ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/01 rup. 1
  • Ukuntu Twoshwirura Abandi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuntu Twoshwirura Abandi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • Nufashe abandi kwakira ubutumwa bw’Ubwami
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Niwumvishe abandi igihe ubigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Dukwiye “kwishura umuntu wese” gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Nukoreshe Ubwenge n’Ukujijura mu Kwigisha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 2/01 rup. 1

Ukuntu Twoshwirura Abandi

1 Intumwa Paulo yarironkeje izina ryiza mu kuba umusuku ashwirura. (Ivyak. 19:26) Mbere n’Umwami Agiripa yamubwiye ati: “Mu kanya gatoyi wonshwirura ngacika Umukirisu.” (Ivyak. 26:28, NW) Ni igiki catumye ubusuku bwa Paulo buba ubushwirura gutyo? Yarazirikana mu buryo bw’ubwenge akoresheje Ivyanditswe, agahuza ivyiyumviro vyiwe n’abamwumviriza.—Ivyak. 28:23.

2 Mu kwigana Paulo, na twebwe turakeneye cane kuba abantu bashwirura mu busuku bwacu. Gute? Mu gukoresha uguca mu kajisho igihe tuganira n’abandi twongera tubumviriza. (Imig. 16:23) Intambwe zitatu zihambaye zizodufasha kubishikako.

3 Niwumvirize Witonze: Mu gihe uwundi muntu ariko aravuga, umviriza kugira uronke ico muhurizako wokwubakirako. Mu gihe avyuye ibihari, nugerageze gutahura iciyumviro kiri inyuma yavyo. Bishobora kugufasha kumenya neza na neza ivyo yemera, igituma avyemera, n’icamujijuye ngo avyemere. (Imig. 18:13) Ubigiranye ubugenge nubimusokoroze.

4 Nubaze Ibibazo: Mu gihe umuntu aseruye yuko yemera Ubutatu, woshobora kubaza uti: “Wamye wemera Ubutatu?” Niwuhirire ikiyago mu kubaza uti: “Woba warigeze gutohoza ukanoganza ico Bibiliya ivuga kuri ico kibazo?” Urashobora kandi kubaza uti: “Iyaba Imana ari igice c’Ubutatu, ubwo none ntitwokwiteze yuko Bibiliya ibitubwira mu buryo butomoye?” Inyishu uronse zizogufasha kuzirikana n’uwo muntu ku co Ivyanditswe bivuga.

5 Nukoreshe Ukuzirikana Kuroranye: Icabona umwe yabajije umukenyezi yemera yuko Yezu ari Imana ati: ‘Hamwe woba uriko ugerageza kwerekana yuko abantu babiri bangana, wokoresha imvugo iyihe y’ico bapfana mu muryango?’ Uwo mukenyezi yishuye ati: “Nokoresha abavukana babiri.” Na we yarongeyeko ati: “Kumbure mbere amahasa asa nk’igiharo n’igiharage. Mugabo mu kutwigisha kubona Imana nka Data no kubona iyo Mana nyene nka yo Mwana, wumva none Yezu yobaye ariko yigisha iki?” Uwo mukenyezi yaciye atahura yuko umwe ari mukuru ku wundi kandi akaba amurusha ubukuru. (Mat. 20:23; Yoh. 14:28; 20:17) Umuzirikanyi wiwe n’umutima wiwe vyarashikiriwe hakoreshejwe ubuhanga bwo gushwirura.

6 Birumvikana ko atari bose bakira ukuri, naho inshikirizo zacu zoba ari izumvikana n’iz’ukuri gute. Ariko rero nka kumwe kwa Paulo, nimuze tube inshirukabute mu kurondera abantu b’imitima nziraburyarya mu vyibare vyacu, tubashwirure bemere ubutumwa bw’Ubwami.—Ivyak. 19:8.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika