ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 5/11 rup. 2
  • Woba woshobora kuja mu busuku ku w’iyinga?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba woshobora kuja mu busuku ku w’iyinga?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyo bijanye
  • Abakirisu boba babwirizwa kwubahiriza Isabato?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Woba uriko urarangura ubusuku bwawe bimwe bishitse?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Hariho igihe co gukora n’ico kuruhuka
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • «Jabuka uze i Masedwane»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 5/11 rup. 2

Woba woshobora kuja mu busuku ku w’iyinga?

1. Ni igiki dushobora kwigira ku vyo Paulo na bagenziwe bakoze i Filipi?

1 Hari kw’Isabato. Uwo musi Abayuda benshi b’i Filipi baba baruhutse. Paulo na bagenziwe bari muri ico gisagara muri rumwe mu ngendo zabo z’ubumisiyonari. Iyo na bo nyene baruhuka kuri uwo musi ntibaje mu busuku barangura, nta wari kubanegura kuko kobaye ari akaruhuko kabereye. Ariko kubera bari bazi ko Abayuda bakoranira hanze y’ico gisagara kugira basenge, baciye baboneraho akaryo ko kubabwira inkuru nziza. Ese ukuntu Paulo na bagenziwe bategerezwa kuba baranezerewe igihe Lidiya yabumviriza maze we n’abo mu rugo rwiwe bose bakabatizwa! (Ivyak. 16:13-15) Ko muri iki gihe abantu benshi baruhuka ku w’iyinga, ntitwofata umwanya kuri uwo musi tukababwira inkuru nziza?

2. Ni urugamba uruhe abasavyi ba Yehova barwanye kugira ngo bashobore kwamamaza ku w’iyinga ata wubaburabuza?

2 Bararwanye urugamba: Mu 1927, abasavyi ba Yehova bararemeshejwe kuza baramara igice c’umusi w’iyinga mu busuku. Ivyo vyatumye baca babarwanya. Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika benshi barafashwe bagirizwa ngo barenze amategeko y’Isabato yo ku w’iyinga, ngo barahungabanya amahoro bakongera bakadandaza ibitabu batabifitiye uburenganzira. Ariko ivyo ntivyatesheje abasavyi ba Yehova. Mu myaka ya 1930, baratunganije ico bise “amasekeza y’imigwimigwi,” aho abamamaji bo mu mashengero yo mu gace kamwe yaja hamwe kugira aheture icibare kinaka. Bishitse abamamaji bagafatwa, wasanga ari benshi ku buryo abategetsi barengerwa. Woba vy’ukuri uha agaciro utwigoro abo bavukanyi bagize kugira ngo dushobore kwamamaza ku w’iyinga ata wutuburabuza?

3. Ni kubera iki umusi w’iyinga ari umusi mwiza wo kuja mu busuku?

3 Umusi mwiza cane wo kwamamazako: Ku musi w’iyinga abantu benshi usanga bari muhira kubera ko bataba bagiye ku kazi. Akenshi baba baruhutse kandi borohewe gusumba ku yindi misi. Hari aho abantu bamwebamwe bakunda kuja gusenga boshima kuyaga ibijanye n’Imana kuri uwo musi. Nimba tugira amakoraniro ku musi w’iyinga, tuba twambaye nk’uko twambara igihe tugiye mu busuku. Ubona gute uciye utegekanya kuja mu murimo wo mu ndimiro imbere canke inyuma y’amakoraniro? Nimba bikenewe, nutegure udufungurwa tworoshe wogenda witwaje.

4. Ni umunezero uwuhe twokwironkera dukoresheje igice c’umusi w’iyinga ku bw’ubusuku?

4 Dukoresheje igice c’umusi w’iyinga ku bw’ubusuku, ntibizobuza ko natwe turonka umwanya dukeneye wo kuruhuka. Kandi tuzoheza turuhuke twumva dushize akanyota kubera tuzoba twagize uruhara mu murimo mweranda. (Imig. 3:24) Hari n’igihe mbere twogira umunezero wo kuronka umuntu ameze nka Lidiya!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika