ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/99 rup. 3
  • Woshobora Gusahiriza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woshobora Gusahiriza?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Ivyo bijanye
  • Nushigikire bashiki bacu dusangiye ukwemera
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • Woba ufata abagore nk’uko Yehova abafata?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • ‘Abagore Bakora Cane mu Mwami’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Niwiyegereze umuryango wawe wo mu vy’impwemu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—1999
km 6/99 rup. 3

Woshobora Gusahiriza?

1 Intumwa Paulo yakebuye abagize ishengero ngo “[ba]babarane kumwe.” (1 Kor. 12:25) Ni co gituma dukwiye kwitwararikana no kugira umutima wo gufashanya mu rukundo igihe bikenewe. Akarorero kamwe twotanga, bamwe mu bavukanyikazi dusangiye ukwemera bari muri twebwe barera abana mu kuri ari bonyene. Abo bavukanyikazi bikoreye umuzigo wose w’ibanga ryo kumenyereza mu vy’impwemu uruvyaro rwabo. Mu vy’ukuri, barakwiriye indemesho zacu ziranga ubuntu be n’imfashanyo ngirakimazi twobaha “[dukurikije] uko bakennye.” (Rom. 12:13a) Woba ushobora kubafasha?

2 Uburyo Ushobora Gusahiriza: Kwunguruza ukajana ku makoraniro no ku materaniro abategerezwa kwipakiza birashobora gutuma uwo muryango uziganya uduhera tutari duke. Gufasha umuvyeyi kwitwararika akana kiwe gatoyi ku makoraniro bishobora gutuma arushiriza kwungukira kuri porogarama. No kumusaba ko womufasha igihe atwaye abana biwe mu murimo wo mu ndimiro birashobora kugira ico bimuruhuriye. Kugaragariza abana ko tubitwararitse vy’ukuri—ni ukuvuga kubagira abagenzi—bishobora kugira vyinshi mu kwosha abato bacu mu buryo bwiza. Gutumira rimwe na rimwe umuryango usigaranye umuvyeyi umwe kugirira hamwe n’umuryango wawe inyigisho y’umuryango birashobora kubeza umutima mu vy’impwemu.

3 Nube Inkerebutsi: Dukwiye kuba maso kugira ngo ntiduhatire imfashanyo yacu ku muntu yumva ko atayikeneye. Eka mbere ntitwoshaka kwisuka mu bintu biraba umuryango wa kanaka mu gihe turiko turamufasha mu vyo akeneye. Birumvikana, vyoba vyiza kuruta abavukanyikazi be n’abantu bubakanye ari bo bafashije umuvukanyikazi ari n’utwo akeneye.

4 Abakirisu bose baremeshwa ‘kuba abantu bakirana.’ (Rom. 12:13b) Gusahiriza abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bo mu vy’impwemu ni bumwe mu buryo bwinshi tugaragarizamwo urukundo dufise muri twebwe nka rumwe rwagaragazwa na Kirisitu.—Yoh. 13:35.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika