ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/11 rup. 2
  • Abana bawe boba biteguye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abana bawe boba biteguye?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyo bijanye
  • Nufashe abana bawe kuvyifatamwo neza mu ngorane nyinshi zibashikira
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Mwoba mwiteguriye ishure?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Urugo rwanyu rushobora gute kugira agahimbare?—Igice ca 2
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Bavyeyi, nimwigishe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 7/11 rup. 2

Abana bawe boba biteguye?

1. Ni kubera iki bikenewe yuko abana b’abanyeshure baba biteguye?

1 Aho abana bacu bazosubirira kw’ishure uburuhuko buheze, nta gukeka ko bazoshikirwa n’izindi ngorane be n’utundi twosho. Bazoronka kandi utundi turyo two ‘gushingira intahe ukuri.’ (Yoh. 18:37) Boba none biteguye?

2. Kugira ngo abana bawe babe biteguye, ni ibiki bakwiye kuba bazi?

2 Abana bawe boba batahura neza ico bisobanura kugira uruhara mu birori vyo guhayagiza igihugu no mu misi mikuru ya gipagani be n’igituma badakwiye kubigiramwo uruhara? Boba biteguriye guhangana n’akosho bazogirwako ko gukurikirana amashure ahanitse, gukundana n’abo badasangiye igitsina, no kunywa inzoga canke ibiyayuramutwe? Boba bovuga gusa yuko idini ryabo ari ryo ribabuza gukora ikintu kinaka kitabereye, canke barazi gusigura ivyo bemera?—1 Pet. 3:15.

3. Abavyeyi boshobora gute gukoresha umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango kugira ngo bategure abana babo?

3 Nukoreshe wa mugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango: Birumvikana ko ushobora kuzoza uragiranira ibiganiro n’abana bawe mu mwaka wose w’ishure uko bizoba bikenewe. Niwagira akigoro kadasanzwe ko kwihweza imbere y’uko amashure atangura ingorane zoshobora gushikira abana bawe kw’ishure, bizotuma bashira umutima mu nda. Ubona gute ukoresheje umugoroba uhariwe Ugusenga kwo mu muryango umwe canke irenga ku bw’ivyo? Woshobora kubaza abana bawe ikintu kibahagarika umutima kuruta ibindi igihe biyumviriye ivyo gusubira kw’ishure. Ivyiyumviro mwihweje mu myaka iheze mwoshobora kwongera kuvyihweza ubu abana bawe bakuze, bakaba kandi batahura ibintu kuruta. (Zab. 119:95) Woshobora gushiramwo udukino two kwimenyereza aho wewe umera nk’umwigisha, canke umunyeshure yigana n’umwana wawe. Niwigishe abana bawe kwishura bakoresheje Bibiliya no gukoresha ibikoresho nk’igitabu Comment raisonner n’igitabu Urwaruka ruribaza. Hari inabibondo yakoresha udukino two kwimenyereza kugira ngo afashe abana biwe kwitegurira kwegera abigisha babo bashasha igihe cose umwaka w’ishure waba utanguye bakabamenyesha ko ari Ivyabona vya Yehova.—Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Kigarama 2010, urupapuro rwa 3-5.

4. Abavyeyi b’inkerebutsi bazokora iki?

4 Ingorane abakirisu bakiri bato bategerezwa guhangana muri iyi misi ya nyuma zirushiriza kuba “[iz]igoye kwihanganira.” (2 Tim. 3:1) Abavyeyi b’inkerebutsi bazogerageza kuziyumvira imbere y’igihe maze bereke abana babo ukuntu bozitsinda. (Imig. 22:3) Imbere y’uko umwaka w’ishure mushasha utangura, nukore uko ushoboye kwose kugira ngo ufashe abana bawe kuba abiteguye.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika