa, aca asaba ko hokorwa iki kintu gikurikira: “Vyoba vyiza utegekanije gutobora ivyo biti ukoresheje agakoresho kabigenewe maze ukinjiza neza muri ako gatoboro ishami ritoto rikuwe ku giti c’umwelayo w’umunyeshamba; ivyo biratuma ico giti, ikiba kimeze nk’icimye umuvyaro wama, kirushiriza kwimbuka.”

[Ifoto ku rup. 23]

Woba utahura ca kigereranyo c’igiti c’umwelayo?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika