Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo
IBIMENYESHEJWE: Guhera kuri iyi nomero y’Igikorwa Dukorera Ubwami, Urutonde rw’Amakoraniro y’Umurimo ruzoba rurimwo ibizokwihwezwa mw’Ikoraniro ry’Umurimo rya mbere ry’ukwezi gukurikira. Iryo hinduka rigizwe kugira ribe integabizoza hamwe vyoshika Igikorwa Dukorera Ubwami kigateba kubashikira.
Indwi Itangura Ku wa 6 Kigarama
Ururirimbo rw’207
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Amatangazo arobanuwe mu yo mu Gikorwa Dukorera Ubwami.
Imin. 15: “Niwigane Ukutarobanura kwa Yehova.” Amajambo y’intangamarara nuyashikirize mu mwanya udashika umunuta, hace hakurikira ikiganiro c’ibibazo n’inyishu. Nusigure ukutarobanura ico ari co, ukuntu Yehova abigaragaza, n’ukuntu ivyo dushobora kuvyerekana mu gikenurwa cacu.—Raba Étude percipace des Écritures, Imbumbe ya 1, urupapuro rw’1175 ingingo y’8 gushika ku rupapuro 1176 ingingo ya 2.
Imin. 20: “Ivyo Ntitwari Twaravyumvise?” Insiguro n’uguhana ijambo n’abumviriza. Nusabe abumviriza bagire ico bavuze ku kuntu ugusubiramwo kwabafashije gutahura no gushima ukuri bimwe vyuzuye kuruta.—Raba Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Mukakaro 1995, urupapuro rwa 21-22, wongere urabe n’Umunara w’Inderetsi (mu Kirundi) wo muri Myandagaro 1993, urupapuro rwa 22-23, ingingo y’10-12.
Ururirimbo rw’218 n’isengesho ryo gusozera
Indwi Itangura Ku wa 13 Kigarama
Ururirimbo rw’168
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Raporo y’ivy’Amakonte. Nutange inama z’ukuntu bokwishura n’ubungenge indamukanyo zo ku misi mikuru. Nimba ishengero rifise ibitabu Mtu Mkuu Zaidi canke Mwalimu Mkuu mu bubiko, nubereke ukuntu bishobora gukoreshwa mu buryo bw’ingirakamaro mu gikenurwa mu gihe c’imisi mikuru ya Noweli.
Imin. 15: “Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi mu 2000.” Insiguro ishikirizwa n’umucungezi w’Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi. Nimwihweze ivyahinduwe bikurikira mu rutonde rw’umwaka mushasha. Ikigabu No. 3 kizoba gishingiye kuri Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya Ikigabu No. 4 kizoba gishingiye kuri Ico Wogira ngo Umubano Wawe wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare. Nuremeshe bose gukurikiza ugusoma Bibiliya kwabo kwo ku ndwi ku ndwi, kandi babe abanyamwete mu gushitsa ibigabu vyabo mw’ishure.
Imin. 20: “Uwutemera Imana Uzomubwira Iki?” Ikiganiro c’Ibibazo n’Inyishu. Nimwihweze imvo zitandukanye zatumye benshi batakaza ukwizera Imana. Nuvuge uburyo bumwebumwe bw’ukuntu dushobora kubegera kugira tubafashe kubona ko vyumvikana kwemera yuko Imana iriho. Nimugire umwerekano umwe canke ibiri migufimigufi. Nimba mushaka kumenya ibindi, raba igitabu Kutoa Sababu, urupapuro rw’223-224, be na Jitihada ya Ainabinadamu ya Kutafuta Mungu, ikigabane ca 14.
Ururirimbo rw’220 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura Ku wa 20 Kigarama
Ururirimbo rw’219
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu be na “Raba Ububasha bwa Bibiliya!” Nusabe abamamaji bigane muri make ibintu bikabura baherutse kwibonera mu murimo wo ndimiro.
Imin. 15: Uburyo bwo Kwishura Amajambo Yohava Ahagarika Ikiyago. Uguhana ijambo n’abumviriza be n’imyerekano. Soma “Maelezo” ku rupapuro rwa 15-16 mu gitabu Kutoa Sababu. Robanura uburyo bubiri canke butatu bw’ “amajambo yohava ahagarika ikiyago” buri ku rupapuro rwa 16-20, canke ukoreshe ayandi majambo mukunda guhura kenshi mu karere mwakebewe. Nimwihweze inama zimwezimwe z’ukuntu twokwishura, kandi mwihweze igituma zogira ico zikoze aho iwanyu. Nimugire umwerekano mugufi w’inyishu nkeyi mwokoresha. Nusabe abumviriza bavuge inyishu bagiye barakoresha bakagira ingaruka nziza.
Imin. 20: Noba Nkwiye Kwemera Akazi Kajanye n’Ishirahamwe ry’ivy’Idini? Insiguro ishikirizwa n’umukurambere, ishingiye ku Munara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 15 Ndamukiza 1999, urupapuro rwa 28-30. Abantu bamwebamwe bemeye mwene ubwo buzi mu nyuma basanze ivyo bariko bakora bitajanye n’ingingo za Bibiliya. Nimwihweze ibibazo dukeneye kurimbura igihe dufata ingingo yerekeye ugukora akazi ko mw’isi kari n’ibintu bimwebimwe gapfana n’amadini. Nuremeshe bose gukurikirana ingendo izotuma baboneka neza imbere ya Yehova.—2 Kor. 6:3, 4, 14-18.
Ururirimbo rw’109 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura Ku wa 27 Kigarama
Ururirimbo rw’166
Imin. 10: Amatangazo y’iwanyu. Nimba ishengero ry’iwanyu rizohindura ibihe vy’amakoraniro ku bw’umwaka mushasha, nuremeshe bose n’ubugwaneza ubahimiriza kuguma bitaba amakoraniro ubudasiba kuri ivyo bihe bishasha. Numenyeshe abatohoji ba Bibiliya hamwe n’abandi bantu bashimishijwe amahinduka ayo ari yo yose yagizwe, kandi mutangure gukoresha udukaratasi tw’ubutumire twerekana urwo rutonde rushasha. Niwibutse bose gutanga raporo y’umurimo yo muri Kigarama.
Imin. 15: Ibikenewe aho iwanyu.
Imin. 20: Gushikiriza Ibitabu vya Kera Muri Nzero. Insiguro n’imyerekano. Niwerekane ibitabu bibiri canke bitatu vya kera vy’impapuro 192 vyasohotse imbere yo mu 1986 ishengero ryoba rifise mu bubiko, kandi uremeshe abamamaji gutora bimwebimwe vyo gukoresha mu gikenurwa co mu ndimiro. (Nimba ata na kimwe kiboneka, nimuganire ku vyobisubirira bishikirizwa muri Nzero.) Nusigure igituma ivyo bisohokayandikiro vya kera bikiri kirumara mu gutsimbataza ugushimishwa na Bibiliya. Mu gitabu kimwekimwe niwerekane ibintu hamwe n’amashusho vyoganirwa bishobora gukoreshwa mu buryo ngirakamaro mu gutanguza ikiyago. Nimugire umwerekano w’uburyo bumwe canke bubiri bwo gushikiriza inkuru nziza. Aho ugushimishwa kwerekanywe, agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? karashobora gukoreshwa mu gutanguza inyigisho.
Ururirimbo rw’224 n’isengesho ryo gusozera.
Indwi Itangura Ku wa 3 Nzero
Ururirimbo rw’10
Imin. 8: Amatangazo y’iwanyu.
Imin. 17: Numenye Ingene Wokwishura. (Kol. 4:6) Insiguro n’uguhana ijambo n’abumviriza. Igitabu Kutoa Sababu ni igikoresho c’agatangaza gifasha mu guca inzira yo gusangira ukuri kwa Bibiliya n’abandi. Igihe uwo dusanze ku muhana avuze amajambo yo kurwanya bimwe mu vyo twemera, kumbure turashobora gukoresha igice kivuga ngo “Mu gihe Umuntu Avuze Ngo—” kiri ku mpera y’agahimba kavuga ivy’ukwo kwemera. Niwihweze ivyavuzwe vyerekeye Bibiliya vyanditswe ku rupapuro rwa 46-49, hanyuma urimbure igituma inama zatanzwe zoshobora kuba kirumara.
Imin. 20: “Iteraniro ry’Intara ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu 2000 Ryataziriwe ngo ‘Abakora ivy’Ijambo ry’Imana’ ” Umunyamabanga ashikirize ikiganiro c’Inyongera akoresheje ibibazo n’inyishu. Ubwa mbere, nusome ikete ry’ikigabu c’iteraniro ryo ku wa 15 Kigarama 1999. Nukoreshe ivyanditswe vyatanzwe vyerekana igituma twese dukeneye gukurikira ubuyobozi bwa Sosiyete nk’uko buri. Nushimangire ivy’uko bikenewe ko umwe wese ategekanya hakiri kare imisi y’ikonji itomoye kugira ngo azokwitabe umusi umwumwe wose w’iteraniro, ushizemwo no ku wa Gatanu. Nushimire abavukanyi ku bw’ukuntu bakurikiza izo ndinganizo za Sosiyete.
Ururirimbo rwa 56 n’isengesho ryo gusozera.