Woba ushobora kureka inzu yawe igakoreshwa?
1 Mu kinjana ca mbere, Abakirisu benshi barareka amazu yabo agakoreshwa ku bw’amakoraniro y’ishengero. (1 Kor. 16:19; Kol. 4:15; Flm. 1, 2) Mu mashengero amwamwe yo muri iki gihe, nta bibanza bihari bikwiye bishobora kugirirwamwo Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero be n’amakoraniro y’umurimo wo mu ndimiro. Ivyo vyoshobora gutuma haba imigwi y’inyigisho y’igitabu imwimwe ikoraniramwo abantu 30 canke barenga, kikaba ari igitigiri kirengeye cane igisanzwe c’abantu 15 basabwa.
2 Agateka kadasanzwe: Woba umaze kwiyumvira ivyo kureka ngo inzu yawe igirirwemwo Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero? Ikibanza cagutse bikwiye, gisukuye, gitanga umuco, gitanga akayaga kirabereye kugirirwamwo iryo koraniro. Kubera ko inyigisho y’igitabu ari ikoraniro ry’ishengero kandi ikaba iri mu vyo Yehova yaringanije kugira yigishe abantu biwe, kuyigirira mu nzu yawe ni agateka kadasanzwe. Benshi bavuga yuko bungutse mu buryo bw’impwemu kubera baretse inzu zabo zikagirirwamwo iryo koraniro.
3 Niba ubona ko inzu yawe ibereye, turakwinginze ubimenyeshe abakurambere. Boshobora kuba bariko barondera n’ibindi bibanza. Niba bidashoboka ko inyigisho y’igitabu ibera mu nzu yawe, vyoba bishoboka ko amakoraniro y’umurimo wo mu ndimiro yoyo ahagirirwa? Naho inzu yawe itoba ikenewe ico gihe, abakurambere bazoshimishwa no kumenya yuko ihari. Urashobora kuzoterwa ako gateka ikindi gihe.
4 Kugaragaza inyifato ibereye: Mu gihe twikoranirije mu nzu y’umuntu, twese abari muri iryo koraniro dukwiye kugaragaza ko twubahiriza ibintu vyiwe. Abavyeyi bakwiye kuraba neza ko abana babo baguma mu kibanza cagenewe kugirirwamwo inyigisho, ntibagume birongagiza mu vyumba. Turakwiye kandi gusonera ababanyi, tukaraba neza ko twirinda ikintu cobatera ubuyega bidakenewe.—2 Kor. 6:3, 4; 1 Pet. 2:12.
5 Mu Baheburayo 13:16 haturemesha kutibagira ‘kugiriranira neza n’ugusangira ivyo dufise kuko ibimazi bene ivyo ari vyo Imana ishima.’ (UB) Kureka inzu yawe igakoreshwa ku bw’ikoraniro ry’ishengero ni uburyo bwiza bwo gusangira n’abandi ibintu vyiza no ‘kwubahisha Yehova ibintu vyawe vy’igiciro.’—Imig. 3:9.