Porogarama Nshasha y’Umusi w’Iteraniro Ridasanzwe
1 Mu gihe inzego menyeshamakuru n’abarezi bo muri iyi si bashimagiza ubutunzi bw’umubiri, Ijambo ry’Imana ryoryo riduhimiriza ngo “Tube Abatunzi mu Bikorwa Vyiza.” (1 Tim. 6:18) Uyo ni wo uzoba umutwe-shimikiro wa porogarama y’umusi w’iteraniro ridasanzwe guhera muri Nyakanga 2002. None kuri iryo teraniro tuzoharonkera iyihe ndemesho?
2 Umucungezi w’umuzunguruko azoca irya n’ino ico bisobanura “[Kuba] Umutunzi Ufatiye ku Kuntu Imana Ibona Ibintu,” kandi azobaza ibibazo abantu bamwebamwe bariko barihata kugira ngo baronke ubutunzi bwo mu vy’impwemu. Umushikirizansiguro w’umushitsi, mu nsiguro yiwe ya mbere y’uwo musi, azokwerekana ukuntu abasavyi b’Imana bariko barakora “Ibikorwa Vyiza Muri Iki Gihe c’Iyimbura.” Umwe wese muri twebwe azoremeshwa kurimbura ukuntu yorushiriza kugira uruhara mu buryo bushitse mu gikorwa c’iyimbura yashinzwe n’Imana kiriko kirarangurwa muri iki gihe.
3 Ese ukuntu twumva tweze umutima igihe tubona urwaruka rukirisu rukurikirana ubutunzi bwo mu vy’impwemu! Ivyo biratera iteka Yehova bikongera bigafasha urwaruka gushinga umushinge mwiza ku bw’uduteka tw’umurimo two muri kazoza. Igihimba kivuga ngo “Gukeza Abakiri Bato ku bw’Ibikorwa Vyiza Barangura mu Gushemeza Yehova,” kizoshira ahabona ibikorwa vyiza Abakirisu bakiri bato bakoze aho iwanyu.
4 None gukurikirana ibikorwa vyiza bivamwo iki? Umushikirizansiguro w’umushitsi ivyo azobica irya n’ino mu nsiguro isozera azoshikiriza ivuga ngo “Tubandanye Gukora Ibikorwa Vyiza Maze Twimbure Imihezagiro ya Yehova.” Azorimbura imice ine twimburamwo imihezagiro myinshi: (1) umwe wese ku giti ciwe, (2) uko tugize imiryango, (3) uko tugize ishengero be (4) n’uko tugize ishirahamwe rikwiye kw’isi yose.
5 Abiyeguriye Yehova bazoronka akaryo ko kubatizwa. Niba witeguriye gutera iyo ntambwe, nubimenyeshe mu maguru masha umucungezi muhagarikizi.
6 Itariki iryo teraniro rizoberako aho iwanyu niryatangazwa, uraca wihutira kugira intunganyo ntabanduka kugira ngo uzoryitabe. Niwihate uzoshike kare kugira ngo ugire uruhara mu ruririmbo n’isengesho vyo gutangura. Nitwaba ariho turi kandi tugatega yompi kuri iyo porogarama yose y’umusi w’iteraniro ridasanzwe, bizodukomeza kugira ngo tubandanye gukurikirana ingendo ituma tuba vy’ukuri abatunzi, dufatiye ku kuntu Imana yacu Yehova ibona ibintu.