Ukuntu Abacungezi b’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero Bagaragaza ko Bitwararika Umuntu Wese Ukwiwe
1 Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero igenewe gutuma “bishoboka ko umuntu umwumwe ukwiwe arushiriza kwitwararikwa, kugira ngo atere imbere mu vy’impwemu. . . . Aho ni ho habonekera ubuntu-mvarukundo bwa Yehova hamwe n’ukuntu yitwararikana ikibabarwe abasavyi biwe.” (om-RU rup. 76; Yes. 40:11) Umucungezi w’inyigisho y’igitabu afise uruhara ruhambaye muri ukwo kwitwararika umuntu wese ukwiwe.
2 Ku Nyigisho y’Igitabu: Kubera yuko bama barondera ko imigwi y’inyigisho iguma ari mitoyi, umucungezi w’inyigisho y’igitabu arashobora kumenya abagize umugwi akukira. (Imig. 27:23) Akenshi ku ndwi ku ndwi haraboneka uturyo two kwifatanya na bo imbere canke inyuma y’iyo nyigisho. Mu kiringo c’ukwezi, arashobora kuba yaraganiriye hafi n’umwumwe wese ari muri uwo mugwi. Ivyo birafasha abagize inyigisho y’igitabu kwumva badatinya kumwitura igihe bahanganye n’ibigeragezo canke igihe bakeneye indemesho.—Yes. 32:2.
3 Umucungezi w’inyigisho y’igitabu aragerageza kuremesha abo muri uwo mugwi bose kugira uruhara mu gihe c’inyigisho. Uburyo bumwe abigira ni mu kurongora inyigisho mu buryo buranga ubugwaneza n’ubwitonzi. (1 Tes. 2:7, 8) Ararondera uturyo two gutuma bose bagira uruhara muri ico kiganiro, ushizemwo n’abakiri bato. Nimba bamwebamwe batinyatinya gutanga insasanuro, arashobora kubasahiriza mu mwiherero mu kuringaniza imbere y’igihe ivy’uko bosoma icanditswe canke botanga insasanuro ku ngingo kanaka. Canke arashobora kubereka ukuntu botanga insasanuro mu majambo yabo bwite.
4 Nimba uwufasha umucungezi w’inyigisho y’igitabu ari umukozi w’ishengero, uyo mucungezi araringaniza ivy’uko na we arongora iyo nyigisho rimwe mu mezi abiri. Ivyo bituma umucungezi aronka akaryo ko kwihweza uwo amufasha kandi akamuha inama z’ingirakimazi. Ese ukuntu ari indinganizo nziza ifasha abavukanyi kuryohora ubuhanga bwabo bwo kwigisha!—Tito 1:9.
5 Mu Busuku bwo mu Ndimiro: Rimwe mu mabanga nyamukuru y’umucungezi w’inyigisho y’igitabu ni ukuja imbere mu kwamamaza. (Guh. 27:16, 17) Aragira indinganizo ngirakimazi yo gushinga intahe uko bagize umugwi, kandi akihatira gufasha abari mu mugwi bose kuronkera umunezero mu busuku bwabo. (Ef. 4:11, 12) Kugira ngo ivyo abishikeko, arishingira umugambi wo gukorana mu murimo n’umwumwe wese mu bagize umugwi. Arakorana kandi n’umucungezi w’umurimo kugira baringanize ivy’uko abipfuza kuryohora umuce kanaka w’ubusuku bwabo, basahirizwa n’umwamamaji abimenyereye kuruta.
6 Bwa Mwungere Munyarukundo: Umucungezi w’inyigisho y’igitabu aritwararika abantu badashobora kugira uruhara runini mu gikorwa co kwamamaza, bitewe n’ukuntu ivyabo vyifashe. Araraba neza yuko abo bantu ata vyinshi bashobora gukora bitewe n’uko bitereye mu myaka canke bitewe n’uko badashobora kuva aho bari kubera indwara, akaraba n’abantu ata vyinshi bashobora gukora mu gihe gitoyi kubera indwara ikomeye canke bakomeretse bimwe bikomeye, akaraba ko bazi ya ntunganyo ituma bashobora gutanga raporo y’umurimo ihera ku mwanya w’iminuta 15 canke umwanya ugenda wiyongerako iminuta cumi n’itanitanu, mu gihe badashoboye gukora isaha yuzuye mu kiringo c’ukwezi. (Komite y’Umurimo y’Ishengero ni yo ishinga uwukwiriye kwungukira kuri iyo ntunganyo.) Aritwararika kandi abashizwe muri uwo mugwi bashobora kuba barahororokewe, akihatira kubafasha kugira ngo basubire gukorana n’ishengero.—Luka 15:4-7.
7 Ese ukuntu dukura ubwatsi kubona abacungezi b’inyigisho y’igitabu bagaragaza ubwitwararitsi buranga urukundo! Igihe bitwararika umuntu wese ukwiwe birafasha “[gu]shikira ku kugiriranira ubumwe buva ku kwizera . . . , no ku rugezo rw’ubginshi bg’ukunengesera kwa Kristo.”—Ef. 4:13.