ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp16 no. 5 rup. 3
  • Twese turakeneye uruhoza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twese turakeneye uruhoza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Ivyo bijanye
  • Uruhoza mu bihe vy’ingorane
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Nuhumurize abatuntuye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ingene twohumuriza abakorewe amabi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • ‘Duhoze abagandaye bose’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
wp16 no. 5 rup. 3

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | NI HEHE WOKURA URUHOZA?

Twese turakeneye uruhoza

Inabibondo ariko arahoza agahungu kiwe

Woba wibuka igihe wagwa hasi ukiri umwana? Ushobora kuba waciye ukomereka ku kuboko canke kw’ivi. Woba wibuka ingene nyoko wawe yaguhojeje? Kumbure yarogeje ico gikomere, aca aragitubika. Naho warize, utujambo yakubwiye be n’ukuntu yagushishitiye vyatumye uca woroherwa. Ico gihe, wari ufise uwama aguhoza.

Ariko rero uko dukura, ni ko ubuzima buhinduka cane: Ingorane ziriyongera, uruhoza na rwo rukagora kuronka. Ikibabaje, ni gake ingorane z’umuntu akuze zihera ngo ni uko umuvyeyi amutubitse canke amushishitiye. Rimbura uburorero bukeyi.

  • Woba urigera ugira intuntu yo gukurwa mu kazi? Uwitwa Julian avuga ko kwirukanwa ku kazi vyatumye yuzura amaganya. Yaribaza ati: ‘Nzotunga umuryango gute? Kubera iki iri shirahamwe rintaye nk’akanuka, n’imyaka iraho maze ndarikorera?’

  • Kumbure utuntujwe n’ukuba waravanye n’uwo mwubakanye. Uwitwa Raquel avuga ati: “Igihe umugabo wanje yanta ntari ndavyiteze, ubu hakaba haciye amezi 18, nararengewe n’umubabaro. Wamengo umutima wanje ucitsemwo kubiri. Narababaye ku mubiri no ku mutima. Naciye nihebura.”

  • Kumbure ufise ingorane ikomeye y’amagara kandi urabona ko utimirije kuronka ka mitende. Birashobora gushika ukiyumva nk’umwe sekuruza w’imiryango Yobu, uwidoze ati: “Kubaho kwanje ndakuzinutswe; singomba kuramba.” (Yobu 7:16, Bibiliya Yera) Hari aho woba umerewe nk’umugabo umwe yitwa Luis arengeje imyaka 80, uwavuze ati: “Birashika nkumva ko ata kindi niteze atari urupfu.”

  • Kumbure na ho, uripfuza cane uruhoza kubera ko uheruka kubura uwawe. Uwitwa Robert avuga ati: “Igihe umuhungu wanje yahitanwa n’isanganya ry’indege, nabanje kutavyemera. Mu nyuma naragize umubabaro, nk’umwe Bibiliya igereranya n’ugusogotwa n’inkota ndende.”​—Luka 2:35.

No muri izo ngorane zitesha umutwe, Robert, Luis, Raquel, na Julian bararonse uruhoza. Nta handi bakuye urwo ruhoza atari ku Mana Mushoboravyose, yo Sôko ntangere ry’uruhoza. None Imana itanga gute uruhoza? Yoba na wewe izoguha uruhoza ukeneye?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika