Akumba k’Ibibazo
◼ Ni ryari vyoba bibereye gushinga uwundi mugwi w’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero?
Ivy’ugushinga umugwi mushasha bikwiye kwihwezwa igihe bikenewe, kugira ngo abitaba inyigisho bagume ari nka 15 canke bari munsi y’abo, ahantu hose hagirirwa inyigisho y’igitabu, dushizemwo n’izigirirwa ku Ngoro y’Ubwami. Ni kuki ivyo bisabwa?
Mu gihe imigwi y’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero igumye ari mitomito, birarushiriza kworohera umurongozi kwitwararika umuntu wese yitaba iyo nyigisho. Vyongeye, bose bararonka akaryo gahagije ko gutanga insasanuro mu buryo butuma boroherwa n’ukwatura ukwizera kwabo. (Heb. 10:23; 13:15) Kugira imigwi mitomito hirya no hino mu cibare c’ishengero, biratuma ukwitaba Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero hamwe n’amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro birushiriza kworoha. Amashengero yongereje ibibanza vy’ahagirirwa inyigisho y’igitabu yasanze igitigiri c’abayitaba congerekanye.
Harashobora kuba ibintu bidasanzwe bituma ugushinga uwundi mugwi biba ibiranga ubukerebutsi, naho woba ari muto cane. Ivyo bishobora kumera gutyo mu karere ka kure, canke igihe ahagirirwa inyigisho y’igitabu haza abantu benshi cane, canke hakaba ata bibanza bikwiye bihari. Mu gihe bikenewe, harashobora gushingwa umugwi wikoranya hakiri kare kugira ngo vyorohereze abageze mu zabukuru, abakora ijoro, canke abavukanyikazi bafise abagabo batizeye.
Umugwi umwumwe wose w’inyigisho y’igitabu ukwiye kuba warashizwemwo abamamaji nka bangahe bakomeye mu vy’impwemu kandi bashirutse ubute, tutibagiye umurongozi n’umusomyi bakwije ibisabwa. Abavukanyi bakwiye kurondera gukwiza ibisabwa kugira ngo barangure ivyo bintu bikenewe mw’ishengero.
Abakurambere barashobora gukomeza iterambere ry’ishengero mu kuraba neza ko ibitigiri vy’abagize imigwi y’inyigisho y’igitabu y’ishengero birimbanye. Mu kuyitwararika neza mu vy’impwemu, barakwiye kuraba kandi ko yikoraniriza ahantu habereye. Igihe ico ari co cose bibonetse ko ari ngirakimazi, imigwi mishasha ikwiye gushingwa ku buryo abayitaba bose bashobora kwungukira bimwe vyuzuye ku vyiza biva kuri iyo ndinganizo idasanzwe yo mu vy’impwemu. Ubona wotanga inzu yawe kugira ngo igirirwemwo inyigisho y’igitabu? Benshi mu babigize barironkeye imigisha yo mu buryo bw’impwemu.