Ingene twungukira kw’Ishure ry’ubusuku bwa Gitewokarasi
1 Abasavyi ba Yehova barafise agateka bisangije ko kuronka inyigisho ya gitewokarasi (Yes. 54:13; Yoh. 6:45). Ariko rero, urugero tugezako mu kwungukira kuri iyo nyigisho ruvana ahanini n’akigoro tugira. Woba ubona ivyiza Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi ririko rirakuronsa mu vy’impwemu?
2 Amajambo y’ugukenguruka: Abacungezi b’ishure benshi bavuze yuko kwiga mu buryo bwimbitse kamere z’ivy’ukuvuga vyatumye amashengero bakukira arushiriza kwererwa mu busuku bwo mu ndimiro. Vyongeye, hari umucungezi w’ishure yasanze abaguma bajana na rwa rutonde rwo gusoma Bibiliya batera biyongera bivuye kuri ya ndinganizo y’uko abumviriza bagira ico bavuze igihe haba hariko harashikirizwa ibikurubikuru vyo mu gisomwa ca Bibiliya. Ku vyerekeye ikigabu No. 2, abavukanyi benshi baravuze amajambo meza yo gushima ivyiza biva ku kwibanda ku mayagwa bazosoma, batiriwe barategura intangamarara be n’insozero. Abashingwa ico kigabu usanga ubu barushiriza kwitunira canecane ku kuryohora ubuhanga bwabo bwo gusoma.—1 Tim. 4:13.
3 Twese turashobora kuryungukirako: Gutanga insasanuro ku makoraniro usanga biryoshe (Imig. 15:23). Kuba dufise imbere y’igihe vya bibazo vy’isubiramwo rigirwa ku munwa, bituma tworoherwa no gutegura iryo subiramwo no kurigiramwo uruhara. Vyongeye, kuva ku nomero y’Umunara w’Inderetsi yo ku wa 1 Nzero 2004, hagiye harasohorwa ibikurubikuru vyo mu bitabu vya Bibiliya bihuye n’igisomwa duhabwa gusoma mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Ivyo biganiro vyarafashije benshi gutanga insasanuro zubaka mu gihe c’ukurimbura ivyiyumviro bikurubikuru vyo mu gisomwa ca Bibiliya.
4 Uwo wese yanditswe muri iryo shure arafise agateka kadasanzwe ko gutegura no gushikiriza ibigabu. Twese turashobora kwungukira ku majambo yubaka umucungezi w’ishure avugira ku mukiruruko. Abanyeshure umwumwe ukwiwe barungukira kandi ku mpanuro ashobora gutangira mu mwiherero inyuma y’ikoraniro. Hariho kandi imyimenyerezo ishira ahabona kamere y’ivy’ukuvuga, tukaba tuyisanga ku mpera y’ikigabane kimwekimwe cose mu gitabu Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi. Iyo myimenyerezo na yo nyene iratanga iyindi mfashanyo.
5 Igihe ivyiyumviro vy’ingirakamaro kandi bishingiye ku Vyanditswe bishirwa ahabona mu gihe c’ishure be n’inyuma yaryo, za uravyandika mu gitabu cawe c’Ishure ry’Ubusuku. Nuzirikane ku vyo uba wize wongere urimbure ukuntu uwo muce w’inyigisho iva ku Mana uriko uryohora kamere yawe y’ivy’impwemu.