ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/5 rup. 16
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Ni ibiki bizoba ku Musi w’Urubanza?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Umusi wo Guca Amateka n’Ibizowukurikira
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Umusi w’Urubanza ni iki?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/5 rup. 16

INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA

Umusi w’urubanza ni iki?

Umuryango uhimbawe kuba usubiye kubonana biciye kw’izuka muri ya myaka igihumbi

Kubera iki umusi w’urubanza ari igihe giteye umunezero?

Mu bihe vya kera, Imana yarakoresheje abacamanza kugira ikize abasavyi bayo agahahazo. (Abacamanza 2:18) Bibiliya yerekana ko Umusi w’urubanza ari igihe giteye umunezero aho Yehova we Mucamanza w’isi yose azokiza abantu agahahazo.​—Soma Zaburi 96:12, 13; Yesaya 26:9.

Imana yagenye Yezu ngo azocire imanza zigororotse abazima n’abapfuye. (Ivyakozwe 10:42; 17:31) Hari abantu benshi barinze bapfa bataramenya Imana. Mu gihe c’Umusi w’urubanza, Yezu azobazura kugira baronke akaryo ko kumenya Imana y’ukuri no kuyikunda.​—Soma Ivyakozwe 24:15.

Kubera iki Umusi w’urubanza uzomara imyaka igihumbi?

Abapfuye bazozurwa muri iyo myaka igihumbi. (Ivyahishuwe 20:4, 12) Bazoba bakeneye umwanya kugira bige ivyo Imana ibasaba, bige no kuyigamburukira. Bibiliya yerekana ko abantu bazocirwa urubanza hisunzwe ivyo bazokora bamaze kuzuka, ivyo bikaba bitandukanye n’ivyo abantu benshi biyumvira.​—Soma Abaroma 6:7.

Bibiliya iravuga ivyerekeye uwundi musi w’urubanza uzoshika bukwi na bukwi, imbere y’uko ya myaka igihumbi itangura. Uwo musi witwa kandi umuhero, ukaba uvugwa mu biganiro bitangura muri iki kinyamakuru. Kuri uwo musi, Imana izorandura ababisha bose kubera batayubaha. (2 Petero 3:7) Birahambaye rero ko twerekana urwo dukunda Imana vy’ukuri.​—Soma 2 Petero 3:9, 13.

Wipfuza kumenya n’ibindi, raba urupapuro rwa 213 rw’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika