Ishure Rituronsa Ivyangombwa Kugira ngo Dukore Ibikorwa Bihambaye Kuruta Ibindi mu Buzima
1 Abantu baja kwiga amashure kugira ngo baronke inyigisho izobafasha gushika ku migambi bafise mu buzima. Ariko none, ni umugambi uwuhe woza uhambaye kuruta gushemeza wa Mutanzi w’ubuzima no gufasha abandi kumenya imigambi yiwe n’inzira ziwe? Nta n’umwe. Intumbero y’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi ni iyo kudutegura kugira ngo twigishe abandi ukwemera kwacu. Kubera ico, uko twitaba iryo shure ku ndwi ku ndwi, turagira ubuhanga butuma turonka ivyangombwa kugira ngo dukore ibikorwa bihambaye kuruta ibindi mu buzima.
2 “Urutonde rw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi rwo mu 2003” rwaratanzwe mu nomero y’Igikorwa Dukorera Ubwami co mu kwezi guheze. Urwo rutonde rurimwo ido n’ido ry’ingene iryo shure rizorongorwa. Uzosanga ari ngirakamaro kugumiza urwo rutonde mu gitabu cawe Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, na co ukaba ukwiye kwama uza ucitwaje mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi ku ndwi ku ndwi. Rimbura imice imwimwe igize iryo Shure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi ryo mu 2003.
3 Kamere y’Ivy’Ukuvuga: Guhera muri Nzero, ikoraniro ryose rizoja riratangurana n’insiguro imara iminuta itanu yerekeye kamere yinaka y’ivy’ukuvuga canke umuce kanaka ujanye no gusoma, kwiga canke kwigisha. Umucungezi w’ishure ni we azoshikiriza ivyo biganiro bitangura, canke yoshobora kugena uwundi mukurambere abishoboye kugira ngo ashikirize iyo nsiguro. Uwo mushikirizansiguro yoshobora guca irya n’ino insobanuro be n’akamaro ka kamere yinaka y’ivyo kuvuga. Akwiye kubandanya ayo mayagwa mu kurimbura uburorero bwo mu Vyanditswe no mu kwerekana uburyo bwo gukoresha iyo kamere, akibanda bimwe bidasanzwe ku kuntu kuyikoresha bishobora kuryohora ubusuku bwacu bwo mu ndimiro.
4 Ikigabu No. 1: Abavukanyi bashingwa gushikiriza insiguro ncishabwenge bongeye kugirwa inama yo “kwerekeza ubwenge ku gaciro ngirakamaro k’amakuru ariko ararimburwa.” Ivyo bisigura kwereka ishengero uburyo ryoshira mu ngiro ayo makuru. Nimba uhawe ico kigabu, raba mu gitabu Ishure ry’Ubusuku ku rupapuro rwa 48 n’urwa 49 kugira ngo uronke inama ku bijanye n’uburyo bwo gutegura, kandi wige amarabiro yerekanywe mw’ironderero ry’ico gitabu ahavuga ngo “Insobanuro ngirakimazi y’ukuntu amayagwa yokurikizwa.”
5 Urutonde rwo Gusoma Bibiliya: Nimba mu bihe vyahise utashoboye gukurikiza urutonde rwo gusoma Bibiliya rwo mu mushamvu, ni kubera iki utokwiyemeza kwumira ku rutonde rw’uyo mwaka? Abazobigira bazorangiza Ivyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu ku mpera z’uwo mwaka. Ivyiza vyo gutangurira ku Vyanditswe vy’Ikigiriki vya Gikirisu muri porogarama yo gusoma Bibiliya, birarimburwa mu gitabu Ishure ry’Ubusuku, ku rupapuro rw’10 ingingo ya 4.
6 Ivyiyumviro Bikurubikuru vyo mu Gisomwa ca Bibiliya: Ico kigabu carongewe umwanya gihabwa iminuta cumi kugira ngo abumviriza bashobore gutanga insasanuro ku gisomwa co muri uwo mushamvu. Abashingwa ico kigabu bakwiye kutarenza umwanya watanzwe. Kizoja kirashikirizwa ku ndwi ku ndwi, dushizemwo n’indwi iberamwo isubiramwo rigirwa ku munwa. Igihe usoma ibigabane vyatanzwe, nurondere ivyiyumviro bizokugirira akamaro mu nyigisho yanyu y’umuryango, mu busuku urangura, canke mu buryo ubayeho. Ni kamere za Yehova izihe zigaragaje mu vyo yakoranye n’abantu be n’amahanga? Ni ibiki wize vyakomeje ukwizera kwawe kandi bigatuma urushiriza gukengurukira Yehova? Ntiwitinye kugira ico uvuze ku ciyumviro ico ari co cose kiri mu bigabane vyatanzwe, mbere no mu mirongo iza gusomwa mu Kigabu No. 2, kubera yuko umuvukanyi asoma atazogira ico avuze kuri iyo mirongo.
7 Ikigabu No. 2: Ikigabu ca mbere c’umunyeshure ca buri mushamvu kizoba ari umwimenyerezo wo gusoma icese. Kiretse igisomwa ca nyuma mu kwezi, ibisomwa vyose bizoja birakurwa mu gisomwa c’umushamvu co muri Bibiliya. Igisomwa ca nyuma mu kwezi kizoja kirakurwa mu Munara w’Inderetsi. Umunyeshure akwiye kuzosoma amayagwa yatanzwe atarinze gushikiriza intangamarara canke insozero. Muri ubwo buryo, arashobora kwibanda ku buhanga bwo gusoma.—1 Tim. 4:13.
8 Ibigabu No. 3 na No. 4: Amayagwa azokoreshwa kuri bimwebimwe muri ibi bigabu, azova mu gitabu Umuntu Ahambaye no mu gatabu Imitwe Ishingiye Kuri Bibiliya; ibindi bifise umutwe-shimikiro gusa. Abashingwa ibigabu bifise amayagwa makeyi canke bagahabwa umutwe-shimikiro gusa, bazoronka akaryo ko guca irya n’ino ibiganiro vyabo mu kugira ubushakashatsi mu bisohokayandikiro vyacu vya gikirisu. Ivyo birashobora gutuma abavukanyikazi barushiriza kworoherwa guhindura ivyo bavuga bakabihuza n’ababafasha.
9 Ibiringo Bifatirwako: Nk’uko vyerekanwa ku rupapuro rwa 45 rw’igitabu Ishure ry’Ubusuku, umucungezi w’ishure yoshobora gutanga ikiringo gifatirwako. Mu gihe atagitanze, abavukanyikazi rero boshobora kurobanura ikiringo bofatirako mu biri ku rupapuro rwa 82. Nimba umuvukanyikazi ashikiriza ikiganiro uko haciye amezi abiri, ivyo biringo 30 bifatirwako bizomuronsa uburyo butandukanye yofatirako buzoshobora kumara imyaka itanu. Abavukanyikazi batora ikiringo No. 30, kivuga ngo “Ibindi biringo mwofatirako bibereye akarere k’iwanyu,” ikiringo bitoreye gufatirako bakwiye kucandika amaja hepfo ku gakaratasi bahereweko ikigabu (S-89-RU) canke bakacandika inyuma yako. Umucungezi w’ishure azokwandika igenekerezo ikiganiro c’uwo munyeshure gitangiweko, ku rupapuro rwa 82 rw’ico gitabu iruhande y’ikiringo yafatiyeko. Ashobora kubigira mu gihe nyene aba ariko yuzuza ifomu y’impanuro y’umunyeshure.
10 Ifomu y’Impanuro: Ifomu yawe y’impanuro iri mu gitabu cawe. Iri kuva ku rupapuro rwa 79-81. Ku bw’ivyo rero, bizoba ngombwa ko ushikiriza igitabu cawe umucungezi w’ishure inyuma y’insiguro imwimwe yose uzoja uratanga. Umucungezi w’ishure azoba akwiye kuza arandika amanuta y’impanuro abanyeshure bakorerako.
11 Isubiramwo Rigirwa ku Munwa: Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi rizoja rirayoborwa ku munwa. Rizoja riragirwa rimwe mu mezi abiri rimare iminuta 30. Ibibazo vyo kurimbura mu kiringo c’iryo subiramwo bizobandanya gusohorwa mu Gikorwa Dukorera Ubwami. Mu gihe indwi izobamwo isubiramwo rigirwa ku munwa izohurirana n’indwi y’iteraniro ry’umuzunguruko canke n’ukugenderwa n’umucungezi w’umuzunguruko, insiguro zo mu ndwi ikurikira zikwiye rero gushikirizwa indwi imwe imbere y’igihe, maze iryo subiramwo rigirwa ku munwa rikimurirwa mu ndwi ikurikira.
12 Amasomero y’Inyongera: Mu mashengero afise ishure ryiyandikishijemwo abanyeshure barenga 50, abakurambere boshobora kwihweza ivyo gukoresha amasomero y’inyongera. “Iyo ndinganizo yoshobora gukoreshwa ku biganiro vyose bishikirizwa n’abanyeshure, canke kuri bibiri vya nyuma gusa.” (Ishure ry’Ubusuku, rup. 285) Iciyumviro co gukoresha iyo ndinganizo ku bigabu bibiri vya nyuma gusa, gitangwa kugira ngo hitwararikwe amashengero arimwo abavukanyikazi benshi mugabo ugasanga harimwo abavukanyi bakeyi gusa bashikiriza ibigabu bijanye n’ugusoma. Abakurambere bakwiye kurobanura abavukanyi babishoboye kugira ngo barongore ayo masomero.
13 Umuhanuzi w’Inyongera: Nk’uko vyerekanwa mu rutonde rw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, umuhanuzi w’inyongera akwiye kugenwa n’inama y’abakurambere kugira ngo azoje aratanga impanuro mu mwiherero, aziha abakurambere n’abakozi b’ishengero bashikiriza ivyiyumviro bikurubikuru vyo muri Bibiliya be n’abatanga insiguro ncishabwenge. Umuvukanyi ashingwa iryo banga, akwiye kuba aciye uruma, uwo abandi bakurambere bazokwubaha impanuro atanga. Impanuro atanga zikwiye kuba izubaka, agakeza abantu ku buhinga bafise bwo kuvuga no kwigisha, maze akerekana iciyumviro kimwe canke bibiri bakeneye kuryohora. Ntibikenewe gutanga impanuro inyuma y’insiguro yose ishikirijwe n’umuvukanyi ashikiriza kenshi ibiganiro. Ariko rero, umuvukanyi yashinzwe gutanga izo mpanuro akwiye gutahura yuko mbere n’abavukanyi basanzwe batanga insiguro z’icese bashobora gufashwa kugira ngo barushirize gutera imbere.—1 Tim. 4:15.
14 Ivyo Bakwiye Kwitwararika: Ni igiki gishobora gufasha umuhanuzi mu vy’ugusuzuma ikiganiro gishikirizwa? Agasandugu kagira gatatu kari mu bigabane bitari bike muri bimwe 53 biriko inomero, mu gitabu Ishure ry’Ubusuku, karimwo incamake ngufi yerekana ico umuntu yokwitwararika. Umucungezi w’ishure akwiye kandi kwitwararika ibindi bintu vyibutswa canke izindi nama ziri muri ico gitabu, bikaba bizomufasha gusuzuma ningoga na ningoga nimba ikiganiro kinaka cashikirijwe mu buryo bwumvikana kandi neza. Nk’akarorero, raba urukurikirane rw’ibibazo dusanga amaja hejuru ku rupapuro rwa 55 be n’ivyiyumviro biri mu ngingo ya nyuma ku rupapuro rw’163.
15 Niwandike mu Bibanza Bigaragara: Turetse ivy’uko ico gitabu Ishure ry’Ubusuku gifise imyanya yagutse yo ku mibari, kirafise n’ibibanza bigaragara bitari bikeya vyateguwe kugira ngo ugire utwo wiyandikiyemwo mu gihe uriko uriyigisha no mu gihe witaba Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi. (Raba urupapuro rwa 77, 92, 165, 243, 246 n’urw’250.) Nurabe neza ntuzokwigere wibagira kuza uritwaza igitabu cawe ku ndwi ku ndwi. Nukurikire mu gitabu cawe mu kiringo c’insiguro itangura. Nugume uzinguruye igitabu cawe mu kiringo gisigaye c’iryo shure. Niwandike inama zitangwa n’umucungezi w’ishure. Nurabe neza ingene abashikirizansiguro bakoresha ubuhinga bwo kwigisha, ibibazo, uburorero, imvugo ngereranyo, ibigereranirizo, ibintu umuntu ashobora kubona, be n’amajambo ahushanya ibintu. Niwandika utuntu twogufasha, uzoshobora kwibuka ivyiyumviro vyizavyiza vyinshi wakuye muri iryo shure wongere ubikoreshe.
16 Yezu Kirisitu yari azi yuko kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana ari ko gateka gahambaye kuruta utundi twose umuntu ashobora guterwa. Cari co gikorwa nyamukuru yashinzwe. (Mrk. 1:38) Yavuze ati: “Nkwiye kuvuga ubutumwa bgiza bg’ubgami bg’Imana no mu bindi bisagara, kukw ari co natumwe.” (Luka 4:43) Cokimwe n’abemeye ubutumire bwo kumukurikira, natwe nyene turagira vyinshi dukora mu kwamamaza inkuru nziza, kandi twama nantaryo twihatira kuryohora “ikimazi co gukenguruka” dutanga. (Heb. 13:15) Kugira ngo ivyo tubishikeko, nimuze twiyemeze kugira uruhara tudahorereza mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, ari ryo shure rizodutegura kugira ngo dukore ibikorwa bihambaye kuruta ibindi mu buzima.