Bibiliya: Ububasha ifise mu buzima bwawe
Bibiliya yaratumye abantu amamiliyoni bashobora guhindura ubuzima bwabo burarushiriza kuba bwiza. Ni ingingo ngenderwako zimwezimwe izihe zo muri Bibiliya zizodufasha guhangana n’ingorane zo muri kino gihe turamutse tuzishize mu ngiro? Nta gukeka ko wohimbarwa no kuronka inyishu y’ico kibazo mu kwihweza ya videwo yitwa La Bible : Une force dans votre vie (Bibiliya: Ububasha ifise mu buzima bwawe), ikaba igira kabiri muri ya mavidewo ari mu kadisiki DVD kitwa ngo La Bible : un livre historique et prophétique (Bibiliya ni igitabu c’inkuru z’ukuri n’ubuhanuzi). Umaze kuraba iyo videwo, woba ushobora kwishura ibi bibazo?
(1) Ni mu buryo ubuhe Bibiliya atari igitabu canditswe neza cane vyonyene? (Heb. 4:12) (2) Nimba Bibiliya ishobora gufasha abantu kuryohora ubuzima bwabo, ni kubera iki none umuryango w’abantu wugarijwe n’ingorane nyinshi cane? (3) Umutwe shimikiro wa Bibiliya ni uwuhe? (4) Ni ivyanditswe vya Bibiliya ibihe vyatanzwe bishobora gufasha abubakanye (a) kuryohora uburyo baseruranira akari ku mutima (b) no gucungera ishavu ryabo? (5) Ukuntu abakirisu babona umubano w’abubatse bihindura gute ubuzima bwo mu rugo bukarushiriza kuba bwiza? (Ef. 5:28, 29) (6) Yehova yabereye gute abavyeyi akarorero ntangere? (Mrk. 1:9-11) (7) Abavyeyi bashobora gute gutuma inyigisho y’umuryango iba iyishimishije? (8) Uretse inyigisho ya Bibiliya, ni ibindi bintu ibihe Ijambo ry’Imana riremesha abavyeyi kuronsa abana babo? (9) Impanuro zo muri Bibiliya zishobora gute gufasha ingo kumenya ingene zivyifatamwo mu ngorane z’ivy’ubutunzi? (10) Ni ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe izihe zijanye n’isuku, ibiyayuramutwe, ukunywa birenze urugero be n’imyitwarariko, zifasha kugabanya ingorane zijanye n’amagara mu gihe zishizwe mu ngiro? (11) Ni imihango iyihe yo muri Bibiliya ishobora kudukomeza? (Yobu 33:25; Zab. 145:16) (12) Ni gute inyigisho zo mw’Ijambo ry’Imana zatumye ugira ihinduka mu buzima bwawe bwite? (13) Wokoresha gute iyo videwo mu gufasha abandi?