Agace k’igitabu ca Yesaya ko muri ya mizingo yo ku Kiyaga c’Umunyu, kari hejuru y’ako gace nyene mu carabu co muri iki gihe. Ubutumwa bw’Imana ntibwahindutse
Ijambo ry’Imana ryoba ryarahindutse?
Hari abibaza nimba Ijambo ry’Imana ryarahindutse. Intumwa y’Imana Yesaya, yavuze ko Ijambo ry’Imana ‘rigumaho gushika igihe kitagira urugero.’ (Yesaya 40:8) None twokwemezwa n’iki ko ivyo Imana yasezeranye vyazigamwe neza?
Imana irafise ububasha bwo kuzigama Ijambo ryayo no kurikingira kugira ntiryononekare. Mu bihe vya kera, igihe ivyandikano vy’iminwe vyariko birandikwa, abimuzi biyubara baraharura indome zose zari mu gisomwa ceranda, kugira biyemeze ko ata congeweko, ata cahinduwe canke ngo gikurwemwo. Ariko rero kubera ko abantu badatunganye, abimuzi bamwebamwe barakoze udukosa dutoduto.
TWEMEZWA N’IKI KO IVYANDITSWE VYERANDA DUFISE MURI IKI GIHE BIRIMWO BWA BUTUMWA NYENE IMANA YATANGA KERA?
Hariho amakopi ibihumbi y’ivyandikano vya kera vy’iminwe vy’Ivyanditswe Vyeranda. Mu gihe ikopi yoba ifise agakosa na gatoyi, woshobora kuyigereranya n’izindi kugira umenye aho ukuri kuri.—Ushaka amakuru yiyongereye, raba ikiganiro kivuga ngo “Bibiliya yoba yaragoretswe?” kuri jw.org.
Rimbura nk’akarorero ivyandikano vya kera vyitwa imizingo yo ku Kiyaga c’Umunyu, vyubuwe n’Abarabu bo mu bwoko bw’aba Bédouins mu kuzimu hafi y’Ikiyaga c’Umunyu mu 1947. Ivyo vyandikano vya kera birimwo ibice vyo mu Vyanditswe Vyeranda bimaze imyaka irenga ibihumbi bibiri vyanditswe. Abahinga baragereranije ivyo vyandikano vy’iminwe be n’Ivyanditswe Vyeranda dufise muri iki gihe. None bashitse ku ki?
Abahinga basanze ibiri mw’Ijambo ry’Imana dufise muri iki gihe bisa neza na neza n’ibiri muri ivyo vyandikano vya kera.a Iryo suzuma ryitondewe bagize ku vyandikano vy’iminwe vya kera, riremeza ko ivyo dusoma mu Vyanditswe Vyeranda muri iki gihe ari ubutumwa bw’Imana. Turashobora guhera amazinda yuko Imana yazigamye Ivyanditswe Vyeranda vyayo ku bwacu.
Turashobora rero gusoma Ijambo ry’Imana tuzi neza ko ari iry’ukuri. Nimuze ubu na ho turabe ivyo twokwiga ku vyerekeye Imana biciye ku ntumwa yakoresheje.
a Igitabu Complete Dead Sea Scrolls in English, canditswe na Geza Vermes, urupapuro rwa 16.