ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/99 rup. 4
  • Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi mu 2000

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi mu 2000
  • Igikorwa dukorera Ubwami—1999
  • Ivyo bijanye
  • Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi mu 2001
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ishure Rituronsa Ivyangombwa Kugira ngo Dukore Ibikorwa Bihambaye Kuruta Ibindi mu Buzima
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi mu 2002
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ingene twungukira kw’Ishure ry’ubusuku bwa Gitewokarasi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
Igikorwa dukorera Ubwami—1999
km 12/99 rup. 4

Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi mu 2000

1 Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi ryaragaragaye ko ari umuhezagiro urimwo vyinshi ku bantu ba Yehova. Mu myaka irenga 50, ryarafashije abantu amamiliyoni gukomeza ubushobozi bwabo bwo kuvugira ku mugaragaro be no kwigisha ukuri kwa Bibiliya. (Zab. 145:10-12; Mat. 28:19, 20) Woba ushobora kubona ukuntu iryo shure ryagufashije? Rirashobora kubandanya rigufasha mu 2000 niwarigiramwo uruhara bimwe vyuzuye kandi ugakurikiza impanuro zitangwa.

2 Ibikurikizwa vyerekeye ibigabu hamwe n’ibisohokayandikiro bizokoreshwa vyaratondekanijwe ku rupapuro rwa mbere rw’urutonde rw’ishure ryo mu 2000. Umwanya ugenewe ikigabu kimwekimwe, isoko ry’amayagwa, ukuntu ayo mayagwa yoshikirizwa, hamwe n’ibindi bintu bitari bike birarimbuwe. Turagusavye ufate umwanya w’ugusoma izo nyobozo witonze kandi uzikurikize.

3 Ugusoma Bibiliya ku Ndwi ku Ndwi: Hariho intonde zibiri zitandukanye zo gusoma Bibiliya ku ndwi ku ndwi zashizwe ku rutonde rw’ishure. Rumwe ni urutonde rusanzwe rwo gusoma ruhetura impapuro zitanu za Bibiliya. Ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya bishingiye kuri ico gisomwa. Urundi rutonde rwo gusoma ni inyongera, rukaba rurimwo amayagwa y’urwa mbere kabiri. Ukurikije urwo rutonde, uzoshobora gusoma Bibiliya yose uko ingana mu myaka itatu. Birumvikana yuko bamwebamwe boshobora gushima gusoma ibirenze ivyashizwe ku rutonde rw’inyongera, abandi na bo ntibashobore kurukurikiza. Aho kwigereranya n’abandi, nunezerererwe ivyo ushoboye kurangura. (Gal. 6:4) Ikintu gihambaye ni ugusoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi.—Zab. 1:1-3.

4 Kugira wiyandikishe mw’Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi, ukwiye kuganira n’umucungezi w’ishure. Turagusavye ufatane uburemere ibigabu vyawe, kandi ntubihebe ata mpamvu. Nuhe agaciro ishure uyifate nk’intunganyo iva kuri Yehova. Uritegura neza, umenye bimwe binogangije amayagwa wahawe, kandi uvuge bivuye ku mutima, gutyo wungukire bimwe vyuzuye kuri iryo shure ntangere.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika