ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 11/99 rup. 6
  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu
  • Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Ivyo bijanye
  • Tugume dufata neza aho dusengera
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Twofasha gute kubungabunga Ingoro y’Ubwami yacu?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
  • Iki ni ikibanza dusengeramwo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ibibanza dusengeramwo
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—1999
km 11/99 rup. 6

Inyishu ku Bibazo Vyanyu

◼ Ni nde ajejwe gusukura Ingoro y’Ubwami?

Ingoro y’Ubwami isukuye kandi iryoheye ijisho irabonekesha neza ubutumwa twamamaza. (Gereranya na 1 Petero 2:12.) Birakenewe cane ko ingoro iguma isa neza, irimwo urutonde kandi umwe wese arashobora kugira uruhara muri ivyo. Ntidukwiye kwitega ko abantu bakeyi gusa baba ari bo bakora ico gikorwa cose. Mu bisanzwe, ukugira isuku bitegurwa hakurikijwe imigwi y’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero, uwurongora inyigisho canke umufasha wiwe akabihagarikira. Mu ngoro zikoreshwa n’amashengero atari make, abakurambere bazotunganya neza ibintu ku buryo amashengero yose agira uruhara muri iryo suku.

Twokwitwararika neza gute iryo banga? Ingoro y’Ubwami ikwiye gusukurwa hakurikijwe urutonde rudahinduka. Ivya nkenerwa n’ibikoresho bikwiye kuba bihari kugira bikoreshwe mu kugira isuku. Urutonde rw’ibintu bikenewe gukorwa rukwiye gushirwa aho abakora bashobora kururabirako kugira ngo rubayobore. Hashobora gushirwaho intonde zibiri zitandukanye, rumwe rukaba urw’isuku ryoroheje ry’inyuma y’ikoraniro ryose, urundi na rwo rukaba urw’ugusukura indwi ku ndwi mu buryo bunogangije. Umurongozi w’inyigisho y’igitabu akwiye gutondeka ivyo kugira isuku ku musi no ku mwanya ushobokera ababishinzwe bose. Harakwiye kwama hitwararikwa peluze (utwatsi), amashurwe, hamwe n’uduti tuhateye. Utuyira two gucamwo be n’aho guhagarika imiduga hakwiye kuguma hatagira umwavu. Ku mwaka ku mwaka harakwiye kugirwa isuku mu buryo bunogangije, kumbure imbere gatoyi y’Icibutso. Muri ivyo hoshobora kujamwo uguhanagura amadirisha n’impome, gusiga hasi n’ukumesura amarido.

Birumvikana ko twese dushobora kworohereza abakora ico gikorwa mu kudata amabazoka imbere mu ngoro canke inyuma yayo. Turashobora gutunganya mu kazu ka surwumwe igihe cose duhejeje kuhakoresha, tukahasiga hasukuye ku wundi muntu aza kuhakoresha. Uraba maso wirinde kumenagura ibikoresho canke ibindi bintu vyashizweyo. Nimwandike intebe zononekaye, ingorane z’imiringoti y’amazi, intsinga zazigiye, n’ibindi, kandi muce mugira raporo y’ivyo bintu muyihe umuvukanyi ajejwe isuku ry’Ingoro y’Ubwami.

Nimuze twese tugire umutima ukunze wo kurangura uruhara rwacu. Ivyo bizotuma inzu dusengeramwo iba iyihimbaye kandi bitwerekane ko turi abantu b’isuku bateza iteka Yehova Imana.—1 Pet. 1:16.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika