“Nobishobora Nte, Ntabonye Ūbindōngōramwo?”
1 Igihe umwamamazanjili Filipo yabaza ya nkone y’Umunyetiyopiya nimba yaratahura ivyo ariko arasoma mw’Ijambo ry’Imana, uwo mugabo yishuye ati: “Nobishobora nte, ntabonye ūbindōngōramwo?” Filipo yaramufashije n’umunezero gutahura inkuru nziza yerekeye Yezu, bituma uwo mugabo aca abatizwa ubwo nyene. (Ivyak. 8:26-38) Filipo yari agamburutse igikorwa Kirisitu yatanze co ‘guhindura abigishwa mu bantu bo mu mahanga yose, kubabatiza no kubigisha.’—Mat. 28:19, 20.
2 Dutegerezwa kugamburuka iryo bwirizwa ryo guhindura abantu abigishwa, nk’uko nyene Filipo yabigize. Ariko rero, iterambere ryihuta ryo mu vy’impwemu nk’iryo uwo Munyetiyopiya yagize, ntirihuta riraboneka mu bantu twigana Bibiliya. Uwo mugabo, uwari umukebanuke w’idini y’Abayuda azi cane Ivyanditswe, yari afise umutima wakira, akaba kandi yari akeneye kwemera gusa yuko Yezu yari we Mesiya yasezeranywe. Ntibiba ivyoroshe igihe abo twigana baba batamenyereye Bibiliya, barahenzwe n’inyigisho z’idini y’ikinyoma canke baremerewe n’umutwaro w’ingorane zabo bwite zitoroshe. None ni igiki kizodufasha kwererwa mu kuyobora abatohoji ba Bibiliya ku kwiyegura no ku kubatizwa?
3 Nutegere Ivyo Umutohoji wa Bibiliya Akeneye: Inyongera y’Igikorwa Dukorera Ubwami co muri Myandagaro 1998 yaravuze ivyerekeye uko igihe dukwiye kwiga n’abantu kingana, dukoresheje agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba be n’igitabu Ubumenyi. Yatanga ubu buyobozi iti: “Birakenewe ko umuntu apima uko inyigisho yogenda akurikije ukuntu ibintu vyifashe n’ubushobozi bw’umwigishwa. . . . Ntidushaka yuko kubera ukurondera kwihutagiza dutuma uwo mwigishwa adatahura ibintu mu buryo butomoye. Umutohoji wese arakeneye ko ukwizera Ijambo ry’Imana gushasha aba yubuye kugira ishimikiro rikomeye.” Gutyo, turakwiye kwiyubara ngo ntiduhutagize ivyigwa vyo mu gitabu Ubumenyi dufise iciyumviro co kugerageza guheza ico gitabu mu mezi atandatu. Vyoshobora gusaba igihe kirenga amezi atandatu kugira dufashe bamwebamwe gutera imbere gushika aho babatizwa. Uko urongora iyo nyigisho umushamvu ku wundi, numare umwanya uwari wo wose ukenewe kugira ngo ufashe umutohoji gutahura no kwemera ivyo ariko ariga mw’Ijambo ry’Imana. Kuri bamwebamwe, hari igihe hokenerwa imishamvu ibiri canke itatu kugira ngo muheture ikigabane kimwe co mu gitabu Ubumenyi. Ivyo bizotuma muronka umwanya wo gusoma no gusobanura vyinshi mu vyanditswe vyatanzwe.—Rom. 12:2.
4 Gute hoho nimba mumaze guheza igitabu Ubumenyi, ukabona yuko ukuntu uwo mutohoji atahura ukuri gukeneye kunonosorwa canke yuko atariyumvamwo ko yohagarara ku ruhande rw’ukuri ngo yegurire ubuzima bwiwe Imana? (1 Kor. 14:20) Ni igiki kindi wokora kugira ngo umurongore mu nzira y’ubuzima budahera?—Mat. 7:14.
5 Numare Umutohoji wa Bibiliya Inyota Yiwe y’Ivyo Akeneye mu vy’Impwemu: Nimba vyigaragaza yuko umuntu ariko aragira iterambere, naho nyene yoba arigira bukebuke, kandi ko ariko aratsimbataza ugukenguruka ku bw’ivyo ariko ariga, nimubandanye rero iyo nyigisho ya Bibiliya mu gitabu kigira kabiri mumaze guheza agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba be n’igitabu Ubumenyi. Ivyo bishobora kutaba nkenerwa k’uwo ari we wese, ariko iyo bikenewe, nimubandanye inyigisho mu gitabu La Paix véritable, igitabu Abahurikiye Hamwe mu Gusenga, canke mu gitabu Parole de Dieu. Abamamaji benshi barifitiye ivyo bitabu bokoresha nimba ishengero atavyo rifise mu bubiko. Kuri bose, hazobanza kwigwa agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba n’igitabu Ubumenyi. Inyigisho ya Bibiliya, gusubira kugendera abantu hamwe n’umwanya tumara mu kubandanya iyo nyigisho, birakwiye guharurwa kandi bitangwako raporo, no mu gihe umutohoji yobatizwa imbere yuko aheraheza igitabu ca kabiri.
6 None ivyo vyoba bisobanura yuko abaheruka kubatizwa ariko bize igitabu kimwe conyene ubu bakwiye kuronka iyindi mfashanyo mu kwiga igitabu kigira kabiri? Si ngombwa. Mugabo rero, boshobora kuba barahororokewe canke bagashobora kuba batateye imbere mu kuri, kumbure bakumva yuko bakeneye gufashwa kugira bashire mu ngiro ukuri mu buzima bwabo bimwe birushirije. Umucungezi w’umurimo arakwiye kubimenyeshwa imbere y’uko inyigisho inagurwa ku mwamamaji yabatijwe. Ariko rero, asangwa uzi bamwebamwe mu bize igitabu Ubumenyi muri kahise ariko batigeze batera imbere gushika ku kwiyegura no kw’ibatisimu, kumbure woshobora kwibwiriza kuraba nimba boshima gusubiramwo inyigisho yabo ya Bibiliya.
7 Kwitwararika cane no kubabara cane umuntu wese ashimishwa twigana, ni ikintu kiranga urukundo rwa gikirisu. Intumbero yacu ni ugufasha umutohoji kugira arushirize gutahura ukuri kw’Ijambo ry’Imana. Maze arashobora gufata impagararo ntabanduka, ishingiye ku bumenyi bwerekeye ukuri hanyuma akegurira Yehova ubuzima bwiwe, akagereranya ukwo kwiyegura mu kubatizwa mu mazi.—Zab. 40:8; Ef. 3:17-19.
8 Woba wibuka ivyabaye hanyuma y’aho ya nkone y’Umunyatiyopiya ibatirijwe? “Yashishikaye kugenda inezerewe” nk’umuyoboke mushasha wa Yezu Kirisitu. (Ivyak. 8:39, 40) Ese twebwe hamwe n’abo twerewe kuyobora mu nzira y’ukuri twogira umunezero mwinshi mu gusukurira Yehova Imana, uhereye ubu no mu bihe bidahera!