Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 16 Rusama
INDWI ITANGURA KU WA 16 RUSAMA
Ururirimbo rwa 96 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 4 ing.1-4, n’uruzitiro ruri ku rup. 30 (Imin. 25)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Zaburi 11-18 (Imin. 10)
No. 1: Zaburi 17:1-15 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Ingene twerekana ko dusenga Yehova wenyene—Rom. 6:16, 17 (Imin. 5)
No. 3: Bibiliya ni igitabu candikiwe abantu bose—(td 3C) (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 5: Amatangazo.
Imin. 10: Nukoreshe ibibazo kugira wigishe mu buryo kirumara—Igice ca 1. Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gitabu Ishure ry’Ubusuku, kuva ku rupapuro rwa 236 gushika ku rwa 237, ingingo ya 2. Nimugire umwerekano mugufi mwisunze iciyumviro kimwe canke bibiri bikuwe muri ayo mayagwa.
Imin. 10: Uburyo bwo kwamamaza inkuru nziza—Kugira amasubirayo. Insiguro ishingiye ku gitabu Twagizwe ishirahamwe, kuva ku rupapuro rwa 96 ingingo ya 4, gushika ku rupapuro rwa 97 ingingo ya 2. Nimugire umwerekano mugufi w’ukuntu umukurambere asubirira umuntu yakiriye ivyo dushikiriza muri uku kwezi.
Imin. 10: “Woba woshobora kuja mu busuku ku w’iyinga?” Ibibazo n’inyishu.
Ururirimbo rwa 115 n’isengesho