“Umuco Wanyu [N]ubonesh[e]”
1 Isi idukikije iri mu mwiza mu vyo kwigenza runtu no mu vy’impwemu. Umuco w’ukuri ushira ahabona “ibikorwa birumvye” vy’umwiza kugira ngo izo ntambamyi zitera urupfu zishobore kwirindwa. Ni co gituma intumwa Paulo yahimirije Abakirisu iti: “Mugende nk’abana b’umuco.”—Ef. 5:8, 11.
2 “Imbuto y’umuco” iratandukanye cane n’umuzimagiza w’isi. (Ef. 5:9) Kugira ngo twame izo mbuto bidusaba yuko tuba uturorero twibonekeje mu kubaho kwa gikirisu, abantu Yezu yemera. Dutegerezwa kandi kugaragariza ukuri kamere mwene izi nk’ukutiziganya, ukuba inziraburyarya be n’ubushwashwanutsi. Izo mbuto turakeneye kuzigaragaza mu buzima bwacu bwa misi yose be no mu busuku turangura.
3 Nuboneshe Uko Akaryo Kose Kabonetse: Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Umuco wanyu [n]ubonesh[e] imbere y’abantu.” (Mat. 5:16) Mu kwigana Yezu, tugaragaza umuco wa Yehova mu kwamamaza ivyerekeye Ubwami bw’Imana be n’imigambi yayo. Turabonesha nk’amatara igihe tugendera imihana y’abantu hamwe n’igihe dukwiragiza ukuri ku kazi, kw’ishure, mu babanyi bacu, canke ahandi hantu hose turonse akaryo.—Flp. 2:15.
4 Yezu yavuze yuko bamwebamwe bokwanse umuco. (Yoh. 3:20) Ni co gituma tudacika intege igihe benshi banka kureka ngo “umuco . . . w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo” ubakire. (2 Kor. 4:4) Yehova asoma imitima y’abantu kandi ntashaka abakora ivy’ukugabitanya mu basavyi biwe.
5 Igihe dukurikiye inzira za Yehova kandi tukanezerererwa umuco w’ivy’impwemu, turashobora kuwugaragariza abandi. Mu gihe bamenye yuko ‘dufise umuco w’ubuzima,’ biciye ku kuntu twigenza, na bo ico gihe barashobora kuvyurirwa umutima wo kugira amahinduka akenewe kugira ngo bacike abafise umuco.—Yoh. 8:12.
6 Mu kureka umuco wacu ukabonesha, turazanira Umuremyi wacu ugushemezwa kandi bigafasha ab’imitima nziraburyarya kumumenya hanyuma bakaronka icizigiro c’ubuzima budahera. (1 Pet. 2:12) Kubera yuko dufise umuco, nimuze tuwukoreshe kugira ngo dufashe abandi kubona uburyo bwo kuva mu mwiza w’ivy’impwemu maze bagaragaze ibikorwa vy’uwo muco.