ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp16 no. 3 rup. 16
  • Bibiliya ibivugako iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya ibivugako iki?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Imana yoba ifise izina?
  • Vyoba ari bibi kuvuga izina ry’Imana?
  • Izina ry’Imana
    Be maso!—2017
  • Kubera iki dukwiye gukoresha izina ry’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Imana yitwa nde?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Ukuntu ushobora kumenya izina ry’Imana
    Be maso!—2004
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
wp16 no. 3 rup. 16
Izina ry’Imana mu candikano ca kera ca Bibiliya

Izina ry’Imana (muri utwo tuzingi) aho riboneka mu candikano kimwe ca kera ca Bibiliya

Bibiliya Ibivugako Iki?

Imana yoba ifise izina?

ABANTU BAMWE BAVUGA ko ata zina ifise, abandi bakavuga ko yitwa Imana canke Umukama. Abandi na bo bavuga ko ifise amazina menshi. Wewe ubivugako iki?

ICO BIBILIYA IVUGA

“Wewe, uwitwa Yehova, [ni] wewe wenyene Musumbavyose kw’isi yose.”​—Zaburi 83:18.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

  • Naho Imana ifise amazina y’icubahiro menshi, ifise izina ry’uruharo rimwe gusa.​—Kuvayo 3:15.

  • Imana si amayobera; yipfuza ko tuyimenya.​—Ivyakozwe 17:27.

  • Kumenya izina ry’Imana ni yo ntambwe ya mbere yo kugiranira ubucuti na yo.​—Yakobo 4:8.

Vyoba ari bibi kuvuga izina ry’Imana?

WOKWISHURA GUTE?

  • Ego

  • Oya

  • Bivana

ICO BIBILIYA IVUGA

“Ntugafate izina rya Yehova Imana yawe nk’aho ata co rimaze.” (Kuvayo 20:7) Ikibi ni ukurikoresha mu buryo butaranga icubahiro.​—Yeremiya 29:9.

IBINDI BIBILIYA IVUGA

  • Yezu yari azi izina ry’Imana kandi yararikoresha.​—Yohani 17:25, 26.

  • Imana yipfuza ko dukoresha izina ryayo.​—Zaburi 105:1.

  • Abansi b’Imana ntibashaka ko abantu bamenya izina ryayo.​—Yeremiya 23:27.

Ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca 1 c’iki gitabu, Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova

Kiraboneka no kuri www.pr418.com

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika