Woshobora Gusahiriza?
1 Intumwa Paulo yakebuye abagize ishengero ngo “[ba]babarane kumwe.” (1 Kor. 12:25) Ni co gituma dukwiye kwitwararikana no kugira umutima wo gufashanya mu rukundo igihe bikenewe. Akarorero kamwe twotanga, bamwe mu bavukanyikazi dusangiye ukwemera bari muri twebwe barera abana mu kuri ari bonyene. Abo bavukanyikazi bikoreye umuzigo wose w’ibanga ryo kumenyereza mu vy’impwemu uruvyaro rwabo. Mu vy’ukuri, barakwiriye indemesho zacu ziranga ubuntu be n’imfashanyo ngirakimazi twobaha “[dukurikije] uko bakennye.” (Rom. 12:13a) Woba ushobora kubafasha?
2 Uburyo Ushobora Gusahiriza: Kwunguruza ukajana ku makoraniro no ku materaniro abategerezwa kwipakiza birashobora gutuma uwo muryango uziganya uduhera tutari duke. Gufasha umuvyeyi kwitwararika akana kiwe gatoyi ku makoraniro bishobora gutuma arushiriza kwungukira kuri porogarama. No kumusaba ko womufasha igihe atwaye abana biwe mu murimo wo mu ndimiro birashobora kugira ico bimuruhuriye. Kugaragariza abana ko tubitwararitse vy’ukuri—ni ukuvuga kubagira abagenzi—bishobora kugira vyinshi mu kwosha abato bacu mu buryo bwiza. Gutumira rimwe na rimwe umuryango usigaranye umuvyeyi umwe kugirira hamwe n’umuryango wawe inyigisho y’umuryango birashobora kubeza umutima mu vy’impwemu.
3 Nube Inkerebutsi: Dukwiye kuba maso kugira ngo ntiduhatire imfashanyo yacu ku muntu yumva ko atayikeneye. Eka mbere ntitwoshaka kwisuka mu bintu biraba umuryango wa kanaka mu gihe turiko turamufasha mu vyo akeneye. Birumvikana, vyoba vyiza kuruta abavukanyikazi be n’abantu bubakanye ari bo bafashije umuvukanyikazi ari n’utwo akeneye.
4 Abakirisu bose baremeshwa ‘kuba abantu bakirana.’ (Rom. 12:13b) Gusahiriza abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bo mu vy’impwemu ni bumwe mu buryo bwinshi tugaragarizamwo urukundo dufise muri twebwe nka rumwe rwagaragazwa na Kirisitu.—Yoh. 13:35.