ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp16 no. 4 rup. 3
  • Inkuru ukwiye kumenya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inkuru ukwiye kumenya
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Ivyo bijanye
  • Ukuntu Bibiliya yadushikiriye
    Be maso!—2007
  • A3 Ukuntu Bibiliya yadushikiriye
    Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
  • Ijambo ry’Imana ryoba ryarahindutse?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
  • Bibiliya inkuru itangaje y’ukuntu yazigamwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
wp16 no. 4 rup. 3

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | BIBILIYA YARASIMVYE IMANGA

Inkuru ukwiye kumenya

Umugabo afashe Bibiliya mu minwe asa n’uwukekeranya

Nta gitabu c’idini twogereranya na Bibiliya. Nta kindi gitabu kimaze igihe kirekire gihindura ivyiyumviro vy’abantu cokimwe na Bibiliya. Ariko kandi nta gitabu casuzumwe cane kikanavugwako vyinshi nka Bibiliya.

Nk’akarorero, hari abahinga biyumvira yuko Bibiliya dufise ubu zitoba zimeze nk’uko iyo mu ntango yari imeze. Umuhinga umwe mu vy’idini yavuze ati: “Nta wokwemeza ko ibisomwa vya Bibiliya dufise bimeze neza na neza nk’ivyo mu ntango. Ivyo dufise vyuzuyemwo amakosa, kandi vyinshi muri vyo vyanditswe haciye imyaka amajana ivyo mu ntango vyanditswe. Birumvikana rero ko bitandukanye rwose n’ivyo mu ntango.”

Hari abandi batemera ko Bibiliya ari iy’ukuri kubera idini bakuriyemwo. Nk’akarorero ab’iwabo na Faizal si abakirisu. Bamubwiye yuko Bibiliya ari igitabu c’Imana ariko ko abantu bayihinduye. Avuga ati: “Ivyo vyatuma ngira amakenga igihe hari abashaka kumbwira ivyerekeye Bibiliya. Nabona ko ata Bibiliya yo mu ntango bari bafise kubera ko abantu bayihinduye.”

Kumenya ko Bibiliya yahindutse canke itahindutse hari ico bimaze? Zirikana ibi bibazo: Woba wokwizigira ibintu vyiza Bibiliya isezerana ku bijanye na kazoza mu gihe woba utazi nimba vyari vyanditse muri Bibiliya yo mu ntango? (Abaroma 15:4) Nka hamwe Bibiliya dufise muri iki gihe yoba yuzuyemwo amakosa yashizwemwo n’abantu, woba wokwisunga impanuro itanga igihe ufata ingingo zihambaye zijanye n’akazi, umuryango canke ivy’ugusenga?

Naho ibitabu vya Bibiliya vyo mu ntango bitakiriho, hari amakopi yavyo ibihumbi n’ibihumbi yandikishijwe iminwe dushobora kwikorako. None ayo makopi yarokotse gute ko yashobora kubora, hakaba hari abagerageje kuyazimanganya, abandi bakagerageza kugoreka igisomwa cayo? Kuba yararokotse vyogufasha gute kubona ko Bibiliya dufise muri iki gihe ari iy’ukuri? Inkuru tugiye kwihweza y’ukuntu Bibiliya yarokotse, iraza kwishura ivyo bibazo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika