Bibiliya: Ni isôko ry’amakuru yo kwizigirwa
Kuva kera na rindi, abantu bo mu mico kama itandukanye bamye babona Bibiliya nk’isôko ry’amakuru y’ukuri. No muri iki gihe, hariho abantu amamiliyoni bisunga ivyo yigisha. Ariko rero hari abandi babona ko yataye igihe canke ko itavuga ukuri. Weho uvyibazako iki? Bibiliya yoba ivuga ukuri?
IGITUMA WOKWIZIGIRA BIBILIYA
Womenya gute nimba wokwizigira ivyo Bibiliya ivuga? Tubitangire akarorero: Mu gihe woba ufise umugenzi amaze imyaka myinshi akubwiza ukuri, birumvikana ko womubona nk’umwizigirwa. None Bibiliya na yo, yoba yamye ivuga ukuri nk’uwo mugenzi w’umwizigirwa? Raba uburorero bumwebumwe.
Yanditswe n’imvugakuri
Abanditse Bibiliya bavugisha ukuri. Akenshi baravuga utunenge twabo n’amakosa yabo. Nk’akarorero, umuhanuzi Yona yaranditse ibijanye n’ukuntu yagambarariye Imana. (Yona 1:1-3) Nkako, mu gusozera igitabu co muri Bibiliya citirirwa izina ryiwe, yaravuze ingene Imana yamuhanye, yirinda gushimika ku kuntu yikosoye. (Yona 4:1, 4, 10, 11) Kubona abanditse Bibiliya bose bavuga ibintu nk’uko biri koko, birerekana ko bitwararika cane kuvugisha ukuri.
Irimwo ukuri ngirakamaro
Bibiliya yoba yama itanga impanuro ngirakamaro ku bibazo vyo mu buzima bwa misi yose? Neza cane. Nk’akarorero, raba ivyo ivuga ku bijanye no kugiranira ubucuti bwiza n’abandi. Igira iti: “Ibintu vyose rero mushaka ko abantu babagirira, namwe nyene mutegerezwa kubibagirira.” (Matayo 7:12) “Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake, mugabo ijambo ritera umubabaro riduza ishavu.” (Imigani 15:1) Ego cane, ukuri kwo muri Bibiliya kuracari ngirakamaro nk’uko vyari igihe yandikwa.
Ivuga ivya kahise itihenda
Ibintu abacukuzi bagiye barubura uko imyaka yagiye irakurikirana, birerekana ko inkuru zivugwa muri Bibiliya, abantu be n’ibibanza, vyabayeho koko. Nk’akarorero, raba ibimenyamenya bishigikira akantu umenga nta co kavuze. Bibiliya ivuga ko mu gihe ca Nehemiya, Abanyatiro (Abanyafenisiya b’i Tiro) baba i Yeruzalemu “[bazana] amafi n’ubwoko bwose bw’ibidandazwa.”—Nehemiya 13:16.
None hoba hariho ikimenyamenya na kimwe gishigikira ibivugwa muri uwo murongo? Neza cane. Abacukuzi barubuye muri Isirayeli ibidandazwa vy’Abanyafenisiya, kikaba ari ikimenyamenya c’uko ivyo bihugu bibiri vyahanahana ibidandazwa. Vyongeye, barubuye i Yeruzalemu ibisigarira vy’amafi yo muri Mediterane. Abo bacukuzi bavuga ko ayo mafi yazanwa n’abadandaza bayakuye kure hakurya y’ikiyaga. Inyuma y’aho umushakashatsi umwe asuzumiye ico kintu, yavuze ati: “Ibivugwa muri Neh[emiya] 13:16 ko Abanyatiro badandariza amafi i Yeruzalemu ni ukuri nk’ukurima.”
Ivuga ukuri mu bijanye na siyansi
Ahanini, Bibiliya ni igitabu kivuga ivy’Imana be na kahise. Ariko rero igihe ivuga ivy’ubuhinga, irahuza n’ivyo abanyasiyansi bubura. Raba akarorero.
Haraciye nk’imyaka 3.500 Bibiliya ivuze ko isi yenenetse “ku busa.” (Yobu 26:7) Ivyo vyari bitandukanye cane n’ivyiyumviro bitari vyo vyavuga ko isi yoba iteretse ku mazi canke ku kinyamasyo amahero. Haciye nk’imyaka 1.100 ico gitabu ca Yobu canditswe, abantu bari bacemera ko isi itohagarara mu kirere, ahubwo ko itegerezwa kuba iteretse ku kintu. Mu 1687, ubu hakaba haciye imyaka 300 gusa, ni ho Isaac Newton yashira ahabona ubushakashatsi yagize ku bijanye n’inguvu isi ifise zo kwikwegerako ibintu (gravité), aca asigura ko isi iguma mu nzira yayo mu kirere bivuye ku nguvu zitaboneka. Ico kintu c’intibagirwa mu bijanye na siyansi caremeje ko ivyo Bibiliya yari imaze imyaka irenga 3.000 ivuze ari ukuri.
Iravuga ibizoba itihenda
Ubuhanuzi bwinshi buvugwa muri Bibiliya bwoba ari ubwo kwizigirwa? Rimbura akarorero kamwe: Ivyo Yesaya yavuze ku bijanye n’ugutemba kwa Babiloni.
Ivyo yavuze: Mu kinjana c’umunani imbere ya Kristu, umwanditsi wa Bibiliya Yesaya yaravuze ko igisagara ca Babiloni, icahavuye kiba umurwa mukuru w’inganji ikomeye cane, cosanganguwe kandi ko amaherezo ata wokwongeye kuhaba. (Yesaya 13:17-20) Yesaya yaranavuze ko ivyo bintu vyokozwe n’uwitwa Kuro. Yarerekanye kandi ubuhinga Kuro yokoresheje mu kuhigarurira, mu kuvuga ko inzuzi ‘zokamijwe.’ Vyongeye, yaravuze ko Kuro yosanze imiryango y’ico gisagara yuguruye.—Yesaya 44:27–45:1.
Ingene vyarangutse: Haheze imyaka nka 200 Yesaya avuze ubwo buhanuzi, hari umwami w’Ubuperesi yateye igisagara ca Babiloni. None yitwa nde? Kuro. Kubera ko Babiloni yari ikingijwe ibihome bikomeye, Kuro yaciye arondera inzira mu ruzi Efurata rwaca muri ico gisagara. Ingabo ziwe zarimvye umufurege kugira zikatishirizemwo urwo ruzi. Ivyo vyatumye urwo ruzi rwaca hafi y’impome z’ico gisagara rugabanuka cane, ku buryo ingabo za Kuro zirujabuka amazi azigera hejuru y’amavi. Igitangaje, Abanyababiloni bari basize imiryango irabana n’urwo ruzi yuguruye. Ingabo za Kuro zaciye zinjira ata nkomanzi, maze ziratikiza Babiloni.
Ariko rero, hariho ikintu cavuzwe muri ubwo buhanuzi kitari bwaranguke: Babiloni yoba itosubiye kubamwo abantu? Mu binjana nka bingahe vyakurikiye, abantu barabandanije kuhaba. Ariko muri iki gihe, ibisigarira vya Babiloni biri hafi y’i Bagdad muri Iraki, biremeza ko ubwo buhanuzi bwarangutse bimwe vyuzuye. Egome, Bibiliya ni iyo kwizigirwa, mbere n’igihe ivuga ibintu bitaraba.