Yehova ariko aratumenyereza muri iki gikorwa
1. Igihe Yehova ashinze abantu igikorwa, ni igiki kandi akora?
1 Igihe Yehova ashinze abantu igikorwa, arabaronsa n’ivyo bakeneye bibafasha kukirangura neza. Nk’akarorero, igihe Yehova yabwira Nowa ngo yubake ubwato, ico kikaba cari igikorwa atari bwigere akora, yaramubwiye kandi ukuntu yobwubatse. (Ita. 6:14-16) Igihe wa mwungere atekereza Musa yashingwa igikorwa co kuja kuvugana n’abagabo b’inararibonye ba Isirayeli be na Farawo, Yehova yamukuye amazinda ati: “[Jewe] ubwanje nzobana n’akanwa kawe, kandi nzokwigisha ivyo ubwirizwa kuvuga.” (Kuv. 4:12) No ku bijanye n’igikorwa twashinzwe co kwamamaza inkuru nziza, Yehova aratwereka ingene twokirangura neza. Ariko aratumenyereza muri ico gikorwa biciye kw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi no kw’Ikoraniro ry’umurimo. Dushobora gute none kwungukira kuri ukwo kumenyerezwa?
2. Dushobora gute kwungukira kw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi?
2 Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi: Buri gihe nurimbure amayagwa aba ari ku rutonde imbere y’uko witaba iryo koraniro. Uko uza uritegereza ukuntu abanyeshure bakoresha ayo mayagwa mu biganiro vyabo, ni ko uzorushiriza gukarisha ubuhanga bwawe bwo kwigisha. (Imig. 27:17) Nuze uraza kw’ikoraniro wibangikanije igitabu cawe c’Ishure ry’Ubusuku maze ugire utwo uza uriyandikira muri co. Igihe umucungezi w’ishure aza araca irya n’ino ibiri muri ico gitabu igihe umunyeshure umwumwe wese ahejeje gushikiriza ikiganiro ciwe, nuze uraca akarongo ku vyiyumviro ubona ko woshira mu ngiro kandi ugire utwo wiyandikiye muri urya mwanya uri ku mubari. Ariko rero, uburyo bwiza kuruta bwo kwungukira kuri iryo shure ni ukurigiramwo uruhara. Woba wariyandikishije muri iryo shure? Igihe ushinzwe ikiganiro, nugitegure neza kandi ushire mu ngiro impanuro uhabwa. Igihe uri mu busuku, nukoreshe ivyo wize muri iryo shure.
3. Ni ibiki bizodufasha kwungukira kw’Ikoraniro ry’umurimo?
3 Ikoraniro ry’umurimo: Nitwasoma imbere y’igihe amayagwa ashikirizwa muri iryo koraniro kandi tukitegurira gutanga insasanuro, ni ho tuzorushiriza kwibuka ivyiyumviro bizoba vyashikirijwe. Nitwatanga insasanuro ngufi, bizotuma n’abandi benshi baronka akaryo ko gutanga insasanuro. Niwihweze witonze imyerekano maze ukoreshe ivyiyumviro vyose vyatanzwe ubona ko vyotuma urushiriza kuvyifatamwo neza mu busuku urangura. Nuze urabika neza Igikorwa dukorera Ubwami kirimwo ibiganiro vy’ingirakamaro cane kugira uzovyikoreko ikindi gihe.
4. Kubera iki dukwiye kwungukira ku kumenyerezwa Yehova aturonsa?
4 Nk’uko vyari bimeze ku bijanye n’ibikorwa Nowa be na Musa bashinzwe, igikorwa twashinzwe co kwamamaza inkuru nziza kw’isi yose nticoroshe. (Mat. 24:14) Turashobora kuroranirwa mu gihe twihetse kuri Yehova, we Mwigisha wacu Ahambaye, kandi tukungukira kuri ukwo kumenyerezwa aturonsa.—Yes. 30:20.