Ivyo Ntitwari Twaravyumvise?
1 Ego cane twaravyumvise! Yehova arasubiramwo ibintu vyinshi mw’Ijambo ryiwe ku neza y’abantu biwe. Yezu kenshi yarasubiramwo inyigisho ziwe zerekeye imice itandukanye y’Ubwami. Intumwa ziwe zarabandanije gusubiriramwo ibintu vy’impwemu abari bamaze gushinga imizi mu kuri.—Rom. 15:15; 2 Pet. 1:12, 13; 3:1, 2.
2 Muri iki gihe cacu ishirahamwe rya Yehova ryararinganije ibintu kugira ngo ibiganiro bihambaye bize birasubirwamwo kenshikenshi ku makoraniro y’ishengero. Ibisohokayandikiro bimwebimwe biramaze kwigwa incuro n’izindi. Egome, birahambaye yuko twumva ibintu twari twaramaze kwumva!
3 Isubiramwo Rirashitsa Ibikenewe Bihambaye: Ivyo Yehova atwibutsa birashikana kure ugutahura kwacu, bikagura ukuntu tubona ibintu, kandi bigakomeza umwiyemezo wacu wo kuguma duhagaze neza mu vy’impwemu. (Zab. 119:129) Gusubiramwo ingingo ngenderwako z’Imana be n’amategeko yiwe bisa n’ukwiraba mu cirore. Biradufasha kwisuzuma no guhagarika impengamiro y’ukuba “uwumva akavyibagira.”—Yak. 1:22-25.
4 Igihe tutagumye twiyibutsa ukuri, ibindi bintu bizokwosha imitima yacu. Ivyo Imana itwibutsa biradukomeza kugira tunanire utwosho tubi tw’iyi si ya Shetani. (Zab. 119:2, 3, 99, 133; Flp. 3:1) Ivyo twibutswa ubudahorereza ku vyerekeye iranguka ry’imigambi ya Yehova bituma ‘twama tugavye.’ (Mrk. 13:32-37) Isubirwamwo ry’ibintu vy’ukuri vyo mu Vyanditswe biradufasha kuguma mu nzira ijana mu buzima budashira.—Zab. 119:144.
5 Ukuntu Tuvyungukirako Twebwe Ubwacu: Dutegerezwa ‘guhengekera imitima yacu ku vyo Imana itwibutsa’ (Zab. 119:36, NW) Igihe hari ikiganiro kimenyerewe kizokwihwezwa kw’ikoraniro ry’ishengero, dukwiye kugitegura imbere y’igihe, tukaraba ivyanditswe vyerekanywe, kandi tukaraba ukuntu dushobora gukurikiza ayo mayagwa. Ntitugasimbe isubiramwo ryandikwa mw’Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi, twiyumvira yuko bidakenewe. (Luka 8:18) Ntitwokwigera dushima kudatega yompi ngo ni uko ukuri kw’ishimikiro gusubirwamwo kenshi ku makoraniro yacu.—Heb. 5:11.
6 Ese twogira agatima nk’ak’umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Nanezererewe inzira y’ivyo [wibutsa], nk’uko nnezererwa ubutunzi bgose [“ibindi bintu vyose vy’agaciro,” NW].” (Zab. 119:14) Egome, twari twarumvise ivyo bintu vy’agaciro, kandi kumbure tuzokwongera kuvyumva. Kuki? Kubera ko Yehova azi ko dukeneye kuvyumva!