Niwubake Ugukenguruka ku bwa ya Videwo La Bible: le livre le plus ancien toujours d’actualité
(Bibiliya: Igitabu ca Kera Gihuje n’Igihe ca None)
Ibibazo bikurikira birerekana ivyiyumviro wahakuye igihe waraba iyo videwo: (1) Ni ibiki bituma Bibiliya iba ntangere? (2) Nutange akarorero k’ukuntu Bibiliya naho ari iya kera, ihuza na siyansi ya kino gihe. (3) Dushobora gute kwemera tudakeka yuko Bibiliya yo muri iki gihe itahindutse mu vyanditswe vyayo vy’intango? (4) Ni umuce uwuhe wibonekeje wo mu bisomwa vy’ivyanditswe vya kera vya Bibiliya, kandi ni umwizero uwuhe ivyo bikwinjizamwo? (5) Ni mu buryo butari bumwe ubuhe John Wycliffe, Johannes Gutenberg, William Tyndale, Mary Jones, na Charles Taze Russell baterereye agacumu k’ubumwe mw’ikwiragizwa ry’Ijambo ry’Imana hirya no hino kw’isi? (6) Ni gute abanyamadini barwanije bimwe bibi Bibiliya, ariko ni igiki cayifashije kugumaho gushika muri iki gihe cacu? (7) Ni ku rugero rungana iki ishirahamwe rya Yehova ryahinduye ryongera rirahingura Bibiliya? (8) Ni gute impanuro ngirakimazi za Bibiliya zafashije abantu guhangana n’ingorane zerekeye ivy’ugukina akamari kwifatira umuntu (1 Tim. 6:9, 10), ugutandukana kw’ababiranye n’uguhemukiranira (1 Kor. 13:4, 5; Ef. 5:28-33), n’ukwitwararika ivy’amaronko (Mat. 16:26)? (9) Ni ikimenyamenya ikihe kihari c’uko gushira mu ngiro ingingo zo mu Vyanditswe bishobora gutsinda inzankano zishingiye ku bihugu, ku bwoko no kw’ibara ry’urukoba mw’isi? (10) Ni mu buryo butari bumwe ubuhe kuba waramenye ibintu biri muri Bibiliya vyakuzaniye ubuhirwe bwinshi kuruta? (11) Wibaza ko ari bande bokwungukira kuri iyo videwo, kandi uzoyibashikiriza gute?