ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/99 rup. 1
  • Ivyo Ntitwari Twaravyumvise?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyo Ntitwari Twaravyumvise?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Ivyo bijanye
  • Woba Ukunda Ivyibutswa vya Yehova mu Buryo Buhebuje?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ivyibutsa vya Yehova ni ivyo kwizigirwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Reka Ijambo ry’Imana rimurikire inzira yawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Niwizigire Ijambo rya Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—1999
km 12/99 rup. 1

Ivyo Ntitwari Twaravyumvise?

1 Ego cane twaravyumvise! Yehova arasubiramwo ibintu vyinshi mw’Ijambo ryiwe ku neza y’abantu biwe. Yezu kenshi yarasubiramwo inyigisho ziwe zerekeye imice itandukanye y’Ubwami. Intumwa ziwe zarabandanije gusubiriramwo ibintu vy’impwemu abari bamaze gushinga imizi mu kuri.—Rom. 15:15; 2 Pet. 1:12, 13; 3:1, 2.

2 Muri iki gihe cacu ishirahamwe rya Yehova ryararinganije ibintu kugira ngo ibiganiro bihambaye bize birasubirwamwo kenshikenshi ku makoraniro y’ishengero. Ibisohokayandikiro bimwebimwe biramaze kwigwa incuro n’izindi. Egome, birahambaye yuko twumva ibintu twari twaramaze kwumva!

3 Isubiramwo Rirashitsa Ibikenewe Bihambaye: Ivyo Yehova atwibutsa birashikana kure ugutahura kwacu, bikagura ukuntu tubona ibintu, kandi bigakomeza umwiyemezo wacu wo kuguma duhagaze neza mu vy’impwemu. (Zab. 119:129) Gusubiramwo ingingo ngenderwako z’Imana be n’amategeko yiwe bisa n’ukwiraba mu cirore. Biradufasha kwisuzuma no guhagarika impengamiro y’ukuba “uwumva akavyibagira.”—Yak. 1:22-25.

4 Igihe tutagumye twiyibutsa ukuri, ibindi bintu bizokwosha imitima yacu. Ivyo Imana itwibutsa biradukomeza kugira tunanire utwosho tubi tw’iyi si ya Shetani. (Zab. 119:2, 3, 99, 133; Flp. 3:1) Ivyo twibutswa ubudahorereza ku vyerekeye iranguka ry’imigambi ya Yehova bituma ‘twama tugavye.’ (Mrk. 13:32-37) Isubirwamwo ry’ibintu vy’ukuri vyo mu Vyanditswe biradufasha kuguma mu nzira ijana mu buzima budashira.—Zab. 119:144.

5 Ukuntu Tuvyungukirako Twebwe Ubwacu: Dutegerezwa ‘guhengekera imitima yacu ku vyo Imana itwibutsa’ (Zab. 119:36, NW) Igihe hari ikiganiro kimenyerewe kizokwihwezwa kw’ikoraniro ry’ishengero, dukwiye kugitegura imbere y’igihe, tukaraba ivyanditswe vyerekanywe, kandi tukaraba ukuntu dushobora gukurikiza ayo mayagwa. Ntitugasimbe isubiramwo ryandikwa mw’Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi, twiyumvira yuko bidakenewe. (Luka 8:18) Ntitwokwigera dushima kudatega yompi ngo ni uko ukuri kw’ishimikiro gusubirwamwo kenshi ku makoraniro yacu.—Heb. 5:11.

6 Ese twogira agatima nk’ak’umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Nanezererewe inzira y’ivyo [wibutsa], nk’uko nnezererwa ubutunzi bgose [“ibindi bintu vyose vy’agaciro,” NW].” (Zab. 119:14) Egome, twari twarumvise ivyo bintu vy’agaciro, kandi kumbure tuzokwongera kuvyumva. Kuki? Kubera ko Yehova azi ko dukeneye kuvyumva!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika