Nusahirize Umucungezi Wanyu w’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero
1 Umwumwe wese muri twebwe araronkera ivyiza vyinshi ku Nyigisho y’Igitabu y’Ishengero. Mu kwezi guheze, twarihweje ingene umucungezi w’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero arangura ibanga ajejwe. Mugabo dushobora gukora iki kugira ngo tumusahirize, gutyo yaba twebwe ubwacu be n’abandi, twese tukahungukira?
2 Nuyitabe ku Ndwi ku Ndwi: Kubera yuko imigwi y’inyigisho z’igitabu iguma ari mitomito, birahambaye ko uba ari ho uri. Niwishingire umugambi wo kuyitaba ku ndwi ku ndwi. Urashobora kandi gufasha mu gushika ku gihe, kubera ko ivyo bituma umucungezi atangura ikoraniro mu buryo buri ku rutonde.—1 Kor. 14:40.
3 Insasanuro Zubaka: Ubundi buryo ushobora gusahirizamwo ni mu kwitegura neza no mu gutanga insasanuro zubaka. Insasanuro zibanda ku ciyumviro kimwe gusa, akenshi usanga ari zo nziza kuruta, kandi ivyo biraremesha abandi gutanga insasanuro. Niwirinde kugerageza guhetura ibintu vyose biri mu ngingo. Nimba mu mayagwa hari iciyumviro kigukora ku mutima, nutume ico kiganiro kirushiriza kuryoha mu gusangira n’abandi iciyumviro cawe ubicishije mu nsasanuro.—1 Pet. 4:10.
4 Nimba ufise agateka ko gusoma ingingo ku neza y’abagize uwo mugwi, gira umwete wo gushitsa iryo banga. Ubusomyi bwiza buri mu bituma inyigisho igenda neza.—1 Tim. 4:13.
5 Gushinga Intahe mu Migwi: Mu bibanza vyinshi inyigisho z’igitabu zigirirwamwo, haragirwa amakoraniro y’umurimo wo mu ndimiro kandi ushigikiye izo ndinganizo, birafasha umucungezi igihe aba imboneza mu gikorwa co kwamamaza injili. Izo ndinganizo nuzibone nk’uturyo two kurushiriza kwiyegereza abavukanyi bawe no kubaremesha.
6 Amaraporo y’Umurimo wo mu Ndimiro: Gutanga raporo yawe y’umurimo wo mu ndimiro uko ukwezi guheze, ni ubundi buryo bwo gusahiriza umucungezi. Woshobora kumwihera raporo yawe canke ukayishira mu gasandugu kagenewe amaraporo y’umurimo kari ku Ngoro y’Ubwami. Umunyamabanga arashobora gukoresha ako gasandugu kugira ngo akorakoranye amaraporo y’umurimo wo mu ndimiro yatororokanijwe n’abacungezi b’inyigisho z’igitabu.
7 Usenyeye ku mugozi umwe n’umucungezi abafasha mu Nyigisho y’Igitabu y’Ishengero, bizokengurukwa. Ikiruta vyose, urashobora guhera amazinda yuko Yehova ‘azoshigikira agatima ugaragaza.’—Flp. 4:23.