‘Mureke umuco wanyu wake’
1. Ni igiki twatewe agateka ko gushira abandi?
1 Kuva mu mutwenzi gushika buhwibiriye, ubwiza bw’umuco tubonesha amaso burashemeza Yehova Imana. Yamara, Yezu yahimirije abigishwa biwe ngo bagire umuco w’ubundi bwoko, ni ukuvuga “umuco w’ubuzima.” (Yoh. 8:12) Kuba dufise uwo muco wo mu buryo bw’impwemu ni agateka kadasanzwe gatuma tugira ibanga rihambaye. Kugira ngo n’abandi bungukire kuri uwo muco, Yezu yategetse abigishwa biwe ati: “Mureke umuco wanyu wakire imbere y’abantu.” (Mat. 5:16) Uravye umwiza w’umuzimagiza wo mu buryo bw’impwemu abantu barimwo muri iki gihe, uwo muco dutegerezwa kuwubashira, kandi ivyo birakenewe ubu kuruta ikindi gihe ico ari co cose! None tworeka gute umuco wacu ngo wake nk’uko Kristu yabigize?
2. Yezu yerekanye gute ko gushira abandi umuco wo mu buryo bw’impwemu bihambaye?
2 Mu kwamamaza: Yezu yarakoresha umwanya wiwe, inguvu ziwe be n’ivyo afise kugira ashire abantu umuco w’ukuri ku mihana yabo, mu bibanza vya bose, ku mpinga z’imisozi, eka ahantu aho ari ho hose yashobora gusanga abantu. Yaratahura ko kuronsa abantu umuco nyawo wo mu buryo bw’impwemu biri n’agaciro karamba. (Yoh. 12:46) Kugira ngo abantu benshi kuruta bashobore kuronka uwo muco, Yezu yarateguye abigishwa biwe kugira ngo babe “umuco w’isi.” (Mat. 5:14) Bararetse umuco wabo uraka mu gukorera ivyiza bagenzi babo no mu kubashira ukuri kw’ivy’impwemu.
3. Dushobora gute kwerekana ko dukenguruka vy’ukuri umuco w’ukuri?
3 Abasavyi b’Imana barafatana uburemere ibanga bafise ryo “kugenda nk’abana b’umuco,” kandi baramamaza ahantu aho ari ho hose bashobora gusanga abantu. (Ef. 5:8) Gusoma Bibiliya canke ibindi bitabu vya gikirisu uri ahantu abantu bashobora kukubona mu mwanya w’akaruhuko ku kazi canke kw’ishure, ivyo vyonyene birashobora gucira inzira ikiyago gishingiye ku Vyanditswe. Mushiki wacu umwe akiri muto yabigenjeje gutyo maze aratanguza inyigisho ya Bibiliya yongera araha ibitabu abanyeshure 12 bigana!
4. Kubera iki ‘kureka umuco wacu ngo wake’ birimwo n’ukwigenza neza?
4 Mu gukora ibikorwa vyiza: Kureka umuco wacu ngo wake birimwo n’ukuntu twigenza ku musi ku musi. (Ef. 5:9) Umuntu yigenjeje rukirisu ku kazi, kw’ishure be n’ahandi hantu hahurira abantu benshi, biribonekeza kandi biratuma haboneka uturyo bwo kubwira abandi ukuri kwo muri Bibiliya. (1 Pet. 2:12) Nk’akarorero, inyifato nziza y’agahungu kamwe k’imyaka itanu yatumye umwigisha wako atumako abavyeyi bako. Uwo mwigisha yavuze ati: “Sinari bwigere mbona umwana yigenza runtu nk’uyu!” Egome, ubusuku bwacu be n’ingeso nziza zacu birakwegera abantu ku “muco w’ubuzima” bikongera bigashemeza Imana yacu.