ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/00 rup. 3
  • Nurimbure Ijambo rya Yehova Imisi Yose!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nurimbure Ijambo rya Yehova Imisi Yose!
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • Urutonde rw’ibikorwa vyo mu muryango—Icanditswe c’umusi
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ibibazo vy’Abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Ingene Yehova adufasha kwihangana tunezerewe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Mwoba mwiteguriye ishure?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 1/00 rup. 3

Nurimbure Ijambo rya Yehova Imisi Yose!

1 Uko buca ni ko haba ibintu bishasha bigerageza ukwizera kwawe. Kumbure umuntu muzinanyi wo mw’isi aguma akugobera ngo musohokane. Hari aho umwigisha wawe yoba ashaka yuko ukurikirana akazi ko mw’isi, canke umukoresha wawe akaba ashaka ko ukora amasaha menshi. Kumbure amagara yawe atera ayonga. Naho woshobora gushikirwa n’ibigeragezo mwene ivyo igihe ico ari co cose, ntubuze gitabara. Yehova aragabirije kuguha ubukerebutsi ukeneye kugira ngo ubitsinde. Kwihweza icanditswe ca Bibiliya hamwe n’insobanuro zaco mu gatabu Twihweze Ivyanditswe ku Musi ku Musi ni bumwe mu buryo wokoresha mu kwigaburira Ijambo rya Yehova ubudasiba. Woba utorera akunguko kuri iyo ntunganyo?

2 Imfashanyo Iriho: Muri Yesaya 30:20 (NW), hadondora Yehova ko ari “Umwigisha Ahambaye” ari we abantu b’Imana bashobora guhanga amaso kugira abafashe. Yehova araguha ibintu nyene ukeneye kugira ngo uhangane n’ibigerageza ukwizera kwawe. Mu buryo ki? Umurongo ukurikira usigura uti: “Amatwi yanyu azokwumva ijambo ribaturutse inyuma rivuga, rit’Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana. ” Muri iki gihe, Yehova ararungika “ijambo” ryiwe biciye ku Vyanditswe be n’ibisohokayandikiro vya ‘wa mushumba w’umwizerwa.’ (Mat. 24:45, NW) Mu biganiro vy’Umunara w’Inderetsi vya kera vyonyene harimwo ubukerebutsi bwinshi, bikaba bivuga ivyerekeye hafi umuce wose w’ukubaho rukirisu. Gusubiramwo ibiganiro biba vyakuwemwo amajambo ari mu gatabu Twihweze Ivyanditswe ku Musi ku Musi, biragufasha kugira ubumenyi bwinshi cane bufise agaciro ntangere mu vy’ugufasha umuntu gutsinda ibigeragezo vy’uburyo bwose.—Yes. 48:17.

3 Nubironderere Umwanya Wavyo: Naho imisi yose mu gitondo haba hari ibikorwa vyinshi, umugore umwe yishingiye kuza arasoma icanditswe c’umusi be n’insobanuro zaco ari kumwe n’umuhungu wiwe, bongera babiganirako, igihe baba bariko baritanga umusase. Ayo majambo hamwe n’isengesho ni vyo vya nyuma yumva imisi yose mu gitondo imbere y’uko aja kw’ishure. Vyaramukomeje bituma ananira abamuryosharyosha ngo basambane, arahagarara ashikamye mu kutaja mu vy’ukwiratira igihugu, kandi agashinga intahe adatinya ku banyeshure cokimwe no ku bigisha. Naho ari we yari Icabona wenyene kuri iryo shure, ntiyigera yumva ko ari wenyene.

4 Nuhange amaso Yehova hamwe n’Ijambo ryiwe kugira ngo uronke ubuyobozi wongere ukingirwe. Niwabigenza gutyo, azokubera umuntu ariho vy’ukuri, nk’umugenzi w’umwizigirwa. Niwame umwitura imisi yose! Kumwe n’abandi bantu amamiliyoni kw’isi iyo iva ikagera barondera impanuro mw’Ijambo ry’Imana ku musi ku musi, amaso yawe nacike “amaso abona Umwigisha wawe Ahambaye.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika