Porogarama Nshasha y’Umusi w’Iteraniro Ridasanzwe
‘Mube Abakuze mu Bubasha Bwanyu bwo Gutahura’ ni wo mutwe-shimikiro wa porogarama y’umusi w’iteraniro ridasanzwe rizotangura muri Nyakanga 2000. (1 Kor. 14:20) Ni kuki bizotubera ngirakamaro kuryitaba? Tuba mw’isi yuzuye ububi. Kugira tunanire ivyo, dutegerezwa gutsimbataza ububasha bwacu bw’ugutahura kwo mu buryo bw’impwemu gutyo tugashobora gutsindisha ikibi iciza. Ico ni co porogarama y’umusi w’iteraniro ridasanzwe izodufasha kugira.
Mu kiringo gitangura, umucungezi w’umuzunguruko azovuga ivyerekeye “Ibikoresho Bifasha Umuntu Kuba Uwukuze mu Butahuzi bwa Bibiliya.” Azotwereka ingene twoba abatanyiganga mu kwizera kwacu kwa gikirisu. Umushikirizansiguro w’umushitsi azoshimikira ku kugene ikoreshwa nyakuri canke ishirwa mu ngiro ry’ingingo za Bibiliya ari ngirakamaro, mu gutsimbataza ugutegera gukarishe, igihe azotanga ikiganiro gifise umutwe uvuga ngo “Nurinde Kamere y’ivy’Impwemu mu Kumenyereza Ububasha Bwawe bwo Gutegera.”
N’abakiri bato nyene bategerezwa gutsimbataza ububasha bwabo bwo gutahura. Ivyo bizoganirwako mu bihimba bivuga biti: “Igituma Twoba Inzoya mu Bubi” hamwe na “Abakiri Bato Baronka Ugutahura Ubu.” Niwumvirize abakiri bato bavuga ivyo bakora kugira ngo bakomeze kamere yabo y’ivy’impwemu gutyo bagashobora gucunga urusaku rwose bogira rwo kurondera kumenya imirimo y’ububisha y’iyi si bagaheza bakirinda imibabaro.
Ni gute dushobora kuronka ubuhirwe burushirije mu buzima? Umushikirizansiguro w’umushitsi ivyo azobisobanura mu nsiguro y’ugusozera ivuga iti: “Niwungukire ku Gushira mu Ngiro Ingingo za Bibiliya Ubigiranye Ugutahura.” Azotanga uturorero two kwerekana yuko ugushira mu ngiro Ijambo ry’Imana bidufasha guhangana n’ingorane, gufata ingingo no kwungukira koko ku vyo Yehova ariko aratwigisha.
Abipfuza kugereranya ukwiyegurira Imana kwabo biciye kw’ibatisimu yo mu mazi kuri iryo teraniro bakwiye kubimenyesha umucungezi muhagarikizi vuba hashoboka. Nushire vuba akamenyetso ku kirangamisi cawe igenekerezo ry’ikoraniro rigitangazwa, kandi ufate imigambi ntabanduka yo kwungukira kuri iyo porogarama inuze. Ntihagire igihimba na kimwe c’uwo musi w’iteraniro ridasanzwe kigucika! Izogukomeza kugira ngo wihanganire uru runkwekwe rubi kandi ugume uri umwizerwa kuri Yehova.