ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/7 rup. 3
  • Amaganya ari hose!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amaganya ari hose!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Amaganya kubera akaga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Muterere amaganya yanyu yose kuri Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Novyifatamwo gute ndi mu maganya?
    Urwaruka ruribaza
  • Ingene Bibiliya yofasha abagabo bafise amaganya
    Ibindi biganiro
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/7 rup. 3

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | WOKORA IKI UFISE AMAGANYA?

Amaganya ari hose!

“Naragiye gusuma kw’ibutike nsanga hasigaye ibisuguti gusa kandi na vyo nyene vyari bizimvye cane! Bukeye amabutike yose yaragaragara.”​—Paul wo muri Zimbabwe.

“Umugabo wanje yarampamagaye aca ambwira ko agira adute. Ese ukuntu yari ampemukiye! Mbega utwana twanje tuzobaho gute?”​—Janet wo muri Amerika.

“Iyo ingunga ivuze, nca ndondera aho nihisha nkaryama hasi mu gihe ibisasu biriko biraturagurika. Naho haba haciye amasaha vyaheze, nguma njugumira.”​—Alona wo muri Israyeli.

Umugabo afise amaganya kubera intambara, ubukene, indwara be n’izindi ngorane zo mu buzima

Muri ibi “bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira” turimwo, amaganya ni menshi. (2 Timoteyo 3:1) Benshi usanga bugarijwe n’ingorane z’ivy’ubutunzi, izo mu muryango, iziterwa n’intambara, indwara z’ibiza be n’ivyago vy’ivyaduka canke ibiterwa n’abantu. Aho rero ntituvuze ingorane umuntu aba asanzwe yifitiye. Hari abibaza bati: ‘Iki kivyimba sinzohava nsanga kirimwo kanseri?’ ‘Ko isi yabaye nabi, abana banje bazokurira he?’

Kwiganyira ntivyama ari bibi. Kenshi umuntu arahagarika umutima igihe yitegurira ihiganwa kanaka, canke igihe yitegurira gukora ikibazo kw’ishure canke ku kazi. Vyongeye, gutinya ko woshikirwa n’akaga biragufasha kwirinda ingorane. Ariko kugira amaganya arenze canke kwama ufise amaganya ni bibi cane. Ivyigwa biherutse kugirwa ku bantu bakuze barenga 68.000, vyerekanye ko no kugira amaganya yitwa ko asanzwe bishobora gutuma umuntu apfa hakiri kare. Ntibitangaje rero kubona Yezu yabajije ati: “Ni nde muri mwebwe mu kwiganyira yoshobora kwongera ku kiringo c’ubuzima bwiwe itambwe rimwe?” Emwe, amaganya ntatuma umuntu aramba! Ni co gituma Yezu aduhanura ati: ‘Mureke kwiganyira.’ (Matayo 6:25, 27) None ivyo birashoboka?

Birashoboka igihe dukoranye ubwenge, tukizera Imana vy’ukuri, kandi tukizigira tudakeka ko kazoza ari keza. Naho ata maganya twoba dufise muri iki gihe, vyoshobora kuzodushikira umusi uri izina. Reka rero turabe ingene ivyo bintu duhejeje kuvuga vyafashije Paul, Janet, na Alona kwihangana mu maganya bari bafise.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika