‘Abagore Bakora Cane mu Mwami’
1 Paulo yakoresheje ayo majambo ari aho haruguru mu kudondora abavukanyikazi babiri bakora cane mw’ishengero ry’i Roma, ari bo Tirufayina na Tirufosa. Ku vyerekeye uwundi yitwa Perusi, yavuze ati: “Yakoreye mu Mwami cane.” Ni na kwo nyene yavuze neza Foyibe ko “yafashije benshi.” (Rom. 16:2, 12) Mu vyanditswe, Doruka avugwa neza ko “yari n’ibikorwa vyiza vyinshi, n’ubuntu bginshi yagira.” (Ivyak. 9:36) Ese ukuntu abakenyezi bakomeye mu vy’impwemu ari umuhezagiro ku mashengero!
2 Twoba dushima abavukanyikazi bakora cane mw’ishengero turimwo? Baragira uruhara runini rwose mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza, bakarongora inyigisho za Bibiliya nyinshi, kandi bagasahiriza benshi mu bashasha. Vyongeye barakoresha umwanya utari muto mu gufasha abana kugira ngo batere imbere mu vy’impwemu. Abakenyezi b’Abakirisu bararangura uruhara rwabo mu gukomeza agatima k’urukundo, umunezero, amahoro, hamwe n’umwete mw’ishengero. Barashigikira mu buryo bwinshi kugira ngo abagabo babo hamwe n’abandi mu bagize umuryango bashobore gukora vyinshi mu murimo wa Yehova.
3 Abavukanyikazi Bari mu Gikorwa c’Igihe Cose: Mu batama cane mu Mwami harimwo abavukanyikazi b’abamisiyonari, benshi muri bo bakaba baragize uruhara mu kwagura igikorwa mu bihugu vyo mu mahanga. Mu mashengero akorerwamwo n’abagabo babo, abakenyezi b’abacungezi b’ingenzi baragira vyinshi bakora mu gikenurwa co mu ndimiro, mu kuremesha abavukanyikazi benshi. Ntitwirengagize abavukanyikazi bakorera kuri Beteli, bakorana umwete igikorwa ceranda mu gushigikira ishirahamwe rya Yehova. Abavukanyikazi bacu b’abatsimvyi b’intahorereza, mu twigoro bagira badahemuka mu gushemeza Imana, bariko barafasha abantu ibihumbi n’ibihumbi kugira ngo bamenye ukuri.
4 Abo bakenyezi b’abizerwa barumva baheze akanyota cane muri utwo twigoro bagira mu buzima. (1 Tim. 6:6, 8) Barakwiriye ugushimirwa hamwe n’indemesho izo ari zo zose dushobora kubaha kandi tukabashigikira uko dushoboye.
5 Abakirisu b’abakenyezi ni ubutunzi bw’agaciro kw’ishirahamwe rya Yehova, bakaba barangura badahemuka igikorwa kibera umuhezagiro bose. Ese twobandanya gushima abakenyezi nk’abo kandi tugasenga dusaba ko umuhezagiro wa Yehova uba kumwe na bo uko baguma “bakorera [cane] mu Mwami.”