Inyishu ku Bibazo Vyanyu
◼ Abajejwe urutonde bashobora gute gusahiriza abavyeyi mu vyo gufasha abana babo kuzigama urutonde ku makoraniro?
Mu bisanzwe abana buzuye inkomezi, bakaba batamenyereye kuguma bicaye umwanya muremure. Inyuma y’ikoraniro, abana baba babitse inkomezi zishobora kubatuma biruka kandi bakirukanza abandi bana mu Ngoro y’Ubwami canke mu bindi bibanza vy’amakoraniro, ahahagarikwa imiduga, canke mu tuyira. Ariko rero, uyu mugani uvuga ukuri uti: ‘Umwana bapfa kurekera aho atētereza umuvyeyi wiwe.’—Imig. 29:15.
Birababaje kubona bamwebamwe mu bavukanyi n’abavukanyikazi bacu bageze mu zabukuru barakomeretse bikomeye kubera abana babaciyeko bakabatura hasi. Ivyo vyarateye umubabaro utari kuhaba, haranasohorwa amahera bitari ngombwa ku bw’abo bavyeyi hamwe no ku bw’ishengero. Ku bw’umutekano wabo bwite hamwe no ku bw’ugukingira abandi, abana ntibakwiye kurekeranwa ngo bakinire mu Ngoro y’Ubwami canke inyuma yayo.
Abavyeyi bari n’ibanga bashingwa n’Ivyanditswe ryo kumenyereza abana babo kwubaha bimwe bibereye ibibanza twambarizamwo Imana. (Umus. 5:1a) Mu makoraniro yacu y’Abakirisu, ku materaniro y’umuzunguruko n’ay’intara, abajejwe urutonde baragenwa kugira ngo barabe yuko ‘ibintu vyose bitunganye,’ bongere barabe yuko hariho “urutonde rwiza.” (1 Kor. 14:40; Kol. 2:5, NW) Bategerezwa kwama barikanuye imbere ya porogarama, mu kiringo iriko iraba, n’inyuma yayo, haba imbere no hanze nyene. Nimba umwana ariko arirukanga, canke na ho agakubagana, uwujejwe urutonde arashobora guhagarika nya mwana n’ubugwaneza, agaheza akamusigurira igituma ivyo bitemewe. Umuvyeyi w’uwo mwana na we nyene arakwiye gusigurirwa n’ubugwaneza ivy’iyo ngorane n’ivy’uko bikenewe gucungera umwana. Umuvyeyi akwiye kuvyakira mu buryo bubereye.
Birumvikana yuko rimwe na rimwe inzoya n’imicuko boshobora kurira canke bakagorana mu kiringo c’amakoraniro. Abajejwe urutonde, abashitse nk’iminuta 20 imbere yuko porogarama itangura, barashobora kubika imirongo nk’ibiri ya nyuma y’ivyicaro mu kibanza amakoraniro aberamwo kugira ngo bayitegekanirize abavyeyi bokwipfuza kuhicara hamwe n’abana babo batoyi. Abasigaye muri twebwe turakwiye gusenyera ku mugozi umwe mu gusiga ivyo bibanza bigaragara.
Nimba umwana ariko aragorana, umuvyeyi akwiye kwibwiriza kugira ico akoze. Mu gihe umuvyeyi atabigize hanyuma ukwo kugorana kugasamaza abandi, uwujejwe urutonde akwiye gusaba n’ubugwaneza uwo muvyeyi ko yoshima gutwara uwo mwana hanze. Igihe dutumiye abantu bashasha bafise abana bakiri bato ngo baze ku makoraniro, dukwiye kwicarana na bo kandi tukabafasha nya bana mu gihe borira canke bakagorana mu bundi buryo.
Biratuzanira umunezero kubona abana b’imyaka itandukanye ku Ngoro y’Ubwami, no kubona ukwigenza neza kwabo mu nzu y’Imana. (1 Tim. 3:15) Mu kuntu bubaha indinganizo ya Yehova yerekeye ugusenga, baramuteza iteka bagashimwa na bose mw’ishengero.