ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp17 no. 5 rup. 3
  • Abamarayika boba bagira ico bakoze ku buzima bwawe?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abamarayika boba bagira ico bakoze ku buzima bwawe?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Ivyo bijanye
  • Woba ufise umumarayika murinzi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Abamarayika ni “impwemu ku bw’igikorwa gikorerwa abantu”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Niwigane abamarayika b’intahemuka
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • Abamarayika bagira ico bakoze gute kuri twebwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
wp17 no. 5 rup. 3
Umugabo umwe n’umukenyezi wiwe bariko bararemesha umugore umwe bakoresheje Bibiliya

IBIGANIRO BIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | ABAMARAYIKA​—BARABAHO? IGITUMA UKWIYE KUBIMENYA

Abamarayika boba bagira ico bakoze ku buzima bwawe?

Umusi umwe ku wa mungu ku muhingamo, uwitwa Kenneth na Filomena baba i Curaçao, baragiye kuraba umugabo umwe n’umugore wiwe bayoborera inyigisho ya Bibiliya.

Kenneth yigana ati: “Dushitse twasanze inzu yugaye, umuduga na wo wagiye. Ariko naciye numva umengo sinzi ikintu kingobereye guhamagara kuri telefone ya nya mugore.”

Nya mugore yaritavye, aca avuga ko umugabo wiwe yari ku kazi. Mugabo amaze kwumva ko ari Kenneth na Filomena, yaciye asohoka maze abaha ikaze mu nzu.

Baciye babona ko yamye ararira. Kenneth amaze gutura isengesho ryo gutangura nya nyigisho ya Bibiliya, uwo mugore yaciye asubira kurira. Kenneth na Filomena babigiranye umutima mwiza, baciye bamubaza ingorane yari afise.

Yarabasiguriye ko yagomba kwiyahura kuri uwo muhingamo nyene, be n’uko Kenneth yamuterefonye ariko yandikira umugabo wiwe agakete ka nyuma. Yarababwiye ko arwaye akabonge, baca baramuremesha bakoresheje Bibiliya. Ivyo bamubwiye vyatumye aheba kwiyahura.

Kenneth avuga ati: “Twarashimiye cane Yehovaa kubona yaratumye dufasha uwo mugore yari ageze habi. Twarashimye canecane ukuntu yatumye duterefona, kumbure abicishije ku mumarayika canke ku mpwemu yiwe nyeranda!”

None Kenneth na Filomena boba bafise imvo zumvikana zo kuvuga ko Imana yabafashije biciye ku mumarayika canke ku mpwemu yayo nyeranda, ari zo nguvu ikoresha? Mbega hoho igihe Kenneth yaterefona, vyoba vyapfuye guhurirana?

Ntitwovyemeza. Ico tuzi coco ni uko Imana ikoresha abamarayika bayo kugira ifashe abantu mu buryo bw’impwemu. Nk’akarorero, Bibiliya ivuga ko Imana yakoresheje umumarayika mu kuyobora wa mwamamazanjili Filipo kugira afashe umutegetsi umwe w’Umunyetiyopiya yariko arondera ubuyobozi bwo mu vy’impwemu.​—Ivyakozwe 8:26-31.

Amadini menshi yigisha ko hariho ibiremwa vy’impwemu biturengeye. Avuga ko bimwe muri ivyo biremwa bifasha abantu mu gukora ivyo Imana igomba, canke bigakora nk’abarinzi bacu. Abantu benshi biyumvira ko abamarayika babaho be n’uko bafise uruhara rukomeye mu buzima bwabo. Ariko rero, hari n’abandi batemera ko abamarayika babaho.

None abamarayika boba babaho koko? Nimba babaho, bakomotse he? Ukuri ku bijanye n’abamarayika ni ukuhe? Boba bagira ico bakoze ku buzima bwawe? Reka turimbure ibimenyamenya.

a Yehova ni izina ry’Imana nk’uko riri muri Bibiliya.​—Yesaya 12:2.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika