Kwiga Amashure n’Imigambi Yawe yo mu vy’Impwemu
1 Kwiga amashure akwiye y’ishimikiro ukiri muto birashobora kukwigisha ubuhinga bukenewe kugira ngo ushobore gusoma no kwandika neza wongere utahure muri rusangi indondabihugu, kahise, ibiharuro, na siyansi. Muri ico gihe urashobora kwiga kwiyumvira mu buryo butomotse, kwihweza ibintu, gutorera umuti ingorane be no gushikiriza ivyiyumviro vy’ingirakamaro. Ayo mashure azokuronsa ivyiza mu buzima bwawe bwose. Amashure wiga ashobora kugiranira isano gute n’imigambi yo mu vy’impwemu ufise mu buzima akongera akagufasha kuronka “ubukerebutsi ngirakimazi n’ububasha bwo kwiyumvira”?—Imig. 3:21, 22, NW.
2 Nucike Kirumara mu Murimo w’Imana: Igihe uri kw’ishure, nutege amatwi ivyigwa wongere ukore neza udukorwa baguha two gukorera i muhira. Umenye gusoma neza ukagira n’akamenyero ko kwiga neza, urashobora kurushiriza kworoherwa gutohoza Ijambo ry’Imana be no kuguma wikomeje mu vy’impwemu. (Ivyak. 17:11) Ubumenyi bwuzuye ukuye mu mashure buzogufasha guhuza n’abantu mutarukiye mu rwego rumwe, mudakunda bimwe kandi mudasangiye ukwemera, igihe muhurira mu gikenurwa. Indero uhabwa mw’ishure izoba kirumara uko urangura amabanga ya gikirisu ujejwe mw’ishirahamwe ry’Imana.—Gereranya na 2 Timoteyo 2:21; 4:11.
3 Niwige Kwitunga: Ukoranye ubwira, urashobora kandi kwiga ubuhinga bukenewe kugira ngo uzoshobore kwibeshaho niwamara guheza amashure. (Gereranya na 1 Timoteyo 5:8.) Nuhitemwo witonze ivyigwa uzokurikirana. Aho gukurikirana ivyigwa usanga akazi kadakunda kubonekamwo, rimbura ivyerekeye kwiga umwuga canke ubuhinga buzotuma ushobora kuronka akazi kabereye. (Imig. 22:29) Inyigisho nk’iyo izotuma ushobora kwitunga uramutse uhisemwo gukorera ahari umukeno kuruta ahandi.—Gereranya n’Ivyakozwe 18:1-4.
4 Kugira ubumenyi bwiza bw’ishimikiro mu gihe ukiri ku ntebe y’ishure birashobora kugufasha kuzokwagura igikenurwa cawe. Kura amaboko mu mpuzu wige ubuhinga bukenewe kugira ngo uzokwitunge mu gihe uzoba uriko uratera imbere mu murimo wa Yehova. Gutyo amashure azoba ayo kugufasha kugira ngo ushikire imigambi wishinze yo mu vy’impwemu.