Ukuntu Twabonye ya Videwo La Bible: Une force dans votre vie (Bibiliya: Ububasha Ifise mu Buzima Bwawe)
Mu kwishura ibibazo bikurikira, nuserure inyiyumvo zawe zivuye ku mutima ku bijanye n’ubutumwa buri muri iyo videwo. (1a) Ni igiki cashoboje abantu amamiliyoni guhindura ubuzima bwabo bukaba bwiza kuruta? (Heb. 4:12) (1b) Ni igiki gikenewe kugira ngo umuntu aronke ubwo bubasha kandi abushire mu ngiro mu buzima bwiwe? (2) Ni ivyanditswe vya Bibiliya ibihe vyatanzwe ngo bifashe abubakanye (a) mu kuryohora uguseruranira akari ku mutima kwabo no (b) mu kwigumya mw’ishavu ryabo? (3) Ukuntu Abakirisu babona umubano w’abubatse bihindura gute ubuzima bwo mu rugo bukaba bwiza kuruta? (Ef. 5:28, 29) (4) Ni gute Yehova Imana yatanze akarorero ntangere mu guha abana ibintu bitatu bose bashaka kandi bakeneye, kandi abavyeyi bashobora gute kugira nk’ukwo nyene muri iki gihe? (Mrk. 1:9-11) (5) Ni kuki abavyeyi bakwiye kwiyigishiriza abana babo Bibiliya, kandi ni igiki cerekana ko bikenewe yuko babigira ubudahorereza? (Gus. 6:6, 7) (6) Ni gute abavyeyi bashobora gutuma inyigisho y’umuryango iba iyishimishije? (7) Uretse inyigisho ya Bibiliya, ni ibindi bintu ibihe Ijambo ry’Imana riremesha abavyeyi kuronsa abana babo? (8) Ni gute impanuro za Bibiliya zishobora gufasha ingo gutsinda ingorane z’ivy’ubutunzi? (9) Ni ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe izihe zifasha kugabanya ingorane z’ivy’amagara mu gihe zishizwe mu ngiro? (10) Ni gute ingingo ngenderwako zo mw’Ijambo ry’Imana zatumye ugira ihinduka mu buzima bwawe bwite? (11) Ni kubera iki ukuraba iyi videwo vyoremesha umuntu wagendeye uri mu busuku kwemera ko agirirwa inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana?