Mwoba mwiteguriye ishure?
1. Igihe mutanguye ishure, muba mufise uturyo utuhe?
1 Waba ari wo mwaka wa mbere muja kw’ishure canke ari uwundi mwaka mutanguye, mwebwe abakirisu mukiri bato muzoshikirwa n’intambamyi mutari mumenyereye be n’imikazo itahora ibashikira. Ariko kandi murafise uturyo mutahorana two “[gushingira] intahe ukuri.” (Yoh. 18:37) Mwoba none mwiteguye neza mukaba kandi mugabirije gushinga intahe?
2. Ni mu buryo butandukanye ubuhe mwiteguriye ishure?
2 Kugira ngo muroranirwe mu muce uwo ari wo wose w’ubuzima, mwaramenyerejwe bihagije bivuye kuri Yehova, ku bavyeyi banyu no kuri wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge. (Imig. 1:8; 6:20; 23:23-25; Ef. 6:1-4; 2 Tim. 3:16, 17) Gushika ubu, nta gukeka ko muzi intambamyi mukwiye kwitega kw’ishure iwanyu. Kubera ko mwamenyerejwe n’Imana mukaba kandi muzi ukuntu aho hantu muzoba muri hameze, nimwitegurire gushinga intahe. (Imig. 22:3) Nimurimbure ata gufyina ubuyobozi be n’inama ngirakamaro zishingiye ku Vyanditswe musanga muri za mbumbe zibiri z’igitabu Urwaruka ruribaza hamwe n’ibiganiro bijanye na co vyama vyasohowe muri Réveillez-vous!
3. Ni mu buryo butandukanye ubuhe muzoshobora gushinga intahe?
3 Icibare kidasanzwe murimwo kizotuma mushobora gushinga intahe mu buryo bwinshi. Igihe abandi bihweje akarorero keza mutanga mu nyambaro no mu kwitunganya, mu nyifato no mu mvugo, mu kuntu mwubaha abo mwigana be n’abigisha banyu, mukubaha mbere n’abo mungana, maze bakibonera yuko mufise ingingo ngenderwako zikomeye mwisunga mu buzima, bamwebamwe boshobora kubaza bati: “Ni kubera iki mutandukanye cane n’abandi?” (Mal. 3:18; Yoh. 15:19) Mwoshobora kuronka akaryo ko gushinga intahe no gusigura ivyo mwemera. (1 Tim. 2:9, 10) Mu kiringo c’umwaka wose, birashoboka ko muzohura n’ingorane, nk’ibirori bijanye no kwishimira igihugu be n’imisi mikuru. Mbega nibakubaza igituma utabigiramwo uruhara, woba uzovuga wikurayo uti: “Twebwe Ivyabona vya Yehova, ivyo nta vyo tugira,” canke woba uzoca uboneraho akaryo ko gushingira intahe Umuvyeyi wawe munyarukundo Yehova? Nimwitegura neza mwisunze ubuyobozi Yehova atanga bizotuma muba abiteguriye kubwira inkuru nziza abigisha, abo mwigana be n’abandi mu buryo bwiza.—1 Pet. 3:15.
4. Ni kubera iki mwokwizigira yuko mushobora kuroranirwa mu kiringo c’umwaka w’ishure?
4 Naho mwoshobora kwumva mufise akoba ko kuja kw’ishure, nimumenye ko mushigikiwe n’abantu benshi bipfuza ko mwororanirwa mu kiringo c’umwaka w’ishure. Vyongeye, turanezeranwa namwe mu migambi mufise yo kubwira abandi inkuru nziza mu cibare canyu kidasanzwe. Ku bw’ivyo, nimugire umutima rugabo maze mwitegurire ishure!